Yesaya 57:1-21
57 Umugororotsi arazimanganantihagire uwuvyitaho.
Abantu b’intahemuka barakurwaho*+,ntihagire n’umwe atahurayuko umugororotsi yakuweho kubera* ivyago.
2 Yironkera amahoro.
Abagendera mu bugororotsi bose baruhukira ku bitanda vyabo*.
3 «Mugabo mwebwe nimwegere ng’aha,mwa bana b’umupfumukazi mwe,mwebwe mwavyawe n’umusambanyi n’umumaraya:
4 Muriko mushinyagurira nde?
Ko mwataburuye umunwa, mugasohora ururimi, muriko mubigirira nde?
Mbega ntimuri abana b’abacumuzin’abanyabinyoma+,
5 bamwe barurumba inambu y’umubiri mu biti binini+,munsi y’igiti cose gitotahaye+,bagakererera abana mu myonga*+,munsi y’amabuye y’urutare yasadutse?
6 Umugabane wawe uri mu mabuye asenye yo mu mwonga*+.
Ni yo ntoranwa yawe.
Na yo nyene uyasukira amashikanwa y’ibinyobwa, ukayazanira ingabire+.
Mbega ivyo bintu nobishima*?
7 Wateguye igitanda cawe ku musozi muremure kandi utaramutse+,ujayo gutanga ibimazi+.
8 Icibutso* cawe wagiteretse inyuma y’umuryango n’igishimaryango.
Warantaye wikura agashambara,uraduga, wagura igitanda cawe.
Wagiranye isezerano na bo.
Washimye kuryamana na bo+,witegereza igihimba c’irondoka c’abagabo*.
9 Waramanutse uja kwa Meleki* ufise amavuta,n’ayandi mavuta menshi amota*.
Warungitse intumwa zawe kure,ku buryo umanuka ugashika mu kuzimu.
10 Waracumukuye uca mu nzira nyinshi,mugabo ntiwibwiye uti: “Nta kizovamwo!”
Wararonse izindi nguvu,
ni co gituma udaheba*.
11 Ni nde watinye, ukaranduka umutima,bigatuma utangura kubesha+?
Ntiwanyibutse+.
Nta na kimwe washize ku mutima+.
Sinagumye ninumiye nkakinjura*+?
Ni co gituma utantinye.
12 Nzomenyesha ivyitwa ngo ni ubugororotsi bwawe+ be n’ivyo ukora+,kandi nta co bizokumarira+.
13 Niwatabaza,ibigirwamana warundanije ntibizogukiza+.
Umuyaga uzobitwara vyose,mbere n’impemu zisanzwe zibigurure.Mugabo uwumpungirako azotorana igihugu,yigarurire umusozi wanje mweranda+.
14 Hari uwuzovuga ngo: “Nimwubake, nimwubake ibarabara. Nimutegure inzira+.
Nimukure intambamyi zose mu nzira y’abantu banje.”»
15 Kuko Umwe ari hejuru kandi arengeye vyose,wa wundi abaho ibihe bidahera+ akaba afise izina ryeranda+, avuze ati:
«Aho mba ni hejuru kandi ni heranda+.Ariko kandi mbana n’abajanjaguritse bafise umutima uciye bugufi,kugira ngo mpembure umutima w’abaciye bugufin’uw’abajanjaguritse+.
16 Kuko ntazoguma ndabarwanya ibihe vyose,canke ngo ngume nshavuye+.Ahandiho abantu* bocika intege kubera jewe+,emwe ibiremwa vyose bihumeka naremye.
17 Naramushavuriye kubera icaha co kurondera inyungu mbi+.Ni co gituma nashavuye ndamuhana, nyegeza mu maso hanje.
Mugabo yagumye yigenza nk’umuhemu+, akurikira umutima wiwe.
18 Narabonye inzira ziwe,ariko nzomukiza+ ndamuyobore+.Nzosubira kumuhoza*+, mpoze n’abiwe bagandaye+.»
19 Yehova avuze ati: «Ndiko ndarema amajambo y’ishemezo*.
Uwuri kure n’uwuri hafi, bose bazoronka amahoro yamaho+,kandi nzobakiza.
20 Mugabo ababisha bameze nk’ikiyaga kiguma gisebagirika, ntigitekane.Amazi yaco aguma azikurura ivyatsi vyo mu kiyaga n’urwondo.»
21 «Nta mahoro ku babisha+», ni ko Imana yanje ivuze.
Utujambo tw'epfo
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «yakuweho agakira.»
^ Canke «baricwa.»
^ Ni ukuvuga mu mva.
^ Canke «mu mibande.»
^ Canke «vyotuma nihumuriza.»
^ Canke «mu mubande.»
^ Gishobora kuba ari ishusho ijanye n’ugusenga kw’ikinyoma.
^ Bishobora kuba vyerekeza ku gukoresha amashusho y’igihimba c’irondoka c’abagabo mu gusenga kw’ikinyoma.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ku mwami.»
^ Canke «n’amaparufe menshi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «utaruha.»
^ Canke «nkanyegeza ibintu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «impwemu.»
^ Canke «nzomuha inshumbusho y’uruhoza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «icamwa c’iminwa.»