Yesaya 29:1-24
29 «Aragowe Ariyeli*, Ariyeli ca gisagara Dawidi yakambikamwo+!
Umwaka nukurikirwe n’uwundi,n’imisi mikuru yanyu ibandanye ikurakuranwa+.
2 Mugabo nzoteza ivyago igisagara ca Ariyeli+,habe ukugandara n’ugucura intimba+,kandi kizombera nk’iziko ry’igicaniro ry’Imana+.
3 Nzokambika irya n’ino yawe ndagutere.Nzokwugariza nkoresheje uruzitiro rw’ibiti bisongoye,nubake n’ivyo kwuririrako mu kugutera+.
4 Uzoshirwa hasi.Uzovugira hasi,kandi ivyo uvuga bizomirwa n’umukungugu.
Ijwi ryawe rizozanana hasi+nk’iry’abakora ivyo guhanuza abapfuye*,ivyo uvuga bijwirire mu mukungugu.
5 Isinzi ry’abansi bawe* rizocika nk’umukungugu unoze+,isinzi ry’abatwaza umukazo rimere nk’umuguruka uguruwe n’umuyaga+.
Bizoba mu kanya isase, bukwi na bukwi+.
6 Yehova Nyeningabo azokwitwararika.Niyabigira hazoba imituragaro, nyamugigima, humvikane ijwi rikomeye,habe umuyaga ukaze, igihuhusi n’imbeya z’umuriro utema ugatongora+.»
7 Isinzi ry’amahanga yose yaje gutera Ariyeli+,emwe abo bose baje kumutera,iminara bubatse yo kumusugerezan’abo bose bamuteza ivyago,bizoca bizimangana nk’indoto, nk’ivyo umuntu yeretswe mw’ijoro.
8 Bizoba nk’igihe umuntu ashonje arose ariko ararya,mugabo akikangura ashonje.Bizoba nk’igihe umuntu anyotewe arose ariko aranywa,mugabo akikangura arushe, anyotewe.
Ukwo ni ko bizogendera isinzi ry’amahanga yosearwanya umusozi Siyoni+.
9 Nimwumirwe mutangare+.Nimwihume amaso, muhume+.
Baborewe, bataborejwe n’umuvinyu.Bagenda bicako ata nzoga banyoye.
10 Kuko Yehova yabasutseko impwemu y’itiro ryinshi+.Yahumye amaso yanyu, ari bo bahanuzi+,apfuka n’imitwe yanyu, ni ukuvuga abantu banyu berekwa+.
11 Ukwerekwa kwose kubabera nk’amajambo y’igitabu cugaye*+. Bagihaye umuntu azi gusoma, bakamubwira bati: «Turagusavye usome ibi n’ijwi ryumvikana», abishura ati: «Nta vyo nshoboye, kuko cugaye.»
12 Bahaye ico gitabu umuntu atazi gusoma bakamubwira bati: «Turagusavye usome ibi», abishura ati: «Sinzi gusoma na gato.»
13 Yehova avuze ati: «Aba bantu bansengesha akarimi gusa,bakanyubahisha iminwa yabo+.Mugabo umutima wabo uri kure yanje rwose,kandi ukuntinya kwabo gushingiye ku mabwirizwa bigishijwe yavuye ku bantu+.
14 Ni co gituma nzosubira gukorera aba bantu ibintu vy’agatangaza+,igitangaza gikurikirwe n’ikindi.Ubukerebutsi bw’inkerebutsi zabo buzohera,n’ugutegera kw’abanyabwenge babo kunyike+.»
15 Baragowe abaca ku biti no ku mabuye kugira bahishe imigambi* yabo Yehova+.
Ivyo bakora babikorera ahantu h’umwiza,bakavuga bati: «Ugira hari uwutubona?
Hari uwuzi ivyacu+?»
16 Ese ingene mucurika* ibintu!
None umubumvyi n’ibumba vyakabaye bingana+?
Icahinguwe covuga ku bijanye n’uwagihinguye ngo:
«Ntiyampinguye+»?
Mbega icabumbwe cokwubahuka kuvuga ku bijanye n’uwakibumvye ngo:
«Nta na kimwe ategera+»?
17 Hasigaye akanya gato Libani isigare ari umurima w’ivyamwa+,uwo murima w’ivyamwa na wo usigare ubonwa nk’ikibira+.
18 Kuri uwo musi abafise ubumuga bwo kutumva bazokwumva amajambo yo mu gitabu,impumyi na zo zive mu mwiza no mu muzimagiza, zibone+.
19 Abitonda bazonezerwa cane kubera Yehova,n’aboro banezerwe kubera wa Mweranda wa Isirayeli+.
20 Kuko uwutwaza umukazo atazoba akiriho.Uwiyemera azoba yavuyeho,n’abo bose baguma barikanuye ngo bakore ikibi bazoba batikijwe+.
21 Barabeshera abandi bagatuma bagirwa n’icaha,bagatega umutego uwuburanira ukuri* mw’irembo ry’igisagara+,bagakoresha n’ivyiyumviro ata co bimaze kugira ngo umugororotsi ntatunganirizwe+.
22 Ibi rero ni vyo Yehova, umwe yacungura Aburahamu+, abwiye abakomoka kuri Yakobo:
«Yakobo ntazosubira kumaramara,kandi nta guteterwa* kuzosubira kuboneka mu maso hiwe*+.
23 Niyabona abana biwe hagati muri we,bo gikorwa c’amaboko yanje+,bazokweza izina ryanje.Emwe, bazokweza Umweranda wa Yakobo,bagirire akoba Imana ya Isirayeli+.
24 Abahuvye mu mutima wabo bazoronka ugutegera,n’abidoga bemere kwigishwa.»
Utujambo tw'epfo
^ Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «iziko ry’igicaniro ry’Imana.» Bisa n’uko ari Yeruzalemu iriko iravugwa.
^ Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).
^ Mu giheburayo havuga ngo «ry’abo utazi.»
^ Canke «igitabu bugaje ishashara, bagashirako ikidodo.»
^ Canke «ivyiyumviro», «inama.»
^ Canke «mugoramika.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «uwukosora.»
^ Canke «gucika intege.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ntazosubira kubenjuka mu maso.»