Yesaya 16:1-14

  • Ubundi butumwa bwo gucira urubanza Mowabu (1-14)

16  Nimurungike impfizi y’intama ku mutware w’igihugu,ive i Sela ice mu bugaragwa,ije ku musozi w’umukobwa wa Siyoni.   Kurya kw’inyoni birukanye mu cari cayo+,ni ko abakobwa b’i Mowabu bazomera bageze aho bajabukira uruzi Arunoni*+.   «Nimutange impanuro y’icokorwa, mushitse ingingo yafashwe. Nimutume igitutu canyu ca sasita kimera nk’ijoro. Nimuhishe abashwiragiye, kandi abariko barahunga ntimubafatishe.   Abantu banje bashwiragiye nibibere iwawe, ewe Mowabu! Nubabere ubwihisho kubera uwubahonya+. Uwucinyiza abandi azovaho,agatikizo gahere,n’abahonyanga abandi bazimangane kw’isi.   Intebe y’ubwami izoca ikomezwa biciye ku rukundo*. Uwuzoyicarako azoba ari uwo mw’ihema rya Dawidi, kandi azoba umwizigirwa+.Azoca imanza zitarenganya, yihutire gushitsa ibigororotse+   Twarumvise ubwishime bwa Mowabu. Arishima cane+.Twarumvise ubwibone bwiwe, ubwishime bwiwe n’uburake bwiwe+.Amajambo yiwe ata co amaze nta co azoshikako.   Mowabu azoborogera Mowabu.Bose bazoboroga+. Abakubititse bazonihagira kubera ukwipfuza udukate dukozwe mu nzabibu zumye tw’i Kiri-Hareseti+.   Kuko imikobeko y’i Heshiboni+ ikabiranyehamwe n’umuzabibu w’i Sibuma+.Abatware b’amahanga bahonyanze amashami yawo atukuriye*.Yari yasagaraye ashika i Yazeri+,aragenda ashika no mu bugaragwa. Imivyaro yawo yari yakuze ishika no ku kiyaga.   Ni co gituma nzoririra umuzabibu w’i Sibuma nk’uko ndirira Yazeri. Ewe Heshiboni na Eleyale, nzobatotesha amosozi yanje+,kuko akaruru k’umunezero k’abantu bawe bimbura intete n’abimbura ivyamwa vyo mu ci karangiye*. 10  Nta munezero n’akanyamuneza bikibarizwa mu murima w’ivyamwa,kandi nta ndirimbo z’umunezero canke impundu bikirangwa mu mirima y’imizabibu+. Nta wukiganira* umuvinyu mu nganiro,kuko impundu nazihagaritse+. 11  Ni co gituma mpinda nkajugumira mu nda kubera Mowabu+,nka kurya kw’imirya y’inanga,mu nda bikanka kubera Kiri-Hareseti+. 12  Naho Mowabu yoruhira mu kibanza co gusengeramwo*, akaja gusengera ahantu hiwe heranda, nta co azoshikako+. 13  Ivyo ni vyo Yehova yari yaravuze ku vyerekeye Mowabu. 14  Ubu na ho Yehova avuze ati: «Mu myaka itatu, imyaka iharuwe neza nk’uko umucangero ayiharura*, icubahiro ca Mowabu kizocika ibimaramare, habe intureka z’ubwoko bwose. Abazosigara bazoba bari ku rushi, ata co bavuze+

Utujambo tw'epfo

Canke «ku vyambu vya Arunoni.»
Canke «ku rukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «amashami yawo yikoreye inzabibu zitukura.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kuko akaruru k’intambara kaje ku vyamwa vyawe vyo mu ci no ku mwimbu wawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «nta wukiganisha ibirenge.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu kibanza gitaramutse.»
Mu giheburayo havuga ngo «hisunzwe imyaka y’umucangero.» Ni ukuvuga mu myaka itatu itarenga ntirenguke.