Yesaya 16:1-14
-
Ubundi butumwa bwo gucira urubanza Mowabu (1-14)
16 Nimurungike impfizi y’intama ku mutware w’igihugu,ive i Sela ice mu bugaragwa,ije ku musozi w’umukobwa wa Siyoni.
2 Kurya kw’inyoni birukanye mu cari cayo+,ni ko abakobwa b’i Mowabu bazomera bageze aho bajabukira uruzi Arunoni*+.
3 «Nimutange impanuro y’icokorwa, mushitse ingingo yafashwe.
Nimutume igitutu canyu ca sasita kimera nk’ijoro.
Nimuhishe abashwiragiye, kandi abariko barahunga ntimubafatishe.
4 Abantu banje bashwiragiye nibibere iwawe, ewe Mowabu!
Nubabere ubwihisho kubera uwubahonya+.
Uwucinyiza abandi azovaho,agatikizo gahere,n’abahonyanga abandi bazimangane kw’isi.
5 Intebe y’ubwami izoca ikomezwa biciye ku rukundo*.
Uwuzoyicarako azoba ari uwo mw’ihema rya Dawidi, kandi azoba umwizigirwa+.Azoca imanza zitarenganya, yihutire gushitsa ibigororotse+.»
6 Twarumvise ubwishime bwa Mowabu. Arishima cane+.Twarumvise ubwibone bwiwe, ubwishime bwiwe n’uburake bwiwe+.Amajambo yiwe ata co amaze nta co azoshikako.
7 Mowabu azoborogera Mowabu.Bose bazoboroga+.
Abakubititse bazonihagira kubera ukwipfuza udukate dukozwe mu nzabibu zumye tw’i Kiri-Hareseti+.
8 Kuko imikobeko y’i Heshiboni+ ikabiranyehamwe n’umuzabibu w’i Sibuma+.Abatware b’amahanga bahonyanze amashami yawo atukuriye*.Yari yasagaraye ashika i Yazeri+,aragenda ashika no mu bugaragwa.
Imivyaro yawo yari yakuze ishika no ku kiyaga.
9 Ni co gituma nzoririra umuzabibu w’i Sibuma nk’uko ndirira Yazeri.
Ewe Heshiboni na Eleyale, nzobatotesha amosozi yanje+,kuko akaruru k’umunezero k’abantu bawe bimbura intete n’abimbura ivyamwa vyo mu ci karangiye*.
10 Nta munezero n’akanyamuneza bikibarizwa mu murima w’ivyamwa,kandi nta ndirimbo z’umunezero canke impundu bikirangwa mu mirima y’imizabibu+.
Nta wukiganira* umuvinyu mu nganiro,kuko impundu nazihagaritse+.
11 Ni co gituma mpinda nkajugumira mu nda kubera Mowabu+,nka kurya kw’imirya y’inanga,mu nda bikanka kubera Kiri-Hareseti+.
12 Naho Mowabu yoruhira mu kibanza co gusengeramwo*, akaja gusengera ahantu hiwe heranda, nta co azoshikako+.
13 Ivyo ni vyo Yehova yari yaravuze ku vyerekeye Mowabu.
14 Ubu na ho Yehova avuze ati: «Mu myaka itatu, imyaka iharuwe neza nk’uko umucangero ayiharura*, icubahiro ca Mowabu kizocika ibimaramare, habe intureka z’ubwoko bwose. Abazosigara bazoba bari ku rushi, ata co bavuze+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ku vyambu vya Arunoni.»
^ Canke «ku rukundo rudahemuka (rudahera).»
^ Canke «amashami yawo yikoreye inzabibu zitukura.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko akaruru k’intambara kaje ku vyamwa vyawe vyo mu ci no ku mwimbu wawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nta wukiganisha ibirenge.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu kibanza gitaramutse.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «hisunzwe imyaka y’umucangero.» Ni ukuvuga mu myaka itatu itarenga ntirenguke.