Yesaya 58:1-14
58 «Semerera wivuye inyuma, ntiwitinye.
Duza ijwi ryawe nk’inzamba.
Menyesha abantu banje ubugarariji bwabo+,n’abakomoka kuri Yakobo ibicumuro vyabo.
2 Bandondera uko bukeye uko bwije,bakerekana ko bashaka kumenya inzira zanje,nk’aho umenga ni ihanga ryamye rikora ibigororotse,ritigeze riheba ubutungane bw’Imana yabo+.
Bansaba imanza zigororotse,nk’aho umenga bashaka kwiyegereza Imana+, bakavuga bati:
3 “Kubera iki twisonzesha ntubibone+,
tukibabaza+ ntuvyiteho?”
Ni kubera ko iyo muramutse mwisonzesha, murondera inyungu zanyu bwite*,mugacinyiza abakozi banyu+.
4 Iyo mwisonzesheje muruhira gutongana no kurwana,mugakubitana igipfunsi c’ububisha.
Ntimwokwisonzesha gutyo ngo mwitege ko ijwi ryanyu ryumvikana mw’ijuru.
5 Mbega ukwisonzesha nshima ni ukwo gukwiye kumera?Woba ukwiye kuba umusi wo kwibabaza,wo kwunamika umutwe nk’urukangaga,no kuryama ku magunira no mu minyota?
Ivyo ni vyo wita ukwisonzesha n’umusi uhimbara Yehova?
6 Oya. Ukwisonzesha nshima ni uku:
Ni ugukuraho amapingu y’ububisha,ukabohora imigozi y’ibiti vyo kwikoreza imizigo*+,ukarekura abacinyizwa+,ukavuna ibiti vyose vyo kwikoreza imizigo.
7 Ni ugusangira umukate wawe n’umuntu ashonje+,ukazana mu nzu yawe abakene n’abatagira uburaro,ukambika uwo ubonye ari gusa+,ntiwirengagize mwenewanyu.
8 Umuco wawe uzoheza urase nk’umutwenzi+,nawe ukire ningoga.
Ubugororotsi bwawe buzogendera imbere yawe,ubuninahazwa bwa Yehova na bwo bugendere inyuma yawe bugukingire+.
9 Uzoheza uhamagare, jewe Yehova ndakwitabe.Uzotabaza, mvuge nti: “Ndi hano!”
Niwareka kwikoreza abandi imizigo*,ukareka gutunga agatoke no kuvuga amajambo ababaza+,
10 ugaha uwushonje ico nawe wipfuza+,ugahaza abibabariye,umuco wawe uzoheza ukayangane no mu mwiza,umuzimagiza wawe umere nk’umuco wa sasita+.
11 Yehova azokwama akuyoboraaguhaze no mu gihugu cumye+.Amagufa yawe azoyaha inguvu,ube nk’umurima uvomerewe neza+,nk’isoko ry’amazi ritigera rikama.
12 Ibibanza vyatikijwe kera bazosubira kubikwubakira+,kandi uzosanura imishinge yo mu bihe* vya kera+.
Uzokwitwa uwusanura inzitiro zasambutse*+,n’uwusubiramwo amabarabara y’ahantu abantu bashobora kuba.
13 Niwubahiriza isabato, ukirinda* nturondere inyungu zawe bwite* ku musi wanje mweranda+,isabato ukayita ikintu kiryoshe cane, umusi mweranda wa Yehova, umusi wo kwubahwa+,ukayubaha aho kurondera inyungu zawe bwite canke kuvuga amajambo atagira mvura,
14 uzoheza rero wumve ko jewe Yehova ndyoshe cane.Nanje nzotuma wigarurira* ibibanza bitaramutse vy’isi+.
Nzotuma urya ku ntoranwa* ya sogokuruza Yakobo+,kuko akanwa kanje jewe Yehova ari ko kabivuze.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ibibaryohera.»
^ Canke «y’ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
^ Canke «igiti co kwikoreza imizigo», «ingogo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu mayaruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «igihengeri.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ugasubiza inyuma ikirenge cawe.»
^ Canke «ibikuryohera.»
^ Canke «ugendagenda.»
^ Canke «winovora intoranwa.»