Yesaya 32:1-20
32 Raba! Umwami+ azoganza mu bugororotsi*+,abatware* na bo batware mu butungane*.
2 Umwe wese azoba nk’ahantu ho kwikinga umuyaga,nk’ahantu ho kwugama* imvura y’igihuhusi,nk’imigezi y’amazi mu gihugu kitagira amazi+,nk’igitutu c’urutare amahero mu gihugu cumye.
3 Amaso y’ababona ntazosubira kwugarwa,kandi amatwi y’abumva azokwumviriza.
4 Umutima w’abahuruduka uzozirikana ubumenyi,n’ururimi rugigimiza ruvuge neza kandi rutobora+.
5 Umuntu w’imburabwenge ntazoba acitwa umutanzi,nayo umuntu ata co yibanga ntazokwitwa umunyacubahiro.
6 Kuko umuntu w’imburabwenge azovuga ibitagira umutwe n’amaguru,kandi umutima wiwe uzokwiyumvira ibintu bibi+.Azobigira kugira aremeshe abandi guheba Imana* no kuvuga ibintu bigoramye birwanya Yehova,kugira ngo atume uwushonje ataronka ico arya,n’uwunyotewe abura ico anywa.
7 Umuntu ata co yibanga akoresha uburyo bubi+.Aremesha inyifato iteye isonikugira agirire nabi umugorwa n’umukene akoresheje ibinyoma+,mbere naho boba bavuga ukuri.
8 Nayo uwutanga, yiyumvira ivyo kugirira neza abandi,akaguma arondera gukora iciza*.
9 «Yemwe bagore ata co mwinona, nimuhaguruke mwumvirize ijwi ryanje!
Yemwe bakobwa ata co munezwe+, nimutege amatwi ivyo mvuga!
10 Mu mwaka n’imisi mikeyi, mwebwe ata co munezwe muzojugumira,kuko iyimbura ry’inzabibu rizohera ata vyamwa mwegeranije+.
11 Nimuhinde agashitsi, yemwe bagore ata co mwinona!
Nimujugumire mwebwe ata co munezwe!
Nimwiyambure impuzu musigare muri gusa,mukenyere igunira+.
12 Nimwikubite mu gikiriza,muririre imirima myiza n’umuzabibu wama.
13 Kuko imirima y’abantu banje izokwuzura amahwa n’ibihandambwa*.Bizokwuzura amazu yose yarangwamwo umunezero,vyuzure igisagara cahoramwo ukwigina+.
14 Kuko umunara ukomeye watawe,n’igisagara cuzuyemwo urwamo kigahebwa+.
Ofeli+ n’umunara w’inderetsi bisigaye ari agahinga ubutakivayo,ahantu indogobwa zo mw’ishamba zikundira,ahantu amasho aragirirwa+.
15 Bizoguma ukwo gushika dusutsweko impwemu ivuye hejuru+,ubugaragwa bugasigara ari umurima w’ivyamwa,uwo murima w’ivyamwa na wo ugasigara ubonwa nk’ikibira+.
16 Ubutungane buzoheza rero bube mu bugaragwa,n’ubugororotsi bwibere mu murima w’ivyamwa+.
17 Ubugororotsi nyakuri buzotuma haba amahoro+.Ubugororotsi nyakuri buzozana impore n’umutekano birama+.
18 Abantu banje bazokwibera ahantu h’amahoro,mu mazu atekanye n’ahantu ho kuruhukira hatagira inkomanzi+.
19 Mugabo urubura ruzotsinda hasi ikibira,igisagara na co gisenyurirwe hasi cose.
20 Murahiriwe mwebwe mubiba imbuto ku nkengera y’amazi yose,mukarekura* impfizi n’indogobwa+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ku bw’ubugororotsi.»
^ Canke «abaganwa.»
^ Canke «ku bw’ubutungane.»
^ Canke «guhungira.»
^ Canke «aremeshe ubuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
^ Canke «gukora ibintu biteye iteka.»
^ Ni ibimera bifise amahwa.
^ Canke «mukazitura.»