A3

Ukuntu Bibiliya yadushikiriye

Uwo Bibiliya ikomokako ni na we ayizigama. Ni we yandikishije aya majambo agira ati:

«Ijambo ry’Imana yacu ryamaho ibihe vyose.»Yesaya 40:8.

Ayo majambo ni ay’ukuri, naho muri iki gihe tutagifise ivyandikano vya Bibiliya vyo mu ntango vyo mu giheburayo, mu giharameya a canke mu kigiriki. None twokwemezwa n’iki ko igisomwa ca Bibiliya c’ubu gihuye neza n’igisomwa cahumetswe mu ntango?

ABIMUZI BARAZIGAMYE IJAMBO RY’IMANA

Ku bijanye n’Ivyanditswe vy’igiheburayo, kimwe mu bibitwemeza ni ikintu Imana yari yarategetse kera c’uko igisomwa gikwiye kwimurwa b. Nk’akarorero, Yehova yategetse abami b’Abisirayeli kwiyimurira mu gitabu amategeko yabahaye. (Gusubira mu vyagezwe 17:18) Vyongeye, Imana yashinze Abalewi igikorwa co kuzigama ayo mategeko no kuyigisha abantu. (Gusubira mu vyagezwe 31:26; Nehemiya 8:7) Abayuda bamaze kuva mu bunyagano i Babiloni, harabonetse umugwi w’abimuzi canke abanditsi. Babita Abasoferimu. (Ezira 7:6, utujambo tw’epfo) Mu myaka n’iyindi, abo bimuzi baranditse amakopi atari make ya vya bitabu 39 bigize Ivyanditswe vy’igiheburayo.

Mu binjana n’ibindi, abimuzi bagiye barimura ivyo bitabu bavyitondeye. Mu kiringo co hagati y’ikinjana ca 5 n’ica 15 inyuma ya Kristu, abimuzi b’Abayuda bitwa Abamasoreti barashishikaye ico gikorwa. Icandikano c’iminwe cuzuye ca kera cane kuruta ibindi canditswe n’Abamasoreti citwa Codex de Leningrad. Canditswe mu 1008 canke mu 1009 inyuma ya Kristu. Ariko amaja hagati mu kinjana ca 20, hari ivyandikano 220 vy’iminwe vya Bibiliya bikwiye canke uduce twavyo vyabonetse muri ya mizingo yo ku kiyaga c’Umunyu. Ivyo vyandikano vy’iminwe vya Bibiliya vyasumvya imyaka irenga 1.000 ya Codex de Leningrad. Umuntu agereranije igisomwa co mu mizingo yo ku kiyaga c’Umunyu n’ico muri Codex de Leningrad, hari ikintu gihambaye aca abona: naho hari amajambo yo mu mizingo yo ku kiyaga c’Umunyu atandukanye n’ayo muri Codex de Leningrad, nta co bihindura ku butumwa burimwo.

Tuvuge iki ku bijanye n’ibitabu 27 bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki? Ivyo bitabu vyatanguye kwandikwa na bamwe mu ntumwa za Yezu Kristu be n’abandi bigishwa bakeyi bo mu ntango. Cokimwe n’abimuzi b’Abayuda, abakirisu bo mu ntango na bo nyene baza barimura ivyo bitabu. (Abakolosayi 4:16) Naho umwami w’abami w’Umuroma yitwa Dioclétien hamwe n’abandi bagerageje kuzimanganya ibitabu vyose vy’abakirisu bo mu ntango, hari ivyandikano ibihumbi n’ibihumbi vy’iminwe bikwiye canke uduce twavyo vyazigamwe gushika n’ubu.

Ibitabu vyanditswe n’abakirisu vyarashizwe no mu zindi ndimi. Zimwe mu ndimi za kera Bibiliya yatanguye guhindurwamwo ni ikinyarumeniya, igikobute (copte), ikinyetiyopiya, ikinyajeworojiya, ikilatini n’igisiriyake.

KUMENYA IGISOMWA C’IGIHEBURAYO N’IC’IKIGIRIKI VYOFATIRWAKO MU GUHINDURA

Ivyandikano vy’iminwe vya Bibiliya vya kera, vyose ntibirimwo amajambo asa ijana kw’ijana. Twoshobora gute none kumenya ivyari mu gisomwa co mu ntango?

Dufate ko umwigisha asavye abanyeshure 100 ngo bimure ikigabane kanaka co mu gitabu. Naho urupapuro rw’ico kigabane rwotakara, woshobora kumenya ivyarimwo ugereranije ayo makopi 100 bimuye. Naho hari abanyeshure vyoshika bakihenda mu kwimura, nawe ntu bose ntibokwandika amakosa amwe. Abahinga na bo nyene iyo bagereranije amakopi ibihumbi ariho y’ibitabu vya Bibiliya vya kera, yaba ayakwiye canke uduce twayo, barashobora kubona aho umwimuzi yihenze, gutyo bakamenya ingene igisomwa co mu ntango cavuga.

«Twoshobora kwemeza neza ko ata kindi gitabu na kimwe ca kera cagiye kirimurwa mu buryo bwitondewe ukuraho.»

Twoba twokwizera yuko ivyiyumviro vyo mu gisomwa ca Bibiliya dufise ubu bihuye neza n’ivyo mu gisomwa ca Bibiliya co mu ntango? Ku bijanye n’igisomwa c’Ivyanditswe vy’igiheburayo, umuhinga yitwa William H. Green yavuze ati: «Twoshobora kwemeza neza ko ata kindi gitabu na kimwe ca kera cagiye kirimurwa mu buryo bwitondewe ukuraho.» Nayo ku bijanye n’Ivyanditswe vy’ikigiriki bikunze kwitwa Isezerano rishasha, umuhinga mu vya Bibiliya yitwa F. F. Bruce yanditse ati: «Ibimenyamenya vy’uko ivyanditswe dufise vyo mw’Isezerano rishasha ari ivy’ukuri, ni vyinshi cane kuruta ibimenyamenya vyerekana ko ibitabu vyinshi vyanditswe n’abanditsi bakomeye ba kera ari ivy’ukuri, kandi ivyo bitabu nta n’uwurota avuga ko atari ivy’ukuri.» Yongeyeko ati: «Iyaba Isezerano rishasha ryari rigizwe n’ibitabu vyanditswe n’abantu, abantu bose muri rusangi bokwemeye ko ivyo bitabu ari ivy’ukuri.»

Yesaya ikigabane ca 40 mu mizingo yo ku kiyaga c’Umunyu (yo mu mwaka wa 125 gushika mu wa 100 imbere ya Kristu)

Baragereranije iyi mizingo n’ivyandikano vy’iminwe vy’igiheburayo vyanditswe nk’imyaka 1.000 inyuma yayo, basanga bitandukaniye ku tuntu dutoduto gusa, tujanye canecane n’inyandiko.

Yesaya ikigabane ca 40 muri Codex d’Alep. Ni icandikano c’iminwe c’igiheburayo gihambaye canditswe n’Abamasoreti nko mu 930 inyuma ya Kristu.

Igisomwa c’igiheburayo: Bibiliya y’isi nshasha y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yo mu congereza (1953-1960) yari ishingiye kuri Bibiliya yitwa Biblia Hebraica yasohowe na Rudolf Kittel. Kuva ico gihe, harabonetse Bibiliya yitwa Biblia Hebraica Stuttgartensia n’iyitwa Biblia Hebraica Quinta zirimwo igisomwa c’igiheburayo caryohowe. Ico gisomwa kirimwo amakuru yavuye mu bushakashatsi bwagizwe kuri ya mizingo yo ku kiyaga c’Umunyu no ku bindi vyandikano vy’iminwe vya kera. Izo Bibiliya zateguwe n’abahinga, mu gisomwa nyamukuru zisubiramwo igisomwa ca Codex de Leningrad, zigakoresha n’utujambo tw’epfo twerekana ukuntu ico gisomwa kivugitse mu bindi bitabu. Ivyo bitabu ni nka Pantateki y’Abasamariya, imizingo yo ku kiyaga c’Umunyu, ya Bibiliya yo mu kigiriki yitwa Septante, ibisomwa vyo mu giharameya (Targums), Bibiliya yo mu kilatini yitwa Vulgate be n’iyo mu gisiriyake yitwa Peshitta. Igihe Bibiliya y’isi nshasha (mu congereza) yariko irasubirwamwo, abayiteguye barisunze Biblia Hebraica Stuttgartensia na Biblia Hebraica Quinta.

Igisomwa c’ikigiriki: Amaja mu mpera y’ikinjana ca 19, umuhinga yitwa B. F. Westcott n’uwitwa F.J.A. Hort baragereranije ivyandikano vya Bibiliya vy’iminwe vyari bihari, bimwe bikaba vyari bikwiye, ibindi na vyo ari ibice. Ivyo vyarabafashije gutunganya igisomwa mfatirwako babona ko gihuye cane n’ivyandikano vyo mu ntango. Amaja hagati y’ikinjana ca 20, Komite ijejwe guhindura Bibiliya y’isi nshasha yarishimikije ico gisomwa mfatirwako mu guhindura Bibiliya y’isi nshasha. Yarisunze n’ibindi vyandikano biri ku mpapuro z’urufunzo vyiyumvirwa ko ari ivyo mu kinjana ca kabiri n’ica gatatu inyuma ya Kristu. Kuva ico gihe harabonetse n’ibindi vyandikano biri ku mpapuro z’urufunzo. Vyongeye, hari ibindi bisomwa mfatirwako birimwo amakuru yavuye mu bushakashatsi abahinga baheruka kugira, nk’ibisomwa vya Nestle na Aland be n’ivy’urunani rw’amashirahamwe y’ivya Bibiliya (Alliance biblique universelle). Bimwe mu vyavuye muri ubwo bushakashatsi vyarashizwe muri iyi Bibiliya yasubiwemwo.

Twisunze ivyo bisomwa mfatirwako, vyaragaragaye ko imirongo imwimwe yo mu Vyanditswe vy’ikigiriki dusanga muri Bibiliya zimwezimwe za kera (nk’iyitwa King James) yongeweko mu nyuma n’abagiye barimura igisomwa, kandi ko iyo mirongo itigeze iboneka mu Vyanditswe vyahumetswe. Muri Bibiliya nyinshi, kuri iyo mirongo nta gisomwa kirimwo, mugabo iyindi mirongo yose ikurikirana hisunzwe urutonde rwemewe rwashinzwe mu kinjana ca 16. Iyo mirongo itagira igisomwa ni Matayo 17:21; 18:11; 23:14; Mariko 7:16; 9:44, 46; 11:26; 15:28; Luka 17:36; 23:17; Yohani 5:4; Ivyakozwe 8:37; 15:34; 24:7; 28:29 n’Abaroma 16:24. Muri iyi Bibiliya yasubiwemwo, iyo mirongo usanga iriko akanyenyeri n’agakwego.

Ku bijanye n’insozero ndende ya Mariko 16 (umurongo wa 9-20), insozero ngufi y’ico kigabane, n’amajambo aboneka muri Yohani 7:53–8:11, biboneka ko ata n’umwe muri iyo mirongo wari mu vyandikano vy’iminwe vyo mu ntango. Ni co gituma iyo mirongo itashizwemwo muri iyi Bibiliya yasubiwemwo kubera ko atari iy’ukuri c.

Hari n’imvugo zaryohowe kugira duhuze n’igisomwa abahinga mu vya Bibiliya babona ko gihuye cane n’igisomwa co mu vyandikano vyo mu ntango. Nk’akarorero, ivyandikano vy’iminwe bimwebimwe vyerekana ko muri Matayo 7:13 hagira hati: «Nimuce mw’irembo ryaga, kuko inzira yagutse ijana mu mahonero. Irembo ryayo riragutse.» Muri Bibiliya y’isi nshasha yahahora, ayo majambo avuga ngo «irembo ryayo» ntiyarimwo muri uwo murongo. Mugabo ubushakashatsi bwiyongereye bwagizwe ku vyandikano vy’iminwe bwerekanye ko ayo majambo yarimwo mu gisomwa co mu ntango. Ni co gituma yashizwemwo muri iyi Bibiliya. Hari n’ibindi nk’ivyo vyaryohowe. Ariko ni bitobito ku buryo bidahindura ubutumwa nyamukuru bw’Ijambo ry’Imana.

Icandikano c’iminwe co ku rufunzo ca 2 Abakorinto 4:13–5:4 canditswe nko mu mwaka wa 200 inyuma ya Kristu.

a Guhera aha, Ivyanditswe vy’igiheburayo n’igiharameya tuza kuvyita Ivyanditswe vy’igiheburayo.

b Imwe mu mvo zatumye ivyo vyandikano vy’iminwe vyo mu ntango biza birimurwa ni uko vyari vyanditse ku bintu bishobora kwononekara.

c Ayandi makuru yerekana igituma iyo mirongo ibonwa ko atari iy’ukuri, tuyasanga ahari iyo mirongo muri Bibiliya y’isi nshasha yo mu 2010.