Uratumiwe

Ugusenga kw’ukuri

Igikorane c’Ivyabona vya Yehova co mu 2025

Raba aho kizobera hafi y’aho uba

Kwinjira ni ku buntu Nta mperezwa zitozwa

Ibintu nyamukuru bizoba bikigize

Ku wa gatanu: Uzokwibonera urukurikirane rw’amavidewo rwerekana ibibanza Yezu yabayemwo n’ivyo yigishirijemwo.

Ku wa gatandatu: Uzokwibonera ingene ivyo Yezu yakoze mu ntango y’igikorwa ciwe vyashikije ibintu ubuhanuzi bwari bwaravuze hagisigaye imyaka amajana ngo bibe.

Ku wa mungu: Insiguro ivuga ngo «Woba uzi ico usenga?» izokwerekana igituma ivyo twemera bihambaye n’ingene tworondera ukuri.

Igikino

Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu: Epizode ya 2 n’iya 3

Igihe Yezu yabatizwa, yaciye aba Mesiya canke Kristu. Mu mezi yakurikiye, yarageragejwe na Shetani, aratangura kwegeranya abigishwa biwe yongera arakora ibitangaro vya mbere. Ivyo bintu hamwe n’ibindi, uzovyibonera mu mavidewo y’ico gikino azokwerekanwa imisi yose kuri ico gikorane.

Nuje kuri jw.org kugira ubone programa yose y’ico gikorane wongere urabe amavidewo akurikira:

Ingene amahwaniro yacu agirwa

Niwirabire ivyo wokwitega witavye igikorane c’Ivyabona vya Yehova.

Igikorane c’Ivyabona vya Yehova co mu 2025 cataziriwe ngo: «Ugusenga kw’ukuri»

Niwirabire muri make ivyo tuzokwiga mu gikorane c’uyu mwaka.

Imponjo y’igikino gishingiye kuri Bibiliya kivuga ngo «Inkuru yerekeye igikorwa ca Yezu»

Kuva mu ntango y’igikorwa ciwe, Yezu Kristu yararwanijwe n’abantu hamwe na Shetani n’amadayimoni yiwe. Ivyo none vyoba vyari gutuma ahemuka?