Yesaya 62:1-12

  • Izina rishasha rya Siyoni (1-12)

62  Ku bwa Siyoni sinzonuma+,kandi ku bwa Yeruzalemu sinzotekereza,gushika ubugororotsi bwaho bukayanganye nk’umuco wakaka+,ubukiriro bwaho na bwo bukaka nk’ikimuri+.   «Ewe mugore, amahanga azobona ubugororotsi bwawe+,abami bose babone ubuninahazwa bwawe+. Uzokwitwa izina rishasha+,rivuye mu kanwa ka Yehova ubwiwe.   Uzoba urugori rw’ubwiza mu kuboko kwa Yehova,ube igitambara abami bazingira mu mutwe mu kiganza c’Imana yawe.   Ntuzokwongera kwitwa umugore yahebwe+,canke ngo igihugu cawe gisubire kwitwa umusaka+. Ahubwo uzokwitwa Uwumpimbara+,igihugu cawe na co citwe Uwarongowe. Kuko Yehova azohimbarwa kubera wewe,kandi igihugu cawe kizomera nk’umugore yarongowe.   Kuko ababa iwawe bazokurongorank’uko umusore arongora umwigeme w’isugi. Kurya umukwe anezerwa kubera umugeni,ni ko n’Imana yawe izonezerwa kubera wewe+.   Ewe Yeruzalemu, nashize inderetsi hejuru ku nzitiro zawe. Umurango wose n’ijoro ryose ntizikwiye kwigera zinuma. Mwebwe muvuga ivyerekeye Yehova,ntimuruhuke,   kandi ntimumwemerere kuruhuka gushika akomeje Yeruzalemu,emwe, gushika ayigize ikintu gishemezwa mw’isi yose+   Yehova yarahije ukuryo kwiwe, arahiza ukuboko kwiwe gukomeye ati: «Sinzoreka ngo abansi bawe bongere kurya intete zawe,kandi abanyamahanga ntibazonywa umuvinyu wawe mushasha wacumukuriye+.   Ahubwo abimbura intete ni bo bazozirya, kandi bazoshemeza Yehova.Abegeranya inzabibu ni bo bazonywera umuvinyu mu bigo vyanje vyeranda+ 10  Nimurengane, nimurengane muciye mu marembo. Nimutunganirize abantu inzira+. Nimutsindagire ibarabara rikuru* riringanire. Nimurikuremwo amabuye+. Nimushingire ikimenyetso* amahanga+. 11  Ibi ni vyo Yehova yatangaje gushika ku mpera z’isi ati: «Nimubwire umukobwa wa Siyoni muti:“Raba! Ubukiriro bwawe buraje+. Raba! Imana ije ifise impera itanga,kandi impembo itanga iri imbere yayo+.”» 12  Bazokwitwa abantu beranda, abantu bacunguwe na Yehova+,nawe uzokwitwa igisagara kironderwa, igisagara kitahebwe+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ryagutse.»
Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»