Yesaya 13:1-22

  • Urubanza rwaciriwe Babiloni (1-22)

    • Umusi wa Yehova uri hafi (6)

    • Abamedi bazotsinda Babiloni (17)

    • Nta bantu bazosubira kuba i Babiloni (20)

13  Ng’uru urubanza rwaciriwe Babiloni+, urwo Yesaya+ mwene Amozi yeretswe:   «Nimushinge ikimenyetso*+ ku musozi w’ibitandara gusa. Nimubahamagare muzungagiza ukuboko,kugira ngo baze mu marembo y’abanyacubahiro.   Narahaye itegeko abo nagenye*+. Nahamagaye abarwanyi banje, abarwanyi banezerewe kandi bishima,kugira berekane ishavu ryanje.   Umve isinzi ku misozi!Uguhinda kwaryo ni nk’ukw’abantu benshi. Umve urwamo rw’ubwami butandukanyen’amahanga akoraniye hamwe+! Yehova Nyeningabo ariko yegeranya ingabo ku bw’intambara+.   Yehova n’abo azokoresha nk’ibirwanisho vy’uburake bwiwe,bariko baraza bavuye mu gihugu ca kure+,bavuye kure cane iyo catawe*kugira bahonye isi yose+.   Nimuboroge kuko umusi wa Yehova uri hafi. Uzoza umeze nk’uguhonya kuvuye kuri Mushoboravyose+.   Ni co gituma amaboko yose azoregera,n’umutima w’umuntu wese ugashongeshwa n’ubwoba+.   Abantu barandutse umutima+. Barigonyonzora bakagira ububabarenk’umugore ariko aribaruka. Bararabana bajorewe,mu maso harunguye kubera amaganya.   Raba! Umusi wa Yehova uriko uraza.Uje ata kagongwe kandi uzananye uburake n’ishavu rirurumba,kugira igihugu gicike akajoreza+,no kugira uzimanganye abacumuzi mu gihugu. 10  Kuko inyenyeri zo kw’ijuru n’imigwi yaryo y’inyenyeri*+bitazotanga umuco.Izuba rizocura umwiza rigiseruka,n’ukwezi ntikuzokayanganisha umuco wakwo. 11  Nzogira ico mbaza ababa kw’isi kubera ibibi bakoze+,n’ababisha kubera ikosa ryabo. Nzokuraho ubwishime bw’abita imbere,nshire hasi ubwibone bw’abatwaza umukazo+. 12  Umuntu buntu nzomugira imbonekarimwe kuruta inzahabu ityoroye+,abantu babe imbonekarimwe kuruta inzahabu z’i Ofiri+. 13  Ni co gituma nzotuma ijuru rijugumira,isi na yo itigite ive aho yari iri+,kubera uburake jewe Yehova Nyeningabo nzoba mfise ku musi w’ishavu ryanje rirurumba. 14  Umuntu wese azosubira mu b’iwabo,umwe wese ahungire mu gihugu ciwe+,nka kurya kw’ingeregere bariko barahiga, nka kurya kw’ubusho butagira umwungere. 15  Uwo bazobona wese bazomutobekeranya,uwo bazofata wese bamwicishe inkota+. 16  Abana babo bazobasavya babona+.Amazu yabo azosahurwa,n’abagore babo bashurashuzwe ku nguvu. 17  Ehe ngira ndabahagurukirize Abamedi+,bamwe babona ifeza nk’aho ari ubusan’inzahabu ntibanezere. 18  Imiheto yabo izomenagura imisore+.Ntibazogirira akagongwe ubura bwabo,canke ngo bagirire imbabazi abana babo. 19  Babiloni, ca kirezi mu bundi bwami bwose*+,ca kintu kibereye ijisho Abakaludaya bishimira+,hazomera nka Sodomu na Gomora ca gihe Imana yahahonya+. 20  Nta bantu bazosubira kuhaba,kandi uko urunganwe* ruzokurikira urundi, nta wuzohagerera+. Nta Mwarabu azohashinga ihema,kandi nta bungere bazohavyagiza amasho. 21  Ibikoko vyo mu bugaragwa ni ho bizokwiryamira.Amazu yaho azokwuzura ibihuna bimeze nk’inkona. Aho ni ho ibinyoni vyitwa imbuni* bizokwibera+,n’impene zo mw’ishamba* zihikinire amatavu. 22  Mu minara yaho hazokwumvikana ibikoko bibweja,mu birimba vyaho biteye igomwe humvikane imbwebwe. Igihe caho kiri hafi, kandi nta misi hazokwongerwa+

Utujambo tw'epfo

Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
Mu giheburayo havuga ngo «abejejwe banje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mpera y’amajuru.»
Mu giheburayo havuga ngo «na Kesili zaryo.» Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Orion be n’iyindi migwi iwukikuje.
Canke «bwa bwiza bw’ubwami bwose.»
Canke «iyaruka.»
Mu gifaransa ni autruche.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «amadayimoni asa n’impene.»