Yesaya 5:1-30
5 Ndabasavye mundeke ndirimbire umukunzi wanje,ndirimbe indirimbo y’uwo nkunda n’umurima wiwe w’imizabibu+.
Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibu ahantu hamera cane ku murambi.
2 Yarawurimye awukuramwo amabuye,
awuteramwo umuzabibu utukura umeze neza cane.Yarubatse umunara hagati muri wo,awimbamwo n’uruganiro rw’umuvinyu+.
Yagumye yiteze ko wama inzabibu nziza,mugabo wama inyeshamba gusa+.
3 «None rero ga yemwe bantu b’i Yeruzalemu namwe abo mu Buyuda,ndabasavye muducire urubanza twe n’umurima wanje w’imizabibu+.
4 Ni igiki ntarakora+nokorera umurima wanje w’imizabibu?
Ko nari niteze ko wama inzabibu nziza,kubera iki wamye inyeshamba gusa?
5 Ndabasavye rero mwumveivyo ngiye gukorera umurima wanje w’imizabibu:
ngira nkureho uruzitiro rwawo,hanyuma uturirwe+,
nsiturire hasi uruhome rwaho rw’amabuye,uhonyangwe.
6 Nzotuma uba nk’akarere kahebwe+.Ntuzotuturirwa canke ngo ubagarirwe.
Uzorengerwa n’ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi+,kandi nzotegeka ibicu ntibigwishe imvura kuri wo+.
7 Umurima w’imizabibu wa Yehova Nyeningabo ni ihanga rya Isirayeli+.Abantu bo mu Buyuda ni bo murima* yakunda.
Yagumye yiteze ubutungane+,mugabo hagumye akarenganyo.Yagumye yiteze ubugororotsi,mugabo yagumye yumva amaborogo+.»
8 Baragowe abafatanya inzu n’iyindi+,bakungikanya itongo n’irindi+gushika n’aho ata kibanza basigariza abandi,bagasigara bibana mu gihugu.
9 Narumvise Yehova Nyeningabo arahirayuko amazu menshi azocika akajoreza,agasigara ata wuyabamwo+naho ari amazu manini kandi meza.
10 Ibivi cumi* vy’umurima w’imizabibu bizokwimbuka ibingana n’ingero imwe gusa ya bati*,imbuto zingana n’ingero imwe ya homeri* zimbuke ibingana n’ingero imwe gusa ya efa*+.
11 Baragowe abavyuka kare mu gitondo bazinduwe no kunywa inzoga+,bakirizako bukarinda bwira gushika umuvinyu ubacaniriye.
12 Ku nzimano z’imisi mikuru yabo haba hari inanga,igicurarangisho c’imirya, akagoma, umwironge n’umuvinyu.Mugabo ntibazirikana igikorwa ca Yehova.Ntibabona igikorwa c’amaboko yiwe.
13 Ni co gituma abantu banje bazojanwa mu bunyaganokubera ukutamenya+.Abanyacubahiro babo bazokwicwa n’inzara+,abantu babo bose bicwe n’inyota.
14 Ni co gituma kandi ukuzimu kwiyaguye,kukasama bimwe bitagira urugero+.Ubwiza* bwa Yeruzalemu, amasinzi yaho atera urwamo n’abanyabirori baho bidagadura,ntibizobura kumanukayo.
15 Umuntu azokwunama,ashirwe hasi.Amaso y’umunyabwibone azocishwa bugufi.
16 Kandi Yehova Nyeningabo azoshirwa hejuru biciye ku rubanza azoca*.Imana y’ukuri, wa Mweranda+, izokwerekana ko ari nyeranda biciye ku bugororotsi+.
17 Imyagazi y’intama izorisha nk’aho yoba iri mu buragiro bwayo.Ba kavamahanga bazofungurira mu bibanza vyatikijwe, vyahoramwo ibitungwa bigaburirwa neza.
18 Baragowe barya bakwegesha ikosa ryabo imigozi y’ibinyoma,igicumuro cabo bakagikwegesha imigozi y’umukogote.
19 Bavuga ngo: «Niyihutishe igikorwa cayo.Igikorwa cayo nikize ningoga, tukibone.
Umugambi* wa wa Mweranda wa Isirayeli nurangukeduheze tuwumenye+.»
20 Baragowe abavuga ko iciza ari kibi, n’ikibi ko ari ciza+,abita umwiza umuco, umuco bakawita umwiza,abavuga ko ikirura gisosa, n’igisosa ko kirura.
21 Baragowe abibona ko ari inkerebutsin’ababona ko ari abanyabwenge+.
22 Baragowe abantu b’ibihangange mu kunywa umuvinyu,na ba karuhariwe mu vyo kuvanga inzoga+,
23 n’abarya igiturire bakarekura umubisha+,umugororotsi bakanka kumutunganiriza+.
24 Ni co gituma bazotikira nk’uko ibishakara biturirwa n’umuriro*,nk’uko n’ivyatsi vyumye vyitunatuna bigasha kubera imbeya z’umuriro.Imizi yabo izobora,amashurwe yabo asanzare nk’umukungugu,kuko banse gukurikiza amategeko* ya Yehova Nyeningabo,bakagaya ivyo wa Mweranda wa Isirayeli avuga+.
25 Ni co gituma Yehova afitiye abantu biwe ishavu rirurumba,kandi azoramvura ukuboko kwiwe abahane+.
Imisozi izojugumira,kandi imivyimba yabo izocika nk’imicafu mu mabarabara+.
Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana.
26 Yashingiye ikimenyetso* ihanga rya kure+,avugiriza agahwa abarigize ngo baze bavuye ku mpera y’isi+.Kandi ehe bariko baza bihuta cane+.
27 Nta n’umwe muri bo arushe canke atsitara.
Nta wutura inginga canke ngo asinzire.
Umukaba bambaye mu kiyunguyungu ntukenyuruka,n’imigozi y’ibirato* vyabo nticika.
28 Imyampi yabo yose irasongoye,imiheto yabo yose na yo irafoye*.
Ibinono vy’amafarasi yabo bikomeye nk’ibuye ry’isare.Amapine y’imikogote yabo agenda nk’igihuhusi+.
29 Baroha nk’intambwe,nk’intambwe z’imikangara*+.
Bazotontoma, bacakire ico barya bagitware,kandi nta wuzoza kugitabara.
30 Kuri uwo musi, bazotontomera kuri conk’ugutontoma kw’ikiyaga+.
Uwuzokwitegereza igihugu wese azobona umwiza uteye agahinda.N’umuco uzohinduka umwiza kubera ibicu+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ni bo mizabibu.»
^ Ni ahantu impfizi 20 zifatanye ari zibirizibiri zashobora kurima ku musi umwe. Ni nk’amahegitari ane.
^ Raba Inyongera ya B14.
^ Raba Inyongera ya B14.
^ Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «abanyacubahiro.»
^ Canke «ku butungane bwiwe.»
^ Canke «ingingo», «impanuro.»
^ Canke «inyigisho.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ururimi rw’umuriro.»
^ Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
^ Canke «isandari.»
^ Canke «yiteguriye kurasa.»
^ Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»