Yesaya 38:1-22
38 Muri iyo misi, Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa+. Nuko umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi aza kumuraba, amubwira ati: «Yehova avuze ati: “Tunganya ivyo mu rugo rwawe* kuko ugiye gupfa. Ntuzokira+.”»
2 Hezekiya aca arahindukira arabana n’uruhome, asenga Yehova ati:
3 «Ndagusavye Yehova, ni ukuri ndakwinginze, wibuke+ ingene nagukoreye* ntahemuka kandi n’umutima wanje wose+, nkakora ivyo ubona ko ari vyiza.» Maze Hezekiya atangura kurira cane.
4 Maze Yehova abwira Yesaya ati:
5 «Subira inyuma ubwire Hezekiya+ uti: “Yehova Imana ya sogokuruza Dawidi avuze ati: ‘Numvise isengesho ryawe+, ndabona n’amosozi yawe+. Ngira ndakwongere imyaka 15 yo kubaho+,
6 kandi wewe n’iki gisagara nzobakiza umwami wa Ashuri. Nzorwanira iki gisagara+.
7 Ikimenyetso kivuye kuri Yehova kikwereka ko Yehova azoshitsa ivyo avuze ni iki+:
8 ehe ngira ntume igitutu c’izuba camanutse ku ngazi* za Ahazi gisubira inyuma intambuko cumi+.’”» Maze izuba risubira inyuma intambuko cumi ku ngazi ryari ryamanutse.
9 Ibi ni vyo Hezekiya umwami w’Ubuyuda yanditse igihe yarwara hanyuma agakira.
10 Navuze nti: «Ngira nce mu marembo y’ukuzimuimisi y’ubuzima bwanje igeze hagati.
Ngira nakwe imyaka nari nsigaje kubaho.»
11 Navuze nti: «Sinzobona Yehova*, sinzobona Yehova* mu gihugu c’abazima+.
Sinzosubira kubona abantuigihe nzoba ndi kumwe n’ababa ahantu ata kintu na kimwe kihakorerwa.
12 Aho mba haranduwe hashirwa kure yanje+nka kurya kw’ihema ry’umwungere.
Nazingazinze ubuzima bwanje nka kurya umujishi w’impuzu ayizingazinga.Ancacura nk’uwucacura inyuzi z’indamvu* z’impuzu yajishe.
Kuva bugica gushika bwije, aguma anjana kw’iherezo ryanje+.
13 Ndatururuza umutima wanje gushika mu gitondo.
Aguma amenagura amagufa yanje nka kurya kw’intambwe.Kuva bugica gushika bwije, aguma anjana kw’iherezo ryanje+.
14 Kurya kw’intamba canke imarankoni*, ni ko nguma njwira+.Nguma nguguza nk’inuma+.
Amaso yanje yaruhijwe n’ukurangamiza hejuru+ mvuga nti:
“Ewe Yehova, ndi mu maganya menshi.Numfashe*+.”
15 Mvuge iki?
Yaragize ico ambwira, agira n’ico akoze.
Nzogenda nicishije bugufi* imyaka yose nzobaho,kubera ko ndundumiwe mu mutima.
16 “Ewe Yehova, ivyo* ni vyo bituma umuntu abaho,kandi ni vyo biha ubuzima impwemu yanje.
Uzotuma nsubira kugira amagara meza, unzigamire ubuzima+.
17 Raba! Aho kugira amahoro naradundumiwe cane.Mugabo wandinze icobo c’uguhonakubera unkunda+.
Ibicumuro vyanje vyose wabitereye inyuma y’umugongo wawe*+.
18 Kuko ukuzimu kudashobora kukuninahaza+,n’urupfu ntirushobora kugushemeza+.
Abamanuka mu cobo ntibaba baciteze kubona ingene uri umwizigirwa+.
19 Umuzima, umuzima ni we ashobora kugushemezank’uko nshoboye kubigira uyu musi.
Se w’abana arashobora kubigisha ingene uri umwizigirwa+.
20 Ewe Yehova, nkiza!Tuzoheza tuvuze indirimbo zanje ku bicurarangisho vy’imirya+imisi yose y’ubuzima bwacu, tuzivugirize ku nzu ya Yehova+.”»
21 Yesaya aca avuga ati: «Nimuzane insukoni zumye zibumbabumvye, muce muzishira ku gihute kugira akire+.»
22 Hezekiya yari yabajije ati: «Ikimenyetso c’uko nzoduga nkaja ku nzu ya Yehova ni ikihe+?»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «nuhe amategeko urugo rwawe.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nagendeye imbere yawe.»
^ Izo ngazi bashobora kuba barazirabirako aho amasaha ageze, bafatiye ku gitutu.
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «Ya.» Ni impfunyapfunyo y’izina «Yehova.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «umusambi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nunyishinge (nka kurya kw’umwishingizi).»
^ Canke «niyoroheje.»
^ Ni ukuvuga ivyo Imana ivuga n’ivyo ikora.
^ Canke «wabikuye imbere y’amaso yawe.»