Yesaya 53:1-12
53 Ni nde yizeye ivyo yatwumvanye*+?
Ukuboko kwa Yehova+ kwokwo, ni nde kwahishuriwe+?
2 Azoduga nk’agashami+ imbere yiwe*, nk’umuzi mu gihugu kigadutse.
Nta bwiza butangaje afise, eka nta n’ubwiza buhebuje afise+.Kandi tumubonye, ukuntu asa ntigutuma tumushima*.
3 Abantu baramusuzugura, bakamwinuba+.Yari umuntu agenewe gushikirwa n’imibabaro*, kandi azi indwara ico ari co.
Wamenga mu maso hiwe hari hanyegejwe ntituhabone*.
Yarasuzugurwa, tukamubona nk’aho ata co amaze+.
4 Vy’ukuri, we ubwiwe yarikoreye indwara zacu+,yiremeka imibabaro yacu+.
Mugabo twamubona nk’uwatejwe ivyago, nk’uwakubiswe n’Imana, nk’uwatejwe amarushwa.
5 Mugabo yaracumiswe+ azira ibicumuro vyacu+.Yarajanjaguwe azira amakosa yacu+.
Yaremeye guhanwa kugira turonke amahoro+,kandi kubera ibikomere vyiwe twarakize+.
6 Twese twari twarazimiye nk’intama+,umwe wese ajana inzira yiwe,kandi Yehova yamuremetse ikosa ryacu twese+.
7 Yaracinyizwa+, akemera gutezwa amarushwa+,ariko ntakureko umunwa.
Yazanywe nk’intama igiye kubagwa+,nk’intama y’ingore yinumiye imbere y’abayimwa ubwoya,ntakureko umunwa+.
8 Yaracinyijwe, bamukuraho bamuciriye urwa ngondagonde.Ni nde azokwitaho ido n’ido ry’amamuko yiwe*?
Kuko yakuwe mu gihugu c’abazima+.Yarakubiswe* azira ibicumuro vy’abantu banje+.
9 Naho ata kosa* yari yarakozekandi mu kanwa kiwe ntihaboneke ububeshi+,yahawe imva* mu babisha+,ahambwa mu batunzi*+.
10 Mugabo Yehova ni we yashatse kumujanjagura*, kandi yaramuretse ararwara.
Niwatanga ubuzima bwiwe nk’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+,azobona uruvyaro* rwiwe, arambe+.Biciye kuri we, ivyo Yehova agomba* bizoranguka+.
11 Niyamara kubabazwa*, azohimbarwa n’ivyo abonye.
Biciye ku vyo umusavyi wanje agororotse yize*+,azotuma abantu benshi babonwa ko bagororotse+,kandi amakosa yabo azoyikorera+.
12 Ni co gituma nzomuha umugabane muri benshi,kandi azogabangana isahu n’abanyabubasha,kubera ko yasutse ubuzima bwiwe gushika ku rupfu+,agaharurwa mu bacumuzi+.Yikoreye igicumuro c’abantu benshi+,aburanira abacumuzi+.
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ivyo twumvise.»
^ Mu mvugo ngo «imbere yiwe», uwuvugwa ashobora kuba ari umuntu ariko aravyitegereza canke akaba ari Imana.
^ Canke «nta kintu kidasanzwe cotuma tumwipfuza turavye ukuntu asa.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «yari ameze nk’umuntu babona bakaraba hirya.»
^ Canke «atahura imibabaro.»
^ Canke «ry’ukuntu yari abayeho.» Mu giheburayo havuga ngo «ry’iyaruka ryiwe.»
^ Canke «yarishwe.»
^ Canke «ata kibi.»
^ Canke «azomuha imva.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «hamwe n’umutunzi.»
^ Canke «ibihimbara Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Canke «yahimbawe no kumujanjagura.»
^ Canke «kubera ivyago vyiwe.»
^ Canke «biciye ku bumenyi bw’umusavyi wanje agororotse.»