Yesaya 36:1-22

  • Senakeribu atera Ubuyuda (1-3)

  • Rabushake acokora Yehova (4-22)

36  Mu mwaka ugira 14 umwami Hezekiya aganza, Senakeribu umwami wa Ashuri+ aja gutera ibisagara vyose vy’Ubuyuda bikingijwe ibihome, arabifata+.  Maze umwami wa Ashuri arungika Rabushake*+ i Yeruzalemu kuraba umwami Hezekiya ari kumwe n’ingabo nyinshi. Bava i Lakishi+ baragenda, bahagarara iruhande y’umugende w’ikidengeri co haruguru+ uri iruhande y’ibarabara rikuru rija kw’itongo ry’umumesuzi+.  Eliyakimu+ mwene Hilikiya yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna+ na Yowa mwene Asafu, umwanditsi w’ivyaja biraba, baca baja iyo ari.  Rabushake ababwira rero ati: «Ndabasavye mubwire Hezekiya muti: “Umwami ahambaye, umwami wa Ashuri, avuze ati: ‘Ivyizigiro vyawe bishingiye ku ki+?  Uvuga uti: “Ndafise ubuhinga bwo kurwana n’ingabo zishoboye urugamba.” Ako ni akarimi gusa. Wizigiye nde, aho wubahuka kungarariza+?  Wizigiye Misiri kandi ari irenga rijanjaguritse? Umuntu aryishimikije rica rimutobora ikiganza. Ukwo ni ko Farawo umwami wa Misiri amerera abamwizigira bose+.  Mumbwiye na ho ko mwizigiye Imana yanyu Yehova, kwoba ari ukwihenda. Mbega Hezekiya si we yakuyeho ibibanza vyo kuyisengeramwo* n’ibicaniro vyayo+, agaca abwira abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu ati: “Muzoze murunamira Imana imbere y’iki gicaniro+”?’”  Nimba uri umugabo Hezekiya, ndagusavye wemeranye iki kintu* na databuja umwami wa Ashuri+: reka nguhe amafarasi 2.000 turabe ko uronka abasoda bakwiye boyagenderako.  Ahantu wizigira imikogote yo mu Misiri n’abasoda baho bagendera ku mafarasi, wumva woshobora gute gutsinda? Na buramatari umwe gusa wo hasi mu basuku ba databuja ntiwomutsinda. 10  Ugira ngo naduze gutera iki gihugu ngo ndagitikize ata ruhusha ruvuye kuri Yehova mfise? Yehova ubwiwe yambwiye ati: “Duga utere ico gihugu, ugitikize.”» 11  Eliyakimu na Shebuna+ na Yowa baca babwira Rabushake+ bati: «Turagusavye databuja, uvugane natwe mu giharameya*+, turacumva. Reka kutubwira mu kiyuda* imbere y’aba bantu bahagaze ku ruzitiro+ 12  Mugabo Rabushake yishura ati: «Mbega mwibaza ko databuja yantumye kubwira aya majambo mwe na shobuja gusa? Erega yantumye kubibwira n’abo bagabo bahagaze ku ruzitiro, bazohava barya umwanda wabo mukuru, bakanywa n’umwanda wabo mutoyi cokimwe namwe.» 13  Rabushake aca asemerera mu kiyuda+ ati: «Nimwumve ivyo umwami ahambaye avuze, umwami wa Ashuri+. 14  Umwami avuze ati: “Hezekiya ntabahende, kuko adashobora kubakiza+. 15  Kandi Hezekiya ntabahende ngo mwizigire Yehova+, ababwira ngo: ‘Yehova ntazobura kudukiza, kandi umwami wa Ashuri ntazogenda afashe iki gisagara.’ 16  Ntimwumvirize Hezekiya. Umwami wa Ashuri avuze ati: ‘Nimwemere mwishikane tubane amahoro. Umwe wese muri mwebwe azoheza arye ku muzabibu wiwe no ku giti ciwe c’umusukoni, anywe n’amazi yo mw’itangi ryiwe, 17  gushika nje nkabatwara mu gihugu kimeze nk’igihugu canyu+. Ni igihugu cuzuyemwo intete n’umuvinyu mushasha, imikate n’imirima y’imizabibu. 18  Ntimwemere ko Hezekiya abahenda ngo: “Yehova azodukiza.” Mbega mu mana zose z’amahanga, hari n’imwe yashoboye gukingira igihugu cayo ngo ntigifatwe n’umwami wa Ashuri+? 19  Imana z’i Hamati n’i Arupadi+ ziri hehe? Iz’i Sefaruvayimu+ ziri hehe? Zoba zarakingiye Samariya sindahafate+? 20  Mu mana zose z’ayo mahanga, ni iyihe yakingiye igihugu cayo ngo sindagifate? None Yehova wewe, mwibaza ko azokingira Yeruzalemu ngo sindahafate+?’”» 21  Mugabo ntihagira n’uwukurako umunwa ngo agire ico amwishuye, kuko umwami yari yabategetse ati: «Ntihagire ico mumwishura+ 22  Maze Eliyakimu mwene Hilikiya yari ajejwe ivyo ku kirimba*, n’umunyamabanga Shebuna+ na Yowa mwene Asafu, umwanditsi w’ivyaja biraba, baja kuraba Hezekiya bitaburiyeko impuzu, bamwiganira ivyo Rabushake yavuze.

Utujambo tw'epfo

Canke «umukuru w’abahereza ibinyobwa umwami.»
Canke «ivyo mu rugo rw’umwami.»
Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyayo bitaramutse.»
Canke «upinge», «uhige.»
Ni ukuvuga igiheburayo.
Canke «mu gisiriya.»
Canke «ivyo mu rugo rw’umwami.»