Yesaya 8:1-22
8 Yehova ambwira ati: «Tora igisate+ kinini uheze ucandikeko n’ikaramu*, ngo: “Maheri-Shalali-Hashi-Bazi*.”
2 Kandi nipfuza ko ivyabona vyizigirwa, ni ukuvuga umuherezi Uriya+ na Zakariya mwene Yeberekiya, bavyemeza mu nyandiko*.»
3 Maze ndyamana* n’umuhanuzikazi*, na we aribungenga araheza yibaruka umuhungu+. Nuko Yehova ambwira ati: «Numwite Maheri-Shalali-Hashi-Bazi,
4 kuko imbere y’uko uwo muhungu amenya kuvuga ngo: “Dawe” na “Mawe”, itunga ry’i Damasiko n’ivyasahuwe i Samariya bizojanwa imbere y’umwami wa Ashuri+.»
5 Yehova yongera kumbwira ati:
6 «Kubera ko aba bantu banse amazi ya Shilowa* atemba buhorobuhoro+,bagashima Rezini na mwene Remaliya+,
7 jewe Yehova ngira ndabazanekoamazi akomeye kandi menshi ya rwa ruzi runini*,ni ukuvuga umwami wa Ashuri+ n’inkomezi* ziwe zose.
Azokwuzura imigende yose yahora acamwo,arenge inkombe ziwe zose,
8 ace no mu Buyuda.
Azoshwara hose yuzure gushika kw’izosi+.Azosanza amababa yiwe yuzure ubwaguke bw’igihugu cawe,ewe Emanweli*+!»
9 Nimukore ikibi yemwe mahanga, yamara muzojanjagurwa.
Nimutege ugutwi, mwese abo mu mihingo ya kure y’isi.
Nimwitegurire urugamba* yamara muzojanjagurwa+.
Nimwitegurire urugamba yamara muzojanjagurwa.
10 Nimutegure umugambi, ariko uzosamburwa.
Nimuvuge ivyo mushaka, ariko nta co bizoshikako,kuko Imana iri kumwe natwe*+.
11 Ukuboko gukomeye kwa Yehova kwari kuri jewe igihe yamburira ngo sinigane aba bantu. Yambwiye ati:
12 «Ivyo aba bantu bita umugambi mubi, ntimuvyite umugambi mubi.
Ntimutinye ivyo batinyacanke ngo bibajugumize.
13 Yehova Nyeningabo ni we mukwiye kubona ko ari mweranda+,ni we mukwiye gutinya,kandi ni we akwiye kubajugumiza+.»
14 Ubwami bubiri bwo muri Isirayeliazobubera ahantu heranda,mugabo kandi azoba nk’ibuye batsitarakon’igitandara kibagwisha+.Ababa i Yeruzalemu azobaberank’umutego n’umushibuka.
15 Benshi muri bo bazotsitara bagwe, bavunagurike.Bazogwa mu mutego ubacakire.
16 Zinga icemezo canditse,wugare* amategeko*, agume hagati mu bigishwa banje.
17 Nzoguma ndindiriye* Yehova+, umwe yahishije mu maso hiwe abakomoka kuri Yakobo+, kandi nzomwizigira.
18 Raba! Twe n’abana Yehova yampaye+, muri Isirayeli turi nk’ibimenyetso+ n’ibitangaro biva kuri Yehova Nyeningabo, umwe aba ku musozi Siyoni.
19 Kandi nibababwira ngo: «Nimubaze abakora ivyo guhanuza abapfuye* na ba rumenyi bavuga bajwira nk’inyoni bakongorera», muzobikora? Mbega abantu ntibari bakwiye kubaza Imana yabo? Mbega abapfuye ni bo umuntu yobaza ivy’abazima+?
20 Ahubwo bari bakwiye kuraba ico amategeko n’icemezo canditse bivuga.
Bavuze ibidahuye n’ayo majambo nta muco* baba bafise+.
21 Umwe wese azoca mu gihugu amerewe nabi kandi ashonje+. Kubera inzara n’ishavu, azovuma umwami wiwe n’Imana yiwe araba hejuru.
22 Azoca araba hasi, abone gusa amagorwa n’umwiza, umwijima, ibihe bigoye n’umuzimagiza, ata muco uhari.
Utujambo tw'epfo
^ Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «kwihutira kunyaga», «kwirukira isahu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «agasaruzo k’umuntu apfa.» Raba Insiguro y’amajambo (Agasaruzo).
^ Canke «babishingira intahe», «baba amasura.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «negera.»
^ Ni ukuvuga umugore wa Yesaya.
^ Shilowa wari umugende w’amazi.
^ Ni uruzi Efurate.
^ Canke «ubuninahazwa.»
^ Canke «nimukenyere.»
^ Amajambo «Imana iri kumwe natwe» mu giheburayo ni «Imanweli (Emanweli).»
^ Canke «wugaze ishashara, ushireko n’ikidodo.»
^ Canke «inyigisho.»
^ Canke «nzorindirana igishika.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).
^ Mu giheburayo havuga ngo «nta mutwenzi.»