IKIBAZO CA 13

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gukora?

«Mbega uramaze kubona umuntu w’umuhanga mu gikorwa ciwe? Azohagarara imbere y’abami, ntazohagarara imbere y’abantu basanzwe.»

Imigani 22:29

«Uwiba ntiyongere kwiba, ahubwo nakore cane, akoreshe amaboko yiwe igikorwa ciza, kugira aronke ico afashisha uwuri n’ivyo akenye.»

Abanyefeso 4:28

«Umuntu wese akwiye kurya, akanywa kandi agahimbarirwa ibikorwa vyiwe vyose yabiriye akuya. Iyo ni ingabire y’Imana.»

Umusiguzi 3:13