Yesaya 3:1-26
3 Kuko Umukama w’ukuri, Yehova Nyeningabo,agira akure muri Yeruzalemu no mu Buyuda ibintu vyose bibafasha n’ivyo bikorako,ni ukuvuga ivyo kurya, amazi+,
2 umugabo w’intwari, umurwanyi,umucamanza, umuhanuzi+, uwuragura, umushingantahe,
3 umukuru w’abantu 50+, umunyacubahiro, umujanama,karuhariwe mu vy’amageza n’umuhanga mu vyo kugota inzoka+.
4 Uduhungu ni two nzogira abatware babo,kandi abantu ba mahindagu ni bo bazobaganza.
5 Hazoba agacinyizo mu bantu,umwe wese acinyize mugenziwe+.
Umwana w’umuhungu azosimbira ku mutama,umuntu mutoyi aburire isoni umuntu yubahwa+.
6 Umwe wese azofata mwenewabo wo mu rugo rwa se, amubwire ati:
«Ko wewe ufise umutamana, nutubere umukuru,
uganze aha hantu hasambaguritse.»
7 Mugabo kuri uyo musi azovyanka, avuge ati:
«Sinshaka kuba uwubavura ibikomere*.Nta vyo kurya canke impuzu mfise mu nzu iwanje.
Ntimungire umukuru wo kuganza abantu.»
8 Yeruzalemu yaratsitayen’Ubuyuda buragwakuko barwanya Yehova mu vyo bavuga no mu vyo bakora.Bakora ivy’akagaye imbere y’ubuninahazwa bwiwe*+.
9 Mu maso habo harabagiriza.Igicumuro cabo bakivugira ahabona nk’ab’i Sodomu+.Ntibagerageza kukinyegeza.
Baragowe kuko bikwegera ivyago.
10 Nimumenyeshe abagororotsi ko bizobagendera neza.Bazohemberwa ivyo bakora*+.
11 Umubisha aragowe.
Azoshikirwa n’ivyagokuko ivyo yakoze ari vyo na we azokorerwa.
12 Nayo abantu banje, ababakoresha ibikorwa barabahohotera,kandi abagore ni bo babaganza.
Bantu banje, ababayobora batuma mwangara,bakabazimagiza, ntimumenye inzira+.
13 Yehova ariko aritegurira kubagiriza.Arahagurutse ngo asomere urubanza amahanga.
14 Yehova azocira urubanza abashingantahe n’abatware bo mu bantu biwe.
Azobabwira ati: «Mwaraturiye umurima w’imizabibu murawutongora.Ivyo mwivye umukene biri mu mazu yanyu+.
15 Mwubahuka gute kujanjagura abantu banje,mugahonyangira hasi*+ umukene?», ni ko Umukama Segaba Yehova Nyeningabo avuze.
16 Yehova avuze ati: «Kubera ko abakobwa b’i Siyoni bibona,bagatambuka amazosi bararitse,barabana ubweruzi, batambukana ubwishime,bakagenda barajegeza inyerere bambaye ku birenge,
17 Yehova na we azoteza ibisekera imitwe y’abakobwa b’i Siyoni,kandi Yehova azotuma uruhanga rwabo rusigara rugaragara+.
18 Kuri uwo musi Yehova azobakurako ibisharizo vyabo: inyerere,udusharizo two mu mutwe, udusharizo twihese nk’ukwezi*+,
19 amahereni*, ibikomo, ibitambara vyo kwitwikira,
20 ibitambara vyo mu mutwe, imigufu yo ku maguru, imikanda,utwo bashiramwo amaparufe, uduheko*,
21 impeta, amahereni yo ku zuru,
22 amakanzu y’imararubanza, impuzu barenzako hejuru, imitamana, udusakoshi,
23 ivyirore vyo mu minwe+, impuzu zera*,ibitambara bazingira mu mutwe n’ivyo kwitwikira.
24 Mu kibanza c’amavuta amota neza*+ hazoba umunuko w’ikintu caboze,mu kibanza c’umukaba habe umugozi,mu kibanza c’umushatsi utunganije neza habe ubuhanza+,mu kibanza c’impuzu izimvye habe impuzu ikozwe mw’igunira+,mu kibanza c’ubwiza na ho habe inkovu y’umwotso*.
25 Abantu bawe bazokwicishwa inkota,abagabo b’intwari bagwe ku rugamba+.
26 Amarembo y’i Siyoni azoboroga agandare+.Hazomera nk’umugore yasahuwe vyose, yicaye hasi+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «uwubatubika ibikomere», «umuvuzi wanyu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mu maso y’ubuninahazwa bwiwe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bazorya ivyamwa vy’ibikorwa vyabo.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mugasya.»
^ Canke «ibihete.»
^ Canke «amahereni arekera.»
^ Canke «ibiruka bisūma, bambara nk’udusharizo.»
^ Canke «impuzu zo munsi.»
^ Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
^ Iyo nkovu ni ikimenyetso bashira ku mubiri w’umushumba canke w’imbohe, bakoresheje icuma gishushe cane.