Yesaya 9:1-21

  • Umuco mwinshi mu karere ka Galilaya (1-7)

    • Havuka «Umutware w’amahoro» (6, 7)

  • Imana izohana Abisirayeli (8-21)

9  Ariko rero, umuzimagiza ntuzoba nk’igihe igihugu cari mu magorwa, nk’igihe ca kera aho akarere ka Zabuloni n’aka Nafutali twakengerwa+. Mu nyuma izotera iteka ya nzira y’iruhande y’ikiyaga, akarere ka Yorodani, Galilaya y’amahanga.   Abantu bahora bagendera mu mwizababonye umuco mwinshi. Nayo ababa mu gihugu c’umwiza* w’umuzitanya,umuco wabakayanganiyeko+.   Wagwije ihanga,utuma umunezero waryo uba mwinshi. Banezererwa imbere yawenk’uko abantu banezerwa mu gihe c’iyimbura,nk’uko abantu banezerwa igihe bagabura isahu.   Kuko wajanjaguye igiti bikoreza imizigo*,inkoni bakubitwa ku bitugu, n’ikibando c’ababakoresha ibikorwanka ca gihe Midiyani yatsindwa+.   Ibotine yose y’uwunyiganyiza isi mu gutambukan’impuzu yose yajobetswe mu maraso,bizoturirwa n’umuriro kurya kw’inkwi.   Kuko hari umwana yatuvukiye+,twaronse umuhungu.Ubutware* buzokwama ku rutugu rwiwe+. Azokwitwa Umujanama w’agatangaza+, Imana ikomeye+, Data ahoraho, Umutware w’amahoro.   Ubutware* bwiwe buzokwira hose,kandi amahoro ntazogira iherezo+ku ntwaro* ya Dawidi+ no mu bwami bwiwe.Buzokomezwa+ bushigikirwebiciye ku butungane+ n’ubugororotsi+,kuva ubu no gushika ibihe bidahera. Umwete wa Yehova Nyeningabo ni wo uzobikora.   Yehova yarungitse ubutumwa bwo gucira urubanza Yakobo,bushika kuri Isirayeli+.   Abantu bose bazobimenya,ni ukuvuga Abefurayimu n’ababa i Samariya,bavugana ubwibone n’ukutisonera mu mutima bati: 10  «Amatafari yaraguye,mugabo tuzokwubakisha amabuye abajwe+. Ibiti vy’imisukomora vyariciwe,mugabo tuzobisubiriza amasederi.» 11  Yehova azohagurutsa abarwanya Rezini,atume abansi biwe bamutera. 12  Siriya izozanana mu buseruko, Abafilisitiya na bo mu burengero*+.Bazokwasamika cane umunwa bamire Isirayeli+. Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana+. 13  Kuko abantu batagarutse ku wubakubita.Ntibarondeye Yehova Nyeningabo+. 14  Mu musi umwe Yehova azokura muri Isirayeliumutwe n’umurizo, umuvyaro n’urukangaga*+. 15  Umutwe ni umuntu w’umushingantahe yubahwa cane,umurizo na wo ni umuhanuzi atanga inyigisho y’ikinyoma+. 16  Abayobora aba bantu batuma bangara,kandi abayoborwa barabura iyo bava n’iyo baja. 17  Ni co gituma Yehova atazonezererwa imisore yabo,kandi ntazogirira akagongwe impfuvyi* zabo n’abapfakazi babo,kuko bose bahevye Imana* bakaba n’inkozi z’ikibi+,kandi bose bavuga ivy’ubupfu. Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana+. 18  Kuko ububisha bururumba nk’umuriro,bugaturira ibisaka vy’amahwa n’ivyatsi bibi. Buzokwatsa umuriro mu bisaka bizitanye vy’ishamba,biduge ari umwotsi umeze nk’igicu. 19  Kubera ishavu ryinshi rya Yehova Nyeningaboigihugu cadometswe,kandi abantu bazocika nk’inkwi zo gucana umuriro. Nta n’umwe azokwumvira akagongwe na mwenewa⁠bo. 20  Umuntu umwe azokeba arye iburyo,ariko agume ashonje,uwundi arye ibubamfu,ariko ntahage. Umwe wese azorya inyama z’ukuboko kwiwe. 21  Manase azorya Efurayimu,Efurayimu na we arye Manase. Bazorwaniriza hamwe Ubuyuda+. Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana+.

Utujambo tw'epfo

Canke «c’igitutu.»
Canke «wajanjaguye ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «ubutegetsi», «ubutware bwa kiganwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku ntebe y’ubwami.»
Canke «ubutegetsi», «ubutware bwa kiganwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «baturuke inyuma.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ishami ry’ikigazi n’irenga.»
Canke «abana batagira ba se.»
Canke «ari abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).