Yesaya 57:1-21

  • Umugororotsi n’abantu b’intahemuka barazimangana (1, 2)

  • Ubuhemu bwa Isirayeli bushirwa ahabona (3-13)

  • Uruhoza ku baciye bugufi (14-21)

    • Ababisha bameze nk’ikiyaga gisebagirika (20)

    • Nta mahoro ku babisha (21)

57  Umugororotsi arazimanganantihagire uwuvyitaho. Abantu b’intahemuka barakurwaho*+,ntihagire n’umwe atahurayuko umugororotsi yakuweho kubera* ivyago.   Yironkera amahoro. Abagendera mu bugororotsi bose baruhukira ku bitanda vyabo*.   «Mugabo mwebwe nimwegere ng’aha,mwa bana b’umupfumukazi mwe,mwebwe mwavyawe n’umusambanyi n’umumaraya:   Muriko mushinyagurira nde? Ko mwataburuye umunwa, mugasohora ururimi, muriko mubigirira nde? Mbega ntimuri abana b’abacumuzin’abanyabinyoma+,   bamwe barurumba inambu y’umubiri mu biti binini+,munsi y’igiti cose gitotahaye+,bagakererera abana mu myonga*+,munsi y’amabuye y’urutare yasadutse?   Umugabane wawe uri mu mabuye asenye yo mu mwonga*+. Ni yo ntoranwa yawe. Na yo nyene uyasukira amashikanwa y’ibinyobwa, ukayazanira ingabire+. Mbega ivyo bintu nobishima*?   Wateguye igitanda cawe ku musozi muremure kandi utaramutse+,ujayo gutanga ibimazi+.   Icibutso* cawe wagiteretse inyuma y’umuryango n’igishimaryango. Warantaye wikura agashambara,uraduga, wagura igitanda cawe. Wagiranye isezerano na bo. Washimye kuryamana na bo+,witegereza igihimba c’irondoka c’abagabo*.   Waramanutse uja kwa Meleki* ufise amavuta,n’ayandi mavuta menshi amota*. Warungitse intumwa zawe kure,ku buryo umanuka ugashika mu kuzimu. 10  Waracumukuye uca mu nzira nyinshi,mugabo ntiwibwiye uti: “Nta kizovamwo!” Wararonse izindi nguvu, ni co gituma udaheba*. 11  Ni nde watinye, ukaranduka umutima,bigatuma utangura kubesha+? Ntiwanyibutse+. Nta na kimwe washize ku mutima+. Sinagumye ninumiye nkakinjura*+? Ni co gituma utantinye. 12  Nzomenyesha ivyitwa ngo ni ubugororotsi bwawe+ be n’ivyo ukora+,kandi nta co bizokumarira+. 13  Niwatabaza,ibigirwamana warundanije ntibizogukiza+. Umuyaga uzobitwara vyose,mbere n’impemu zisanzwe zibigurure.Mugabo uwumpungirako azotorana igihugu,yigarurire umusozi wanje mweranda+. 14  Hari uwuzovuga ngo: “Nimwubake, nimwubake ibarabara. Nimutegure inzira+. Nimukure intambamyi zose mu nzira y’abantu banje.”» 15  Kuko Umwe ari hejuru kandi arengeye vyose,wa wundi abaho ibihe bidahera+ akaba afise izina ryeranda+, avuze ati: «Aho mba ni hejuru kandi ni heranda+.Ariko kandi mbana n’abajanjaguritse bafise umutima uciye bugufi,kugira ngo mpembure umutima w’abaciye bugufin’uw’abajanjaguritse+. 16  Kuko ntazoguma ndabarwanya ibihe vyose,canke ngo ngume nshavuye+.Ahandiho abantu* bocika intege kubera jewe+,emwe ibiremwa vyose bihumeka naremye. 17  Naramushavuriye kubera icaha co kurondera inyungu mbi+.Ni co gituma nashavuye ndamuhana, nyegeza mu maso hanje. Mugabo yagumye yigenza nk’umuhemu+, akurikira umutima wiwe. 18  Narabonye inzira ziwe,ariko nzomukiza+ ndamuyobore+.Nzosubira kumuhoza*+, mpoze n’abiwe bagandaye+ 19  Yehova avuze ati: «Ndiko ndarema amajambo y’ishemezo*. Uwuri kure n’uwuri hafi, bose bazoronka amahoro yamaho+,kandi nzobakiza. 20  Mugabo ababisha bameze nk’ikiyaga kiguma gisebagirika, ntigitekane.Amazi yaco aguma azikurura ivyatsi vyo mu kiyaga n’urwondo.» 21  «Nta mahoro ku babisha+», ni ko Imana yanje ivuze.

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yakuweho agakira.»
Canke «baricwa.»
Ni ukuvuga mu mva.
Canke «mu mibande.»
Canke «vyotuma nihumuriza.»
Canke «mu mubande.»
Gishobora kuba ari ishusho ijanye n’ugusenga kw’ikinyoma.
Bishobora kuba vyerekeza ku gukoresha amashusho y’igihimba c’irondoka c’abagabo mu gusenga kw’ikinyoma.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ku mwami.»
Canke «n’amaparufe menshi.»
Mu giheburayo havuga ngo «utaruha.»
Canke «nkanyegeza ibintu.»
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu.»
Canke «nzomuha inshumbusho y’uruhoza.»
Mu giheburayo havuga ngo «icamwa c’iminwa.»