Yesaya 32:1-20

  • Umwami n’abatware bazoganza mu butungane nyakuri (1-8)

  • Abagore ata co binona bagabishwa (9-14)

  • Imihezagiro izoboneka impwemu niyasukwa (15-20)

32  Raba! Umwami+ azoganza mu bugororotsi*+,abatware* na bo batware mu butungane*.   Umwe wese azoba nk’ahantu ho kwikinga umuyaga,nk’ahantu ho kwugama* imvura y’igihuhusi,nk’imigezi y’amazi mu gihugu kitagira amazi+,nk’igitutu c’urutare amahero mu gihugu cumye.   Amaso y’ababona ntazosubira kwugarwa,kandi amatwi y’abumva azokwumviriza.   Umutima w’abahuruduka uzozirikana ubumenyi,n’ururimi rugigimiza ruvuge neza kandi rutobora+.   Umuntu w’imburabwenge ntazoba acitwa umutanzi,nayo umuntu ata co yibanga ntazokwitwa umunyacubahiro.   Kuko umuntu w’imburabwenge azovuga ibitagira umutwe n’amaguru,kandi umutima wiwe uzokwiyumvira ibintu bibi+.Azobigira kugira aremeshe abandi guheba Imana* no kuvuga ibintu bigoramye birwanya Yehova,kugira ngo atume uwushonje ataronka ico arya,n’uwunyotewe abura ico anywa.   Umuntu ata co yibanga akoresha uburyo bubi+.Aremesha inyifato iteye isonikugira agirire nabi umugorwa n’umukene akoresheje ibinyoma+,mbere naho boba bavuga ukuri.   Nayo uwutanga, yiyumvira ivyo kugirira neza abandi,akaguma arondera gukora iciza*.   «Yemwe bagore ata co mwinona, nimuhaguruke mwumvirize ijwi ryanje! Yemwe bakobwa ata co munezwe+, nimutege amatwi ivyo mvuga! 10  Mu mwaka n’imisi mikeyi, mwebwe ata co munezwe muzojugumira,kuko iyimbura ry’inzabibu rizohera ata vyamwa mwegeranije+. 11  Nimuhinde agashitsi, yemwe bagore ata co mwinona! Nimujugumire mwebwe ata co munezwe! Nimwiyambure impuzu musigare muri gusa,mukenyere igunira+. 12  Nimwikubite mu gikiriza,muririre imirima myiza n’umuzabibu wama. 13  Kuko imirima y’abantu banje izokwuzura amahwa n’ibihandambwa*.Bizokwuzura amazu yose yarangwamwo umunezero,vyuzure igisagara cahoramwo ukwigina+. 14  Kuko umunara ukomeye watawe,n’igisagara cuzuyemwo urwamo kigahebwa+. Ofeli+ n’umunara w’inderetsi bisigaye ari agahinga ubutakivayo,ahantu indogobwa zo mw’ishamba zikundira,ahantu amasho aragirirwa+. 15  Bizoguma ukwo gushika dusutsweko impwemu ivuye hejuru+,ubugaragwa bugasigara ari umurima w’ivyamwa,uwo murima w’ivyamwa na wo ugasigara ubonwa nk’ikibira+. 16  Ubutungane buzoheza rero bube mu bugaragwa,n’ubugororotsi bwibere mu murima w’ivyamwa+. 17  Ubugororotsi nyakuri buzotuma haba amahoro+.Ubugororotsi nyakuri buzozana impore n’umutekano birama+. 18  Abantu banje bazokwibera ahantu h’amahoro,mu mazu atekanye n’ahantu ho kuruhukira hatagira inkomanzi+. 19  Mugabo urubura ruzotsinda hasi ikibira,igisagara na co gisenyurirwe hasi cose. 20  Murahiriwe mwebwe mubiba imbuto ku nkengera y’amazi yose,mukarekura* impfizi n’indogobwa+

Utujambo tw'epfo

Canke «ku bw’ubugororotsi.»
Canke «abaganwa.»
Canke «ku bw’ubutungane.»
Canke «guhungira.»
Canke «aremeshe ubuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «gukora ibintu biteye iteka.»
Ni ibimera bifise amahwa.
Canke «mukazitura.»