IKIBAZO CA 17
Bibiliya yofasha gute umuryango wanyu?
ABAGABO/BA SEBIBONDO
«Ukwo ni ko n’abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Umugabo akunda umugore wiwe aba yikunda, kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe bwite. Ahubwo arawugaburira, akawubungabungana urukundo . . . Umwe wese muri mwebwe ategerezwa gukunda umugore wiwe nk’uko yikunda.»
«Ba sebibondo, ntimutere ishavu abana banyu, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero mwongera mubakebura nk’uko Yehova yashinze.»
ABAKENYEZI
«Umugore . . . ategerezwa kwubaha cane umugabo wiwe.»
«Yemwe bagore, nimuyobokere abagabo banyu, nk’uko bibereye imbere y’Umukama.»
ABANA
«Bana, nimugamburukire abavyeyi banyu nk’uko Umukama abigomba, kuko ari vyo bigororotse. “Tera iteka so wawe na nyoko wawe.” Iryo ni ryo tegeko rya mbere riri kumwe n’umuhango ugira uti: “Kugira ngo bikugendere neza, ubone kurambira kw’isi.”»
«Yemwe bana, nimugamburukire abavyeyi banyu muri vyose, kuko ari vyo bihimbara rwose Umukama.»