Yesaya 15:1-9
-
Urubanza rwaciriwe Mowabu (1-9)
15 Ng’uru urubanza rwaciriwe Mowabu+:
Kubera ko hatikijwe mw’ijoro rimwe,Ari+ h’i Mowabu hanumijwe.
Kubera ko hatikijwe mw’ijoro rimwe,Kiri+ h’i Mowabu hanumijwe.
2 Baraduze* ku rusengero* n’i Diboni+,ku bibanza basengeramwo*, baja kuririrayo.
Mowabu iraboroga kubera Nebo+ no kubera Medeba+.
Imitwe yose iraharanguye+ n’ubwanwa bwose buramoye+.
3 Bagenda bambaye amagunira mu mabarabara.
Bose baborogera hejuru ku nzu zabo no mu bibanza rusangi.Bararira bagahwera gushika hasi*+.
4 I Heshiboni n’i Eleyale+ harasemerera.Ijwi ryaho ryumvikanye gushika i Yahazi+.
Ni co gituma ingabo z’i Mowabu ziguma zivuza akaruru.
Hari ukujugumira.
5 Umutima wanje uririra Mowabu.
Impunzi zaho zahunze gushika i Zowari+ n’i Egulati-Shelishiya+.
Baduga umudugo w’i Luhiti barira.Baja i Horonayimu baboroga kubera ivyo vyago+.
6 Kuko amazi y’i Nimurimu yakamye.Ivyatsi bitotahaye vyumye,vyose vyagiye, nta na kimwe gisigaye ari gitoto.
7 Ni co gituma bagenda bajanye ivyo bari basigaranye mu bubiko n’ivyo bari batunze.Bariko barajabuka umwonga w’ibiti vyitwa imyarava*.
8 Amaborogo arasamirana mu karere kose ka Mowabu+.
Urwamo rw’amarira rushika i Egulayimu,rushika n’i Beri-Elimu.
9 Amazi y’i Dimoni asigaye yuzuye amaraso.Kandi hari ibindi mbikiye Dimoni:
nzorungika intambwe ku bantu b’i Mowabu bacitse kw’icumuno ku basigaye mu gihugu+.
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku bibanza bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuri ya nzu.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «yaraduze.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bamanuka barira.»
^ Mu gifaransa vyitwa peupliers.