Yesaya 53:1-12

  • Imibabaro y’umusavyi wa Yehova, urupfu rwiwe n’aho yahambwe (1-12)

    • Baramusuzugura, bakamwinuba (3)

    • Yarikoreye indwara zacu n’imibabaro yacu (4)

    • «Nk’intama igiye kubagwa» (7)

    • Yikoreye igicumuro ca benshi (12)

53  Ni nde yizeye ivyo yatwumvanye*+? Ukuboko kwa Yehova+ kwokwo, ni nde kwahishuriwe+?   Azoduga nk’agashami+ imbere yiwe*, nk’umuzi mu gihugu kigadutse. Nta bwiza butangaje afise, eka nta n’ubwiza buhebuje afise+.Kandi tumubonye, ukuntu asa ntigutuma tumushima*.   Abantu baramusuzugura, bakamwinuba+.Yari umuntu agenewe gushikirwa n’imibabaro*, kandi azi indwara ico ari co. Wamenga mu maso hiwe hari hanyegejwe ntituhabone*. Yarasuzugurwa, tukamubona nk’aho ata co amaze+.   Vy’ukuri, we ubwiwe yarikoreye indwara zacu+,yiremeka imibabaro yacu+. Mugabo twamubona nk’uwatejwe ivyago, nk’uwakubiswe n’Imana, nk’uwatejwe amarushwa.   Mugabo yaracumiswe+ azira ibicumuro vyacu+.Yarajanjaguwe azira amakosa yacu+. Yaremeye guhanwa kugira turonke amahoro+,kandi kubera ibikomere vyiwe twarakize+.   Twese twari twarazimiye nk’intama+,umwe wese ajana inzira yiwe,kandi Yehova yamuremetse ikosa ryacu twese+.   Yaracinyizwa+, akemera gutezwa amarushwa+,ariko ntakureko umunwa. Yazanywe nk’intama igiye kubagwa+,nk’intama y’ingore yinumiye imbere y’abayimwa ubwoya,ntakureko umunwa+.   Yaracinyijwe, bamukuraho bamuciriye urwa ngondagonde.Ni nde azokwitaho ido n’ido ry’amamuko yiwe*? Kuko yakuwe mu gihugu c’abazima+.Yarakubiswe* azira ibicumuro vy’abantu banje+.   Naho ata kosa* yari yarakozekandi mu kanwa kiwe ntihaboneke ububeshi+,yahawe imva* mu babisha+,ahambwa mu batunzi*+. 10  Mugabo Yehova ni we yashatse kumujanjagura*, kandi yaramuretse ararwara. Niwatanga ubuzima bwiwe nk’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+,azobona uruvyaro* rwiwe, arambe+.Biciye kuri we, ivyo Yehova agomba* bizoranguka+. 11  Niyamara kubabazwa*, azohimbarwa n’ivyo abonye. Biciye ku vyo umusavyi wanje agororotse yize*+,azotuma abantu benshi babonwa ko bagororotse+,kandi amakosa yabo azoyikorera+. 12  Ni co gituma nzomuha umugabane muri benshi,kandi azogabangana isahu n’abanyabubasha,kubera ko yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu+,agaharurwa mu bacumuzi+.Yikoreye igicumuro c’abantu benshi+,aburanira abacumuzi+.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ivyo twumvise.»
Mu mvugo ngo «imbere yiwe», uwuvugwa ashobora kuba ari umuntu ariko aravyitegereza canke akaba ari Imana.
Canke «nta kintu kidasanzwe cotuma tumwipfuza turavye ukuntu asa.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yari ameze nk’umuntu babona bakaraba hirya.»
Canke «atahura imibabaro.»
Canke «ry’ukuntu yari abayeho.» Mu giheburayo havuga ngo «ry’iyaruka ryiwe.»
Canke «yarishwe.»
Canke «ata kibi.»
Canke «azomuha imva.»
Mu giheburayo havuga ngo «hamwe n’umutunzi.»
Canke «ibihimbara Yehova.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «yahimbawe no kumujanjagura.»
Canke «kubera ivyago vyiwe.»
Canke «biciye ku bumenyi bw’umusavyi wanje agororotse.»