Yesaya 52:1-15

  • Vyuka, ewe Siyoni! (1-12)

    • Ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza birateye igomwe (7)

    • Inderetsi za Siyoni ziha akamo icarimwe (8)

    • Abarerura ibikoresho vya Yehova bategerezwa kudahumana (11)

  • Umusavyi wa Yehova azoninahazwa (13-15)

    • Umuntu afise mu maso hononywe (14)

52  Vyuka, vyuka! Ambara inkomezi+, ewe Siyoni+! Ambara impuzu zawe nziza+, ewe Yeruzalemu gisagara ceranda! Kuko uwutagenyerewe* n’uwuhumanye batazokwongera kwinjira iwawe+.   Ikunkumure umukungugu, uhaguruke maze ufate icicaro, ewe Yeruzalemu! Tekurura imigozi* waboheshejwe mw’izosi, ewe mukobwa wa Siyoni wagizwe imbohe+!   Kuko Yehova avuze ati: «Mwagurishijwe kuri gusa+,kandi muzocungurwa ata mahera arishwe+   Kuko Umukama Segaba Yehova avuze ati: «Mu ntango abantu banje bamanutse mu Misiri kubayo ari abanyamahanga+,maze Abashuri barabacinyiza ata mvo.»   «None ubu nkore iki?» ni ko Yehova avuze. «Kuko abantu banje bajanywe kuri gusa. Ababaganza baguma biha akamo bigamba+», ni ko Yehova avuze,«kandi izina ryanje riguma risuzugurwa+ bukarinda bwira.   Ku bw’iyo mvo, abantu banje bazomenya izina ryanje+.Ku bw’iyo mvo, kuri uwo musi bazomenya ko ari je ndiko ndavuga. Emwe ni jewe!»   Ewe kuntu biteye igomwe ku misozi ibirenge vy’uwuzanye inkuru nziza+,uwutangaza amahoro+,uwuzanye inkuru nziza y’ikintu ciza kuruta,uwutangaza ubukiriro,akabwira Siyoni ati: «Imana yawe ibaye Umwami+   Umviriza! Inderetsi zawe zishize ijwi hejuru. Zihaye akamo k’umunezero icarimwe,kuko zizovyibonera neza* Yehova niyagarukana ab’i Siyoni.   Nimugire akamwemwe, mwihe akamo k’umunezero icarimwe, mwa bihomvagurike vy’i Yeruzalemu+,kuko Yehova yahojeje abantu biwe+, acungura Yeruzalemu+. 10  Yehova azinze impuzu ngo yereke amahanga yose ukuboko kwiwe kweranda+.Abo ku mpera zose z’isi bazobona ingene Imana yacu idukiza*+. 11  Nimuhindukire, nimuhindukire muveyo+. Ntimukore ku gihumanye na kimwe+. Nimuve iwe+, mwirinde guhumana,mwebwe murerura ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova+. 12  Nimwagenda ntimuzota umutwecanke ngo muhunge,kuko Yehova azobaja imbere+,kandi Imana ya Isirayeli izogendera inyuma yanyu ibakingire+. 13  Raba! Umusavyi wanje+ azokorana ubukerebutsi*. Azoshirwa hejuru, aduzwe,aninahazwe cane+. 14  Benshi baramuravye bumiwekuko mu maso hiwe hononywe kuruta ah’uwundi muntu wese,n’ubwiza bwiwe butangaje burononwa kuruta ubw’abandi bantu. 15  Ukwo nyene ni ko azotuma amahanga menshi ahababuka+. Abami ntibazokurako umunwa* imbere yiwe+kuko bazobona ivyo batari barabwiwe,bashire umutima ku vyo batari barumvise+.

Utujambo tw'epfo

Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Canke «iminyororo.»
Canke «amaso mu yandi.»
Canke «itsinda.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «bazobura ico bavuga.»