Yesaya 56:1-12
56 Yehova avuze ati:
«Nimukurikize ubutungane+, mukore ibigororotse,kuko ubukiriro bwanje bugira bushike,n’ubugororotsi bwanje bukaba bugira buhishurwe+.
2 Hahiriwe umuntu akora ivyo,n’umwana w’umuntu avyumirako,akubahiriza isabato ntayihumanye+,akarinda ukuboko kwiwe ngo ntigukore ikibi na kimwe.
3 Umunyamahanga yifatanije na Yehova+ ntakwiye kuvuga ngo:“Yehova ntazobura kuntandukanya n’abantu biwe.”
N’inkone ntikwiye kuvuga ngo: “Erega ndi igiti cumye.”»
4 Ku bijanye n’inkone zubahiriza amasabato yanje, zigahitamwo ibimpimbara kandi zikumira kw’isezerano ryanje, jewe Yehova mvuze nti:
5 «Nzoziha icibutso n’izina mu nzu yanje no mu bigo vyanje,ikintu ciza kuruta kugira abahungu n’abakobwa.
Nzoziha izina ryamaho,izina ritazovaho.
6 Nayo abanyamahanga bifatanije na jewe Yehova kugira bankorere,bakunde izina ryanje, jewe Yehova+,bongere babe abasavyi banje,emwe, abo bose bubahiriza isabato ntibayihumanye,bakumira kw’isezerano ryanje,
7 na bo nyene nzobazana ku musozi wanje mweranda+,ndabanezereze mu nzu yanje yo gusengeramwo.
Amashikanwa yabo aturirwa uko yakabaye be n’ibimazi vyabo, bizokwemerwa ku gicaniro canje,
kuko inzu yanje izokwitwa inzu isengerwamwo n’amahanga yose+.»
8 Umukama Segaba Yehova, umwe ariko akoraniriza hamwe abashwiragiye ba Isirayeli+, avuze ati:
«Nzokoraniriza kuri we abandi uretse abari bamaze gukoranywa+.»
9 Nimuze murye yemwe bikoko vyo mw’ishamba mwese,namwe bikoko vyo mu kibira mwese+.
10 Inderetsi ziwe ni impumyi+, nta n’umwe muri bo yagize ico yitaho+.
Bose ni imbwa z’ibiragi, zidashobora gukuga+.
Barahezagirika, bakiryamira. Bakunda kwisinzirirako.
11 Ni imbwa z’ameru akaze.Ntibigera bahaga.
Ni abungere badategera+.
Bose bajanye inzira yabo bwite.Umwe wese yironderera inyungu mbi, akavuga ati:
12 «Nimuze! Reka nzane akavinyu,tunywe akayoga kadushike+.
N’ejo hazoba ari heza nk’uno musi, mbere harushirize.»