Yesaya 28:1-29

  • Ziragowe imborerwa za Efurayimu! (1-6)

  • Abaherezi n’abahanuzi bo mu Buyuda bagenda bicako (7-13)

  • «Isezerano n’urupfu» (14-22)

    • Ibuye rigumya imfuruka rishingwa i Siyoni (16)

    • Igikorwa kidasanzwe ca Yehova (21)

  • Akarorero k’indero nziza Yehova atanga (23-29)

28  Ruragowe urugori* rwiyerekana* rw’imborerwa za Efurayimu+,n’ishurwe rikabiranye ry’ubwiza buteye igomweriri ku gasozi kari hejuru y’umubande umera w’abasinzikajwe n’umuvinyu!   Raba! Yehova arafise umuntu akomeye kandi w’ububasha. Azoruterera hasi n’inguvunka kurya kw’igihuhusi kirimwo urubura n’imituragaro, imiyaga itema igatongora,nka kurya kw’imvura ikomeye y’isegenya izananye n’igihuhusi kirimwo imituragaro.   Ingori ziyerekana* z’imborerwa za Efurayimuzizokandagirwa n’ibirenge+.   Kandi ishurwe rikabiranye ry’ubwiza buteye igomweriri ku gasozi kari hejuru y’umubande umera,rizoba nk’insukoni yeze kare ici ritaratangura. Uwuyibonye arayamura, agaca ayimira ubwo nyene.  Kuri uwo musi Yehova Nyeningabo azobera abantu biwe basigaye+ urugori rwiza cane n’igitsibo c’amashurwe giteye igomwe.  Azotuma abacamanza bakurikiza ubutungane*, abere isoko ry’inkomezi abigizayo igitero kw’irembo ry’igisagara+.   Abaherezi n’abahanuzi na bo nyene barazimiye kubera umuvinyu.Inzoga banywa zituma bagenda bicako. Inzoga zarabazimije.Umuvinyu urabavuruga ubwenge,bakagenda bicako kubera inzoga.Ivyo berekwa birabazimiza,bakihenda mu guca imanza*+.   Kuko imeza zabo zuzuye ibidahwe vy’umucafu.Nta ho bitari.   Bavuga ngo: «Uwo yokwigisha nde?Yosigurira nde ubutumwa? Namba ari barya baheruka gucuka bataconka,barya baheruka gukurwa kw’ibere! 10  Kuko aguma avuga ngo: “Ibwirizwa ku rindi, ibwirizwa ku rindi,itegeko*+ ku rindi, itegeko ku rindi,aha dukeyi, harya dukeyi.”» 11  Imana na yo rero izovugana n’iri hanga biciye ku bantu bagigimiza* kandi bavuga ururimi runyamahanga+. 12  Yari yababwiye iti: «Ahantu ho kuruhukira ni aha. Uwurushe naruhuke. Aha ni ho hantu ho kugarurira agatege.» Mugabo baranse kwumva+. 13  Uku rero ni ko Yehova azobabwira: «Ibwirizwa ku rindi, ibwirizwa ku rindi,itegeko*+ ku rindi, itegeko ku rindi,aha dukeyi, harya dukeyi.» Ivyo azobigira kugira ngo batsitare bariko baragenda,bagwire umugongo maze bavunike,bagwe mu mutego, bafatwe+. 14  Nimwumve rero ijambo rya Yehova, mwebwe mwirata,mwebwe batware b’aba bantu bari i Yeruzalemu, 15  kuko muvuga muti: «Twaragiranye isezerano n’urupfu+,tugirana umwumvikano n’ukuzimu*. Umwuzure ukaze niwatera giturumbukantuzodushikirakuko ikinyoma twakigize ubuhungiro bwacu,twihisha mu bubeshi+ 16  Ni co gituma Umukama Segaba Yehova avuze ati: «Ehe ndiko nshinga i Siyoni ibuye ry’umushinge, ibuye ryagejejwe+.Ndiko ndahashinga ibuye rigumya imfuruka+ ry’agaciro ngo ribe umushinge ukomeye+. Nta wizera azota umutwe+. 17  Ubutungane nzobugira umugozi wo gupimisha+,ubugororotsi ndabugire inivo*+. Urubura ruzokukumura ubuhungiro bw’ikinyoma,amazi na yo asegenyuke akureho ahantu mwihisha. 18  Isezerano mwagiranye n’urupfu rizokurwaho,kandi umwumvikano mwagiranye n’ukuzimu ntuzorama+. Umwuzure ukaze niwatera giturumbukauzobamenagura. 19  Igihe cose uzoterauzobakukumura+,kuko uzotera uko bukeye,ku murango no mw’ijoro. Ukuranduka umutima ni kwo gusa kuzotuma abantu batahura ivyo bumvise* 20  Kuko uburiri ari bugufi cane ku buryo ata woryama agororotse,n’ishuka ni ntoyi cane ku buryo ata woyikwirwamwo. 21  Kuko Yehova azova hasi nk’uko yabigize ku musozi Perasimu,agire ico akoze nko muri ca kiyaya kiri hafi y’i Gibeyoni+.Hazoba ari ukugira ngo akore igikorwa ciwe, igikorwa ciwe gitangaje,no kugira ngo ashitse igikorwa ciwe, igikorwa ciwe kidasanzwe+. 22  None rero, ntimushinyagure+,kugira ngo imizana yanyu ntibayidadire rwose,kuko numvise Umukama Segaba Yehova Nyeninga⁠boavuga ko yafashe ingingo yo gutikiza igihugu cose*+. 23  Nimutege ugutwi, mwumvirize ijwi ryanje.Nimutege yompi, mwumvirize ivyo mvuga. 24  Mbega umurimyi arima umusi wose ngo abone gutera imbuto? Yoba aguma akubita isuka, ategura aho arima+? 25  Mbega amaze kuharinganiza,ntaca amijagira kumino* yirabura, agateragira kumino isanzwe?Mbega ntateragira ingano, amasaka na sayiri* aho biterwa,kusemeti*+ na yo akayitera ku rubibe rw’umurima? 26  Kuko Imana yigisha* umuntu neza,ikamuha ubumenyi+. 27  Erega kumino yirabura ntibayihonyangisha ibibaho batonoza intete*+,kandi nta pine ry’umukogote bacisha kuri kumino isanzwe. Ahubwo kumino yirabura bayikubitisha inkoni,kumino isanzwe bakayikubitisha ikibando. 28  Mbega intete bakuramwo umukate barazijanjagura? Oya, ntibaguma bazikubita+.Naho umuntu yozicishako igihini kizunguruka c’umukogote ukwegwa n’amafarasi yiwe,ntazijanjagura+. 29  N’ivyo nyene biva kuri Yehova Nyeningabo.Umugambi* wiwe ni agatangaza,kandi ivyo akora birakomeye*+.

Utujambo tw'epfo

Biboneka ko urwo rugori rugereranya umurwa mukuru ari wo Samariya.
Canke «rwishira hejuru», «rwishima.»
Canke «zishira hejuru», «zishima.»
Canke «azotuma impwemu yiwe iza ku bacamanza.»
Canke «mu ngingo bafata.»
Mu giheburayo havuga ngo «umugozi wo gupimisha.»
Mu giheburayo havuga ngo «b’umunwa ugigimiza.»
Mu giheburayo havuga ngo «umugozi wo gupimisha.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «twe n’ukuzimu tugira ico tweretswe.»
Canke «karisho.» Wari umugozi uriko akantu karemereye kenena, bakoresha mu gupima amahagarara.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «abantu nibatahura bazoranduka umutima bidasanzwe.»
Canke «isi yose.»
Ni ikirungo kiva mu tubuto tubaba.
Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Kusemeti ni ubwoko bw’ingano bubayabaye.
Canke «itoza indero», «ihana.»
Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).
Canke «inama.»
Canke «kandi ubukerebutsi bwiwe ni bwinshi.»