Yesaya 59:1-21
59 Raba! Ukuboko kwa Yehova si kugufi ku buryo kudashobora gukiza+,n’ugutwi kwiwe ntikwazivye* ku buryo kudashobora kwumva+.
2 Oya, amakosa yanyu ni yo yabatandukanije n’Imana yanyu+.
Ibicumuro vyanyu ni vyo vyatumye ibahisha mu maso hayo.Ntishaka kubumviriza+.
3 Kuko ibiganza vyanyu vyandujwe n’amaraso+,intoke zanyu na zo zikanduzwa n’amakosa.
Iminwa yanyu ivuga ibinyoma+, ururimi rwanyu rukavugira mu ntamatama ibitagororotse.
4 Nta n’umwe asemerera avugira ubugororotsi+,kandi nta n’umwe aja kwitwara ari mu kuri.
Bizigira ibitabaho*+, bakavuga ibitagira mvura.
Basama inda y’ivyago, bakavyara ibintu bibabaza+.
5 Baberura amagi y’inzoka y’ubumara,bakajisha inzu y’igitangurirwa+.
Uwo wese arya amagi yabo arapfa,kandi iyo bamenye irigi, havamwo imamba.
6 Inzu y’igitangurirwa bajishe ntizobabera impuzu,canke ngo bipfuke ivyo bakora+.
Ibikorwa vyabo ni bibi,kandi amaboko yabo yuzuye ubukozi bw’ikibi+.
7 Ibirenge vyabo vyirukira gukora ikibi,bakihutira gusesa amaraso y’intungane+.
Bafise ivyiyumviro bibi.Amayira yabo arimwo agatikizo n’ivyago+.
8 Ntibazi inzira y’amahoro,kandi nta butungane burangwa mu tuyira twabo+.
Amabarabara yabo barayagoramika.Nta n’umwe mu bayagenderamwo azoronka amahoro+.
9 Ni co gituma ubutungane buri kure yacu,n’ubugororotsi ntibuduhamvye.
Tuguma twiteze umuco, mugabo ehe raba hari umwiza.Tuguma twiteze ko habona, mugabo tuguma tugendera mu muzimagiza+.
10 Dukabakaba uruhome nk’impumyi,tukaguma dukabakaba nk’abatagira amaso+.
Dutsitara ku murango wa sasita ukamengo ni mu gahwibi.Mu bantu b’inguvu, tumeze nk’abapfuye.
11 Twese tuguma tunihagira nk’idubu,tukaguguza nk’inuma tubabaye.
Tuguma twiteze ubutungane ariko ntabwo.Tuguma twiteze ubukiriro ariko buri kure yacu.
12 Kuko ubugarariji bwacu bwagwiriye imbere yawe+.Kimwe cose mu bicumuro vyacu kiratwagiriza+,
kuko ubugarariji bwacu bwamana natwe.Amakosa yacu turayazi neza+.
13 Twaracumuye turihakana Yehova.Imana yacu twayiteye ibitugu.
Twavuze ivyo gucinyiza abandi no kugarariza+.Twiyumviriye ibinyoma mu mutima, tuvugira mu ntamatama amajambo y’ububeshi+.
14 Ubutungane busubizwa inyuma+,ubugororotsi bugahagarara kure+.Kuko ukuri kwatsitaye mu kibanza rusangi,kandi ibigororotse ntibishobora kuhinjira.
15 Ukuri kwarazimanganye+,kandi uwuheba ikibi wese aranyagwa.
Yehova yarabibonye biramubabaza*,kubera ata butungane bwariho+.
16 Yarabonye ko ata muntu ahaseruka,atangazwa n’uko ata n’umwe abavugira.Maze ukuboko kwiwe kuzana ubukiriro*,ubugororotsi bwiwe buba ari bwo bumushigikira.
17 Yaciye yambara ubugororotsi nk’ikoti y’ivyuma,yambara n’inkofero y’ubukiriro* ku mutwe+.
Yambaye n’impuzu z’ukwihora+,arenzako umwete nk’ikanzu itagira amaboko.
18 Azobahembera ivyo bakoze+:
abamurwanya azobahemba uburake, abansi biwe abahane+.
Amazinga azoyaha ivyo akwiriye.
19 Abo mu burengero bazotinya izina rya Yehova,abo mu buseruko batinye ubuninahazwa bwiwe,kuko Yehova azoza nk’uruzi rwasazerusunitswe n’impwemu yiwe.
20 «Umucunguzi+ azoza i Siyoni+,aze ku bakomoka kuri Yakobo baheba gucumura+», ni ko Yehova avuze.
21 «Nayo jewe, iri ni ryo sezerano ngiranye na bo+», ni ko Yehova avuze. «Sinzokura mu kanwa kawe impwemu yanje iri kuri wewe n’amajambo yanje nashize mu kanwa kawe. Sinzobikura no mu kanwa k’abana* bawe canke k’abuzukuru* bawe, kuva ubu no gushika ibihe bidahera», ni ko Yehova avuze.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntikuremereye.»
^ Canke «ubusa.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «biba bibi mu maso yiwe.»
^ Canke «kumuzanira intsinzi.»
^ Canke «y’intsinzi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rw’urubuto.»