Yesaya 66:1-24
66 Yehova avuze ati:
«Ijuru ni yo ntebe yanje y’ubwami, isi na yo ni intebe y’ibirenge vyanje+.
None ni inzu nyabaki mushobora kunyubakira+,kandi ahantu noruhukira ni hehe+?»
2 Yehova avuze ati: «Ukuboko kwanje ni kwo kwakoze ibi vyose,kandi ukwo ni ko vyose vyabayeho+.
Uyu rero ni we nzokwitegereza:umuntu yicisha bugufi kandi avunitse umutima, ajugumizwa* n’ijambo ryanje+.
3 Uwukerera impfizi ameze nk’uwica umuntu+.
Uwutanga ikimazi c’intama ameze nk’uwuvuna imbwa izosi+.
Uwushikana ingabire ameze nk’uwushikana amaraso y’ingurube+.
Uwushikiriza imibavu*+ ngo ibe icibutso ameze nk’uwuhezagira umuntu akoresheje amajambo y’ivy’amageza*+.
Bahisemwo inzira zabo bwite,kandi ibintu bisesemye ni vyo bibahimbara.
4 Nanje nzohitamwo uburyo butandukanye bwo kubahana+,kandi birya nyene batinya ni vyo nzobateza,
kubera ko igihe nahamagara ata n’umwe yitavye,n’igihe navuga nta n’umwe yumvirije+.
Bagumye bakora ivyo mbona ko ari bibi,bahitamwo gukora ibimbabaza+.»
5 Nimwumve ivyo Yehova avuze, mwebwe abajugumizwa* n’ijambo ryiwe:
«Benewanyu babanka, bakabaca babahoye izina ryanje, bavuze ngo: “Yehova naninahazwe+!”
Mugabo azoseruka atume mugira umunezero,kandi ni bo bazomaramara+.»
6 Hari urwamo rw’intureka ruva mu gisagara, urwamo ruva mu rusengero!
Ni urwamo rwa Yehova ariko yishura abansi biwe ivyo bakwiriye.
7 Umugore yavyaye atarafatwa n’ibise+,
yibaruka umwana w’umuhungu atarafatwa n’imisonga.
8 Ni nde amaze kwumva ikintu nk’ico?
Hari uwurabona ibintu nk’ivyo?
Mbega igihugu covuka mu musi umwe,
canke ihanga ryose rikavukira icarimwe?
Yamara Siyoni yapfuye gufatwa n’ibise, aca yibaruka abahungu.
9 «Mbega notuma umwana agera aho avuka nkaca ndamubuza kuvuka?» ni ko Yehova avuga.
«Canke notuma umuvyeyi atangura kwibaruka nkaca nugara igitereko?» ni ko Imana yawe ivuze.
10 Yemwe mwese abakunda Yeruzalemu+, nimuhimbarwe hamwe na we, munezeranwe+!
Mwese abamugandariye nimwiginane na we rwose,
11 kuko muzokwonka ibere ryiwe ry’ukwirurwa mugahaga neza.Muzonywa cane muryohererwe ubuninahazwa bwiwe bwinshi.
12 Kuko Yehova avuze ati:
«Ngira ndamuhe amahoro ameze nk’uruzi+,n’ivyiza vy’amahanga nk’uruzi rwuzuye+.
Muzokwonka, babaterurire mu mafyinga,babasimbagirize ku bibero.
13 Kurya inabibondo ahoza umwana wiwe,ni ko namwe nzoguma ndabahoza+.Muzohozwa mu bijanye na Yeruzalemu+.
14 Muzobibona umutima wanyu uryoherwe,amagufa yanyu atotahare nk’ubwatsi butoto.
Abasavyi ba Yehova bazomenya ukuboko* kwiwe,mugabo abansi biwe azobereka uburake bwiwe+.»
15 «Kuko Yehova azoza nk’umuriro+,kandi imikogote yiwe imeze nk’umuyaga w’igihuhusi+.Azoza kugira ngo abihore afise ishavu ryinshi,abakosoze imbeya z’umuriro+.
16 Kuko Yehova azoshitsa urubanza ku bantu bose* akoresheje umuriro,emwe, akoresheje inkota yiwe.Abo Yehova azokwica ni benshi.
17 Abiyeza kandi bakihumanura kugira baje mu mirima*+ bakurikiye umuntu ari hagati*, abarya inyama z’ingurube+, ibintu bishisha be n’imbeba+, bose bazohonera rimwe», ni ko Yehova avuze.
18 «Ndazi ivyo bakora n’ivyo biyumvira. Rero nje kwegeranya abantu bo mu mahanga yose n’indimi zose. Bazoza babone ubuninahazwa bwanje.»
19 «Nzoshira ikimenyetso hagati yabo. Bamwe mu bacitse kw’icumu nzobarungika mu mahanga atumvise inkuru zinyerekeye canke ngo abone ubuninahazwa bwanje. Ayo mahanga ni Tarushishi+, Puli na Ludi+, amahanga arimwo abafora imiheto, Tubali, Yavani+ n’amazinga ya kure. Bazomenyekanisha ubuninahazwa bwanje mu mahanga+.
20 Bazozana benewanyu bose nk’ingabire ihabwa Yehova, babakuye mu mahanga yose+. Bazobazana ku mafarasi, mu mikogote, mu mikogote ipfutse, ku ndogobwa* no ku ngamiya zinyaruka, babashikane ku musozi wanje mweranda Yeruzalemu», ni ko Yehova avuze. «Bazobazana nk’uko Abisirayeli bazana ingabire zabo mu combo kidahumanye, mu nzu ya Yehova.»
21 «Kandi nzotora bamwe muri bo babe abaherezi, abandi babe Abalewi», ni ko Yehova avuze.
22 «Kuko uruvyaro* rwanyu n’izina ryanyu bizogumaho nk’uko ijuru rishasha n’isi nshasha+ ngira ndeme* bizogumaho imbere yanje», ni ko Yehova avuze+.
23 «Kuva ku mboneko y’ukwezi gushika ku yindi, no kuva kw’isabato gushika ku yindi,abantu bose* bazoza buname imbere yanje*+», ni ko Yehova avuze.
24 «Bazosohoka bitegereze imivyimba y’abantu bahora bangarariza,kuko inyo zizobatondako zitazopfa,n’umuriro uzobaturira ntuzozima+.Bazoba ikintu gishisha abantu bose*.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «arazwa ishinga.»
^ Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’uwushemeza ikigirwamana.»
^ Canke «abarazwa ishinga.»
^ Canke «ububasha.»
^ Canke «ku gifise umubiri cose.»
^ Ni imirima yahariwe ugusenga ibigirwamana.
^ Uwo «muntu ari hagati» bishoboka ko ari ikigirwamana canke ishusho yakoreshwa mu gusenga.
^ Canke «ku nyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.
^ Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ndiko ndarema.»
^ Canke «igifise umubiri cose.»
^ Canke «bansenge.»
^ Canke «igifise umubiri cose.»