Yesaya 50:1-11

  • Isirayeli yakwegewe n’ibicumuro vyayo (1-3)

  • Umusavyi wa Yehova agamburuka (4-11)

    • Ururimi rw’abigishwa, n’ugutwi kwabo (4)

50  Yehova avuze ati: «Urupapuro rwo kwahukana+ nahaye nyoko wanyu igihe namwirukana ruri hehe? Canke noba narabagurishije ngo ndihe abo mperaniye? Raba! Amakosa yanyu+ ni yo yatumye mugurishwa,kandi ibicumuro vyanyu ni vyo vyatumye nyoko wanyu yirukanwa+.   Kubera iki none ata n’umwe yari ahari igihe naza? Kubera iki ata n’umwe yitavye igihe nahamagara+? Mbega ukuboko kwanje kwoba ari kugufi ku buryo kudashobora gucungura?Canke nta bubasha mfise bwo kurokora+? Raba! Ndakankamira ikiyaga kikuma+.Ntuma inzuzi zihinduka ubugaragwa+. Amafi ariyo arabora kubera ata mazi,akicwa n’inyota.   Ijuru ndaryambika umwiza+,nkaripfuka igunira.»   Umukama Segaba Yehova yampaye ururimi rw’abigishwa*+,ngo menye ingene nishura* neza*+ uwurushe. Ankangura uko bukeye,agakangura ugutwi kwanje ngo numvirize nk’abigishwa+.   Umukama Segaba Yehova yuguruye ugutwi kwanje,nanje sinagarariza+. Kandi sinaravye hirya+.   Umugongo wanje nawuhaye abankubita,amatama yanje ndayaha abanshikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije abantetereza n’abancirako amate+.   Mugabo Umukama Segaba Yehova azontabara+. Ni co gituma ntazoteterwa. Ni co gituma mu maso hanje nahakomeje nk’ibuye ry’isare+,kandi ndazi ko ntazomaramara.   Uwunyita umugororotsi ari hafi. Ni nde yonyagiriza*+? Naze duhagararane*. Ni nde amburanya? Naze hafi yanje.   Raba! Umukama Segaba Yehova azontabara. Ni nde yovuga ko nagirwa n’icaha? Raba! Bose bazoshira nk’impuzu. Agakoko* kazobarya kabamare. 10  Muri mwebwe ni nde atinya Yehova,akumviriza ijwi ry’umusavyi wiwe+? Ni nde yagendeye mu mwiza w’umuzitanya ahatagira umuco namba? Niyizigire izina rya Yehova, yishimikize Imana yiwe. 11  «Raba! Mwese abadomeka umuriromugatuma amasase ataragurika,nimugendere mu muco w’umuriro wanyuno hagati mu masase mwakije. Iki ni co gihano nzobaha: muzoryama mwishwe n’umubabaro.

Utujambo tw'epfo

Canke «ururimi rwamenyerejwe neza.»
Mu giheburayo havuga ngo «menye ijambo nishura.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nkomeza.»
Canke «yonigana nanje.»
Canke «duhangane.»
Ni ubwoko bw’agakoko kaguruka karya impuzu.