Yesaya 24:1-23
24 Raba! Yehova agira acuranure igihugu* akigire umusaka+.
Agira acubike*+, abakibamwo abashwiragize+.
2 Bizoba cokimwe ku bantu bose:
ku munyagihugu no ku muherezi,ku musuku no kuri shebuja,ku musukukazi no kuri inabuja,ku wugura no ku wudandaza,ku wutiza no ku wutira,ku wutanga ingurane no ku wuyihabwa+.
3 Igihugu kizocuranurwa gisigare cera.Kizosahurwa urukombamazi+,kuko Yehova ari we abivuze.
4 Igihugu kiragandaye*+, kirayamye.
Ubutaka bwimbuka burakabiranye, buratitutse.
Abanyacubahiro bo mu gihugu basigaye ari goyigoyi.
5 Ababa mu gihugu baragihumanije+kuko barenze ku mategeko+,bahindura amabwirizwa+,bahonyanga isezerano ryamaho*+.
6 Ni co gituma umuvumo uhonya igihugu+,abakibamwo bagaharurwako icaha.
Ni co gituma ababa mu gihugu bagabanutse,hagasigara bake cane+.
7 Umuvinyu mushasha uragandaye*, n’umuzabibu wakabiranye+.Abari bahimbawe ku mutima bose bariko baraniha+.
8 Umunezero w’utugoma waheze,n’urwamo rw’abanyabirori bidagadura rwahagaze.Ijwi riteye umunezero ry’inanga ntiricumvikana+.
9 Banywa umuvinyu bataririmba.Abanywa inzoga bumva irura.
10 Igisagara catawe kirasenyuwe+.Inzu zose zirugaye ngo ntihagire uwinjira.
11 Abantu baraboroga mu mabarabara kubera babuze umuvinyu.
Akanyamuneza kose kahise,n’umunezero wahafashe+.
12 Igisagara gisigaye ari umusaka.Irembo ryajanjaguwe risigara ari ikirundo c’ibihomvagurike+.
13 Kuko uku ari ko bizomera mu gihugu no mu mahanga:
bizomera nk’igihe bahunguruye* igiti c’umwelayo+,nk’igihe iyimbura ry’inzabibu rirangiye hagasigara utwo batoragura+.
14 Bazoduza ijwi,bihe akamo k’umunezero.
Bazomenyekanisha ubukuru bwa Yehova bari mu kiyaga*+.
15 Ni co gituma bazoninahaza Yehova mu karere k’umuco*+,baninahaze izina rya Yehova Imana ya Isirayeli mu mazinga yo mu kiyaga+.
16 Twumva indirimbo ziva ku mpera z’isi zivuga ngo:
«Wa Mugororotsi nahabwe ubuninahazwa*+!»
Mugabo mvuga nti: «Ndayamye, ndayamye!
Ewe jewe ndagowe! Ibihemu vyahemutse.Ibihemu vyahemutse n’ubuhemu n’akantu+.»
17 Kuranduka umutima, imyobo n’imitego ni vyo bikurindiriye, wewe uba mu gihugu+.
18 Uwo wese azohunga urwamo rurandura umutima azogwa mu kinogo,uwuzova mu kinogo na we afatwe n’umutego+.
Kuko ingomero z’iyo hejuru zizokwugururwa,imishinge y’igihugu na yo itigite.
19 Igihugu casāvye.Igihugu canyigangijwe.Igihugu kiriko kirigonyonzora bimwe bikaze+.
20 Igihugu kigenda cicako nk’imborerwa,kigahungabana nk’akaruri gakubiswe n’umuyaga.
Igicumuro caco cakiremereye+.Igihugu kizogwa ku buryo kitazokwongera kuvyuka.
21 Kuri uwo musi Yehova azokwitaho ivy’ingabo z’iyo hejurun’ivy’abami bo hasi kw’isi.
22 Bazokoranirizwa hamwenk’uko imbohe zikoranirizwa mu cobo,bugaranirwe mu gasho.Inyuma y’imisi myinshi bazokwitabwaho.
23 Ukwezi kw’igisyo kuzoteterwa,na rya zuba rikayangana rimaramare+,kuko Yehova Nyeningabo abaye Umwami+ ku musozi Siyoni+ n’i Yeruzalemu,akagira ubuninahazwa imbere y’abashingantahe b’ihanga ryiwe*+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ahotore uburinganire bwaco.»
^ Canke «isi.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «kirumye.»
^ Canke «rya kera.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «urakamye.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «bakubise (n’inkoni).»
^ Canke «mu burengero.»
^ Canke «mu buseruko.»
^ Canke «igisharizo c’ubwiza.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’abashingantahe biwe.»