Ikirundi
Niwitabe igikorane co mu 2026 cataziriwe ngo «Urashobora kwama uhimbawe»
https://cms-imgp.jw-cdn.org/img/p/1102026198/univ/art/1102026198_univ_sqr_xl.jpg

Uratumiwe

Urashobora kwama uhimbawe

Igikorane c’Ivyabona vya Yehova co mu 2026

Raba aho kizobera hafi y’aho uba

Kwinjira ni ku buntu Nta mperezwa zitozwa

Ibintu nyamukuru bizoba bikigize

Ku wa gatanu: Uzokwibonera ibimenyamenya bishingiye kuri Bibiliya vyerekana ko Imana hamwe n’Umwana wayo Yezu, bipfuza ko ubaho uhimbawe.

Ku wa gatandatu: Uzokwibonera ukuntu ya nsiguro Yezu yatanga ari ku musozi yogufasha kwiberaho uhimbawe ubu, eka mbere n’ibihe bidahera.

Ku wa mungu: Insiguro ivuga ngo «Woba warubuye itunga?», izogufasha kubona ingene ukuri kwo muri Bibiliya kwatumye abantu amamiliyoni barushiriza kubaho bahimbawe.

Igikino

Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu: Epizode ya 4-6

Uzokwibonera ukuntu Yezu yigisha abantu amasinzi, agakiza abarwaye akongera akazura abapfuye. Buri musi tuzoraba epizode imwimwe y’ayo mavidewo akora ku mutima.

Nuje kuri jw.org kugira urabe programa yose wongere urabe amavidewo akurikira:

Ingene amahwaniro yacu agirwa

Niwirabire ivyo wokwitega witavye igikorane c’Ivyabona vya Yehova.

Niwirabire muri make ivyo tuzokwiga mu gikorane c’uyu mwaka.

Ingabirano Yezu yari afise yazikoresheje gute mu gufasha abandi?

Nurabe epizode twaravye mu bikorane biheruka.