Yesaya 10:1-34

  • Imana izohana Abisirayeli (1-4)

  • Ashuri: inkoni y’ishavu ry’Imana (5-11)

  • Imana izohana Ashuri (12-19)

  • Amasigarira ya Yakobo azogaruka (20-27)

  • Imana izocira urubanza Ashuri (28-34)

10  Baragowe abasohora ingingo ziteza ivyago+,bakama bategura amategeko yo gucinyiza abandi,   kugira ngo bake abakene uburenganzira bwabo*,ntibatunganirize abarushwa bo mu bantu banje+,banyage abapfakazi,basahure n’impfuvyi*+.   Mbega muzogira iki umusi ivyanyu bizorabwa*+,igihe agatikizo kazoza kavuye kure+? Muzohungira kuri nde ngo abatabare+?Mbega hoho muzosiga hehe ubutunzi* bwanyu?   Nta kindi gisigaye atari ugusutama mu mbohecanke kugwa mu bishwe. Ku bw’izo mvo zose, ishavu ryiwe ntirirahwama,ahubwo ukuboko kwiwe kuraciteguriye kubahana+.   Ibi ni vyo avuze: «Ehe raba Umwashuri+!Ni inkoni yo kwerekana ishavu ryanje+.Ikibando kiri mu kuboko kwiwe na co cerekana uburake bwanje.   Nzomutuma kurwanya ihanga ry’abantu bahevye Imana*+,abantu banteye ishavu.Nzomutegeka kubanyaga no kubasahura ibintu vyinshino kubahonyanga nk’ivyondo mu mabarabara+.   Mugabo si vyo azoba yipfuza,kandi ivyo si vyo azoba yateguye mu mutima wiwe.Kubera ko mu mutima wiwe yipfuza guhonyano kurandura amahanga atari make, amahanga menshi.   Kuko avuga ati:“Mbega abatware banje bose si abami+?   Mbega i Kaluno+ si nk’i Karikemishi+? I Hamati+ si nk’i Arupadi+? I Samariya+ si nk’i Damasiko+? 10  Ukuboko kwanje kwarafashe ubwami bw’imana ata co zimaze,imana zari zifise ibishusho bibajwe biruta ivy’i Yeruzalemu n’i Samariya+. 11  Mbega uko nzoba nagiriye Samariya n’imana zaho ata co zimaze,si ko nyene nzogirira Yeruzalemu n’ibigirwamana vyaho+?” 12  Jewe Yehova ninarangiza igikorwa canje kijanye n’umusozi Siyoni n’i Yeruzalemu, nzohana umwami wa Ashuri kubera umutima wiwe utisonera n’amaso yiwe yibona akishira hejuru+. 13  Kuko avuga ati:“Nzobikora biciye ku nkomezi z’ukuboko kwanjeno ku bukerebutsi* bwanje, kuko nkerebutse. Nzokuraho imbibe z’amahanga+,nyage ubutunzi bwayo+,abaho ndabaneshe nk’umunyenkomezi+. 14  Nka kurya kw’umuntu ashize ukuboko mu cari,ni ko ukuboko kwanje kuzokwifatira ubutunzi bw’amahanga.Nka kurya kw’umuntu yegeranya amagi yahebwe,ni ko nzokwegeranya isi yose. Nta n’umwe azotababiza amababa canke ngo yugurure umunwa canke ngo ajwire.”» 15  Mbega ishoka yokwihaya ku wuyisatuza? Umusumeno wokwihaya ku wuwukoresha? Ikibando+ cozungagiza uwukiduza canke inkoni ikaduza umuntu kandi atari igiti? 16  Ku bw’ivyo rero, Umukama w’ukuri Yehova Nyeningaboazotuma abantu biwe* badoshe bonda bagahera+,acane n’umuriro wo guturira icubahiro ciwe+. 17  Umwe ari Umuco+ wa Isirayeli azoba umuriro+,Umweranda wiwe abe urubeya.Umuriro uzorurumba uturire ivyatsi vyiwe bibi n’ibisaka vyiwe vy’amahwa mu musi umwe. 18  Azoherengeteza ubwiza bw’ikibira ciwe n’ubw’umurima wiwe w’ivyamwa.Bizoba nka kurya umuntu arwaye agenda arahera+. 19  Ibiti bizosigara mu kibira ciwebizoba ari bike cane ku buryo n’umwana yoshobora kwandika igitigiri cavyo. 20  Kuri uwo musi, Abisirayeli bazoba basigaye,abakomotse kuri Yakobo bazoba barokotse,ntibazokwongera kwishimikiza uwabakubita+,ahubwo bazokwishimikiza Yehova,wa Mweranda wa Isirayeli, badahemuka. 21  Amasigarira gusa, ni ukuvuga amasigarira ya Yakobo,ni yo azogaruka kuri ya Mana ikomeye+. 22  Ewe Isirayeli, naho abantu baweboba benshi nk’udutete tw’umusenyi wo ku kiyaga,amasigarira yabo gusa ni yo azogaruka+. Ingingo yo kubahonya yarafashwe+,kandi ubutungane* buzobashwaramwo nk’isegenya+. 23  Ingingo yo kubahonya Umukama Segaba Yehova Nyeningabo yafashe,izoshitswa mu gihugu cose+. 24  Ni co gituma Umukama Segaba Yehova Nyeningabo avuze ati: «Bantu banje muba i Siyoni, ntimutinye kubera Umwashuri yahora abakubita inkoni+, akaduza ikibando nk’uko Misiri yagira+. 25  Kuko hasigaye akanya gatoyi cane simbe nkiratse. Ishavu ryanje rizohonya Abashuri+. 26  Yehova Nyeningabo azobakubitisha ikimoko+ nka ca gihe yatsindira Midiyani iruhande y’igitandara ca Orebu+. Azoduza ikibando ciwe hejuru y’ikiyaga, akiduze nk’uko yabigize mu Misiri+. 27  Uwo musi umutwaro w’Umwashuri uzokuva ku rutugu+,n’igiti yakuremetse co kwikoreza imizigo* kikuve kw’izosi+.Ico giti kizovunagurwa+ kubera amavuta* 28  Yagiye i Ayati+aca n’i Miguroni.I Mikimashi+ ahasiga ibintu vyiwe. 29  Bajabutse uruzi*barara i Geba+.Rama yajugumiye, Gibeya+ ca gisagara Sawuli yabamwo kirahunga+. 30  Mukobwa w’i Galimu, koma induru usemerere! Uriyubara Layisha! Ewe Anatoti+ urigorewe! 31  Ab’i Madumena bahunze, ab’i Gebimu barondera ubuhungiro. 32  Uyu musi nyene Umwashuri ahagarara i Nobu+. Ariko azungagiza igipfunsi atera ubwoba umusozi w’umukobwa wa Siyoni,umurambi Yeruzalemu yubatseko. 33  Raba! Umukama w’ukuri Yehova Nyeningabo ariko aca amashami,nya mashami akagwa hasi n’urwamo rukomeye+.Ibiti bisumba ibindi biriko biricirwa,ibirebire bigashirwa hasi. 34  Atema ibisaka bizitanye vy’ishamba akoresheje igikoresho c’icuma*,kandi Libani izogwishwa n’umunyenkomezi.

Utujambo tw'epfo

Canke «babuze abakene kwitura ubutungane.»
Canke «abana batagira ba se.»
Canke «umusi muzohanwa.»
Canke «ubuninahazwa.»
Canke «abantu b’abahuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «ku bwenge.»
Ni abantu b’Umwashuri.
Canke «igihano.»
Canke «n’ingogo yiwe.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Ashobora kuba ari amavuta bakoresha mu gucana canke ayo bakoresha mu kurobanura umwami.
Canke «icambu.»
Canke «ishoka.»