Yesaya 7:1-25

  • Ubutumwa ku mwami Ahazi (1-9)

    • Sheyari-Yashubu (3)

  • Ikimenyetso ca Emanweli (10-17)

  • Ingaruka z’ubuhemu (18-25)

7  Nuko mu gihe ca Ahazi+ umuhungu wa Yotamu, Yotamu wa Uziya, umwami w’Ubuyuda, Rezini umwami wa Siriya na Peka+ mwene Remaliya umwami wa Isirayeli baduga gutera i Yeruzalemu, mugabo ntibahafata*+.  Abo ku kirimba c’umwami Dawidi* bamenyeshwa ngo: «Abasiriya bagiye hamwe n’Abefurayimu.» Maze umutima wa Ahazi n’uw’abantu biwe itangura kujugumira, nka kurya ibiti vyo mu kibira bijugumizwa n’umuyaga.  Yehova aca abwira Yesaya ati: «Ndagusavye uje guhura na Ahazi uri kumwe n’umuhungu wawe Sheyari-Yashubu*+. Muhurire ku mpera y’umugende w’ikidengeri co haruguru+, uri iruhande y’ibarabara rikuru rija kw’itongo ry’umumesuzi.  Umubwire uti: “Gerageza ugume utekanye. Ntutinye canke ngo uranduke umutima kubera ivyo bishirira bibiri bigira bizime, kubera ishavu rirurumba rya Rezini na Siriya na mwene Remaliya+.  Abasiriya barafadikanije n’Abefurayimu na mwene Remaliya, baja inama yo kukugirira nabi, bati:  ‘Tuduge gutera Ubuyuda, tuhatabagure*, tuhigarurire* maze twimike mwene Tabeyeli, abe ari we ahaganza+.’   Umukama Segaba Yehova avuze ati: ‘Ntibizokunda,no kuba ntibizoba.   Kuko umurwa mukuru wa Siriya ari Damasiko,umwami wa Damasiko akaba Rezini. Mu myaka 65 gusa,Abefurayimu bazojanjagurwa, ntibasubire kuba ihanga+.   Umurwa mukuru wa Efurayimu ni Samariya+,umwami wa Samariya na we ni mwene Remaliya+. Mutagize ukwizera gukomeye,ntimuzokomera ngo murame.’”» 10  Yehova yongera kubwira Ahazi ati: 11  «Nunsabe ikimenyetso jewe Yehova Imana yawe+, gishake kibe ari icimbitse nk’ukuzimu canke kirekire nk’ijuru.» 12  Mugabo Ahazi avuga ati: «Nta co nsaba, kandi singeza Yehova.» 13  Yesaya aca avuga ati: «Ndabasavye mwumvirize yemwe abo mu muryango wa Dawidi. Mbega ko muruhisha abantu, mugomba muruhishe Imana na yo+? 14  Yehova ubwiwe agomba rero abahe ikimenyetso: umve, umwigeme azosama inda maze avyare umuhungu+, kandi azomwita Emanweli*+. 15  Azorya amasoro n’ubuki ataramenya kwanka ikibi no guhitamwo iciza. 16  Kuko imbere y’uko uwo muhungu amenya kwanka ikibi no guhitamwo iciza, ibihugu vy’abo bami babiri utinya cane bizosigara ari akahebwe+. 17  Wewe n’abantu bawe n’abo mu rugo rwa so, Yehova azotuma mushikirwa n’ibihe bigoye bitigeze kubashikira kuva umusi Abefurayimu bitandukanya n’Ubuyuda+, kuko azorungika umwami wa Ashuri ngo abatere+. 18  Kuri uwo musi Yehova azovuza agahwa ahamagare insazi ziri hariya kure ku migende ya Nili mu Misiri, ahamagare n’inzuki ziri mu gihugu ca Ashuri. 19  Zizoza zose zigwe mu myonga ihanamye*, ku migaga y’ibitandara, ku bisaka vyose vy’amahwa no ku ngomero zose. 20  Kuri uwo musi, Yehova azokoresha urwembe* rwakoswe mu karere ka rwa ruzi runini*, ni ukuvuga ku mwami wa Ashuri+, abamwe umutwe n’ubwoya bwo ku maguru, kandi ntiruzosigaza n’ubwanwa. 21  Kuri uwo musi, umuntu azozigamira ubuzima ishashi yo mu busho bwiwe n’intama zibiri. 22  Kubera ko hazoboneka amata menshi, azorya amasoro. Kandi abazoba basigaye mu gihugu bose bazorya amasoro n’ubuki. 23  Kuri uwo musi, ahantu hose hahora imizabibu 1.000 ifise agaciro k’ifeza 1.000, hazosigara hari ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi gusa. 24  Abantu bazojayo bitwaje imyampi n’imiheto, kuko igihugu cose kizocika ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi. 25  Imisozi yose bahora baharuza isuka ntuzoyegera kubera ugutinya ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi. Izosigara ari ahantu inka zirisha, intama na zo zikahahonyanga.»

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntiyahafata.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu ya Dawidi.»
Iryo zina risobanura ngo «amasigarira gusa ni yo azogaruka.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «tuhatere ubwoba.»
Canke «duce ibihengeri mu nzitiro zaho.» Mu giheburayo havuga ngo «tuhasature.»
Iryo zina risobanura ngo «Imana iri kumwe natwe.»
Canke «ku manga.»
Canke «urumosho.»
Ni uruzi Efurate.