Yesaya 56:1-12

  • Abanyamahanga n’inkone bazoronka imihezagiro (1-8)

    • Inzu isengerwamwo na bose (7)

  • Inderetsi zihumye, imbwa z’ibiragi (9-12)

56  Yehova avuze ati: «Nimukurikize ubutungane+, mukore ibigororotse,kuko ubukiriro bwanje bugira bushike,n’ubugororotsi bwanje bukaba bugira buhishurwe+.   Hahiriwe umuntu akora ivyo,n’umwana w’umuntu avyumirako,akubahiriza isabato ntayihumanye+,akarinda ukuboko kwiwe ngo ntigukore ikibi na kimwe.   Umunyamahanga yifatanije na Yehova+ ntakwiye kuvuga ngo:“Yehova ntazobura kuntandukanya n’abantu biwe.” N’inkone ntikwiye kuvuga ngo: “Erega ndi igiti cumye.”»  Ku bijanye n’inkone zubahiriza amasabato yanje, zigahitamwo ibimpimbara kandi zikumira kw’isezerano ryanje, jewe Yehova mvuze nti:   «Nzoziha icibutso n’izina mu nzu yanje no mu bigo vyanje,ikintu ciza kuruta kugira abahungu n’abakobwa. Nzoziha izina ryamaho,izina ritazovaho.   Nayo abanyamahanga bifatanije na jewe Yehova kugira bankorere,bakunde izina ryanje, jewe Yehova+,bongere babe abasavyi banje,emwe, abo bose bubahiriza isabato ntibayihumanye,bakumira kw’isezerano ryanje,   na bo nyene nzobazana ku musozi wanje mweranda+,ndabanezereze mu nzu yanje yo gusengeramwo. Amashikanwa yabo aturirwa uko yakabaye be n’ibimazi vyabo, bizokwemerwa ku gicaniro canje, kuko inzu yanje izokwitwa inzu isengerwamwo n’amahanga yose+  Umukama Segaba Yehova, umwe ariko akoraniriza hamwe abashwiragiye ba Isirayeli+, avuze ati: «Nzokoraniriza kuri we abandi uretse abari bamaze gukoranywa+   Nimuze murye yemwe bikoko vyo mw’ishamba mwese,namwe bikoko vyo mu kibira mwese+. 10  Inderetsi ziwe ni impumyi+, nta n’umwe muri bo yagize ico yitaho+. Bose ni imbwa z’ibiragi, zidashobora gukuga+. Barahezagirika, bakiryamira. Bakunda kwisinzirirako. 11  Ni imbwa z’ameru akaze.Ntibigera bahaga. Ni abungere badategera+. Bose bajanye inzira yabo bwite.Umwe wese yironderera inyungu mbi, akavuga ati: 12  «Nimuze! Reka nzane akavinyu,tunywe akayoga kadushike+. N’ejo hazoba ari heza nk’uno musi, mbere harushirize.»

Utujambo tw'epfo