Yesaya 41:1-29

  • Umuntu avuye i burasirazuba azonesha amahanga (1-7)

  • Imana yatoye Isirayeli ngo ibe umusavyi wayo (8-20)

    • «Umugenzi wanje Aburahamu» (8)

  • Izindi mana zisabwa kwiburanira (21-29)

41  «Nimunyumvirize mucereje*, yemwe mwa mazinga.Amahanga niyikomeze. Niyegere, avuge+. Nimuze tuje hamwe, nce urubanza.  2  Ni nde yazanye umuntu amukuye i burasirazuba*+,akamuhamagara mu bugororotsi ngo amukorere*,ngo amufashe gutsinda amahangano kunesha abami+? Ni nde atuma bamera nk’umukungugu imbere y’inkota yiwe,bakamera nk’ibishakara biguruwe n’umuyaga imbere y’umuheto wiwe?  3  Arabakurikirana, akarengana ata wumutangira,agaca mu nzira atigeze ahonyozamwo ibirenge.  4  Ni nde yabikoze akabirangura,agahamagara urunganwe* ku rundi guhera mu ntango? Ni jewe Yehova, Umwe wa mbere+.No ku bazoza ubwa nyuma nzoguma ndi wa wundi+.»  5  Amazinga yarabibonye aratinya, impera z’isi zitangura kujugumira. Baraza bakegera.  6  Umwe wese afasha mugenziwe,akabwira mwenewabo ati: «Komera.»  7  Umunyamwuga w’umuhinga aremesha umucuzi+,uwuringaniza akoresheje inyundo y’umucuziakaremesha uwuhondesha inyundo ku cuma co gucurirako. Ku bijanye n’ingene icuma giteranije, avuga ati: «Giteranije neza.» Nya gishusho baca bagifatisha imisumari ngo ntigihenuke.  8  «Mugabo wewe ga Isirayeli, uri umusavyi wanje+.Wewe Yakobo naragutoye+,wewe ruvyaro* rw’umugenzi wanje Aburahamu+.  9  Wewe nagukuye ku mpera z’isi+,ndaguhamagara ndagukuye mu mihingo yayo ya kure. Nakubwiye nti: “Uri umusavyi wanje+.Naragutoye. Sinagutaye+. 10  Ntutinye kuko ndi kumwe nawe+. Ntuhagarike umutima kuko ndi Imana yawe+. Nzogukomeza, emwe nzogufasha+.Vy’ukuri, nzogufata n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi, ndakugumye.” 11  Raba! Abakugirira uburake bose bazomaramara, bateterwe+. Abakurwanya bazohinduka ubusa, bayogere+. 12  Uzorondera abakurwanya ubabure.Abagutera mu ntambara bazocika nk’ikintu kitabaho, nk’ubusa+. 13  Kuko jewe Yehova Imana yawe ngufata ukuboko kw’ukuryo,nkakubwira nti: “Ntutinye. Nzogufasha+.” 14  Ntutinye, wewe musiba* Yakobo+,mwebwe bantu ba Isirayeli. Nzogufasha», ni ko Yehova avuze, wa Mucunguzi wawe+, wa Mweranda wa Isirayeli. 15  «Raba! Nakugize ibibaho batonoza intete*+,igikoresho gishasha batonoza intete gifise amenyo akarishe impande zibiri. Uzohonyangira hasi imisozi, uyijanjagure,imirambi uyigire nk’umuguruka. 16  Uzobigosora,umuyaga ubikukumure.Igihuhusi kizobishwiragiza. Uzonezerwa kubera Yehova+,wiratire wa Mweranda wa Isirayeli+.» 17  «Abagorwa n’aboro bararondera amazi, ariko nta yo baronka. Ururimi rwabo rwumye kubera inyota+. Jewe Yehova nzobishura+. Jewe Imana ya Isirayeli sinzobaheba+. 18  Nzotuma inzuzi zitemba ku mirambi igaragara+,n’amasoko y’amazi atembe mu biyaya+. Ubugaragwa nzobugira ikidengeri c’amazi cuzuyeko amarenga,igihugu kigadutse na co gisigare kirimwo amasoko y’amazi+. 19  Mu bugaragwa nzohatera igiti c’isederi,umunyinya, umuhadasi* n’igiti c’ipinusi+. Mu kiyaya c’ubugaragwa nzohatera igiti c’umuberoshi,igiti c’umutidari n’akajwari+. 20  Nzobikora kugira ngo abantu bose babone, bamenye,bitwararike bongere batahureyuko ukuboko kwa Yehova ari kwo kwabikoze,kandi ko wa Mweranda wa Isirayeli ari we yabiremye+.» 21  Yehova avuze ati: «Nimushikirize imburano zanyu.» Umwami wa Yakobo avuze ati: «Nimutange ivyemezo vyanyu. 22  Nimutange ibimenyamenya, mutubwire ibizoba. Nimutubwire ivyabaye muri kahise* kugira ngo tubizirikane*,tumenye ico bizovamwo. Canke na ho mutumenyeshe ibigiye kuba+. 23  Nimutubwire ibizoba muri kazozakugira ngo tumenye ko muri imana+. Nimugire ico mukoze, caba ciza canke kibi,kugira dutangare tukibonye+. 24  Raba! Muri ikintu kitabaho,kandi ico mwakoze ni ubusa+. Uwubahitamwo wese ni ikintu gishisha+. 25  Hari umuntu nahagurukije mu buraruko, kandi azoza+.Ni umuntu ava i burasirazuba*+ azokwambaza izina ryanje. Azohonyanga abatware* nk’aho boba ari ibumba+,nka kurya umubumvyi ahonyanga ibumba ribisi. 26  Ni nde yabivuze kuva mu ntango kugira tubimenye,canke kuva mu bihe vya kera, kugira ngo tuvuge duti: “Avuga vyo+”? Mu vy’ukuri, nta n’umwe yabimenyesheje. Nta n’umwe yabivuze. Nta kintu na kimwe twabumvanye+.» 27  Ni je nabaye uwa mbere mu kubwira Siyoni nti: «Raba ng’ibi+!» Kandi nzorungika i Yeruzalemu uwutwara inkuru nziza+. 28  Mugabo nagumye ndaba, ariko nta n’umwe yari ahari.Nta n’umwe muri bo yashobora gutanga impanuro. Naguma ndabasaba ngo bishure. 29  Raba! Bose ni ikintu kitabaho*. Ibikorwa vyabo ni ubusa. Ibishusho vyabo bikozwe mu cuma* ni umuyaga kandi ni ibintu ata co bimaze+.

Utujambo tw'epfo

^ Canke «nimucereze imbere yanje.»
^ Canke «mu buseruko.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ngo aze ku birenge vyiwe.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «rubuto.»
^ Ni ukuvuga umuntu aciye bugufi, adashoboye kwirwanira.
^ Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).
^ Umuhadasi ni agati k’amababi ayagayaga n’amashurwe yera amota.
^ Mu giheburayo havuga ngo «ivya mbere.»
^ Canke «tubishireko umutima.»
^ Canke «mu buseruko.»
^ Canke «abatware bo hasi.»
^ Canke «c’uruhendo.»
^ Canke «mu cuma bashongesheje.»