Yesaya 47:1-15

  • Ugutemba kwa Babiloni (1-15)

    • Abaragurira ku nyenyeri nta co bamaze (13-15)

47  Manuka wicare mu mukungugu,ewe mukobwa w’isugi wa Babiloni+! Icara hasi ahatagira intebe y’ubwami+,ewe mukobwa w’Abakaludaya,kubera ko batazokwongera kuvuga ko wamikaye canke ko ufashwe neza.   Tora urusyo* usye ifu. Kura igitambara witwikiriye. Duza impuzu yawe upfukure amaguru. Jabuka inzuzi.   Ubwambure bwawe buzopfukurwa. Ibimaramare vyawe bizoshirwa ahabona. Nzokwihora+ kandi nta muntu n’umwe azombuza*.   «Umwe aducungura,umwe yitwa Yehova Nyeningabo,ni Umweranda wa Isirayeli+   Icara ng’aho ucereje, uje mu mwiza,ewe mukobwa w’Abakaludaya+.Ntibazosubira kukwita umwamikazi aganza abami*+.   Narashavuriye abantu banje+. Narahumanije ihanga ryanje*+,maze ndabatanga mu kuboko kwawe+. Mugabo nta kagongwe wabagiriye+. N’umutama wamuremetse umutwaro* uremereye+.   Wavuze uti: «Nzokwama ndi umwamikazi* ibihe vyose+ Ivyo bintu ntiwabishizeko umutima,ntiwazirikanye iherezo ryavyo.   Niwumve ibi rero, wewe ukunda ivyo kwinezereza+,wewe wiyicariye mu mutekano, ukibwira mu mutima ngo: «Nta wundi ariho ameze nkanje+. Sinzopfakara. Sinzokwigera mbura abana+   Mugabo ibi bintu bibiri bizogushikira bukwi na bukwi, ku musi umwe+: ukubura abana n’ugupfakara. Ivyo bintu bizogushikako ku rugero rwuzuye+,kubera ubupfumu bwawe bwinshi n’uburozi* bwawe bwose bukomeye*+. 10  Wizigiye ububisha bwawe. Wavuze ngo: «Nta n’umwe ambona.» Ubukerebutsi bwawe n’ubumenyi bwawe ni vyo vyagutesheje inzira.Wibwira mu mutima ngo: «Nta wundi ariho ameze nkanje.» 11  Ariko ivyago bizokuzako,kandi nta bupfumu bwawe na bumwe buzobihagarika*. Amarushwa azokugwako kandi ntuzoshobora kuyirinda. Agatikizo katigeze kagushikira kazokuzako bukwi na bukwi+. 12  Bandanya rero uburozi* bwawe n’ubupfumu bwawe bwinshi+,ivyo wamye ukoresha n’umwete mwinshi kuva ukiri muto. Hari aho vyokwungura,canke ugatera abantu ubwoba. 13  Abajanama bawe benshi bakurambiye. Nibahaguruke rero bagukize,bamwe basenga ibiri kw’ijuru*, bakihweza inyenyeri+,bamwe bamenyesha ibintu ku mboneko z’ukwezi,bakakubwira ibizogushikira. 14  Raba! Bameze nk’ibishakara. Umuriro uzobaturira. Ntibashobora kwikiza imbeya zikomeye. Izo mbeya si nk’amakara umuntu yokoresha mu kwisusurutsa,canke umuriro umuntu yokwicara imbere. 15  Ukwo ni ko abapfumu bawe bazomera kuri wewe,abo mwakoranye n’umwete mwinshi kuva ukiri muto. Bazokwangara, umwe wese ajane inzira yiwe*. Nta n’umwe azogukiza+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «urusyo rw’amaboko.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi nta muntu n’umwe tuzohura ngo ngire impuhwe.»
Canke «inabuja w’abami.»
Mu giheburayo havuga ngo «intoranwa yanje.»
Canke «ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Canke «mabuja.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «naho ufise ubupfumu bwinshi n’uburozi bwinshi bukomeye.»
Canke «imitongero.»
Canke «ntuzomenya ukuntu wobigota.»
Canke «imitongero.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bamwe bagabura amajuru», «baragurira ku nyenyeri.»
Mu giheburayo havuga ngo «agende mu karere kiwe.»