Yesaya 52:1-15
52 Vyuka, vyuka! Ambara inkomezi+, ewe Siyoni+!
Ambara impuzu zawe nziza+, ewe Yeruzalemu gisagara ceranda!
Kuko uwutagenyerewe* n’uwuhumanye batazokwongera kwinjira iwawe+.
2 Ikunkumure umukungugu, uhaguruke maze ufate icicaro, ewe Yeruzalemu!
Tekurura imigozi* waboheshejwe mw’izosi, ewe mukobwa wa Siyoni wagizwe imbohe+!
3 Kuko Yehova avuze ati:
«Mwagurishijwe kuri gusa+,kandi muzocungurwa ata mahera arishwe+.»
4 Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati:
«Mu ntango abantu banje bamanutse mu Misiri kubayo ari abanyamahanga+,maze Abashuri barabacinyiza ata mvo.»
5 «None ubu nkore iki?» ni ko Yehova avuze.
«Kuko abantu banje bajanywe kuri gusa.
Ababaganza baguma biha akamo bigamba+», ni ko Yehova avuze,«kandi izina ryanje riguma risuzugurwa+ bukarinda bwira.
6 Ku bw’iyo mvo, abantu banje bazomenya izina ryanje+.Ku bw’iyo mvo, kuri uwo musi bazomenya ko ari je ndiko ndavuga.
Emwe ni jewe!»
7 Ewe kuntu biteye igomwe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza+,uwutangaza amahoro+,uwuzanye inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta,uwutangaza ubukiriro,akabwira Siyoni ati: «Imana yawe ibaye Umwami+!»
8 Umviriza! Inderetsi zawe zishize ijwi hejuru.
Zihaye akamo k’umunezero icarimwe,kuko zizovyibonera neza* Yehova niyagarukana ab’i Siyoni.
9 Nimugire akamwemwe, mwihe akamo k’umunezero icarimwe, mwa bihomvagurike vy’i Yeruzalemu+,kuko Yehova yahojeje abantu biwe+, acungura Yeruzalemu+.
10 Yehova azinze impuzu ngo yereke amahanga yose ukuboko kwiwe kweranda+.Abo ku mpera zose z’isi bazobona ingene Imana yacu idukiza*+.
11 Nimuhindukire, nimuhindukire muveyo+. Ntimukore ku gihumanye na kimwe+.
Nimuve iwe+, mwirinde guhumana,mwebwe murerura ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova+.
12 Nimwagenda ntimuzota umutwecanke ngo muhunge,kuko Yehova azobaja imbere+,kandi Imana ya Isirayeli izogendera inyuma yanyu ibakingire+.
13 Raba! Umusavyi wanje+ azokorana ubukerebutsi*.
Azoshirwa hejuru, aduzwe,aninahazwe cane+.
14 Benshi baramuravye bumiwekuko mu maso hiwe hononywe kuruta ah’uwundi muntu wese,n’ubwiza bwiwe butangaje burononwa kuruta ubw’abandi bantu.
15 Ukwo nyene ni ko azotuma amahanga menshi ahababuka+.
Abami ntibazokurako umunwa* imbere yiwe+kuko bazobona ivyo batari barabwiwe,bashire umutima ku vyo batari barumvise+.
Utujambo tw'epfo
^ Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
^ Canke «iminyororo.»
^ Canke «amaso mu yandi.»
^ Canke «itsinda.»
^ Canke «ugutahura kwimbitse.»
^ Canke «bazobura ico bavuga.»