Yesaya 13:1-22
13 Ng’uru urubanza rwaciriwe Babiloni+, urwo Yesaya+ mwene Amozi yeretswe:
2 «Nimushinge ikimenyetso*+ ku musozi w’ibitandara gusa.
Nimubahamagare muzungagiza ukuboko,kugira ngo baze mu marembo y’abanyacubahiro.
3 Narahaye itegeko abo nagenye*+.
Nahamagaye abarwanyi banje, abarwanyi banezerewe kandi bishima,kugira berekane ishavu ryanje.
4 Umve isinzi ku misozi!Uguhinda kwaryo ni nk’ukw’abantu benshi.
Umve urwamo rw’ubwami butandukanyen’amahanga akoraniye hamwe+!
Yehova Nyeningabo ariko yegeranya ingabo ku bw’intambara+.
5 Yehova n’abo azokoresha nk’ibirwanisho vy’uburake bwiwe,bariko baraza bavuye mu gihugu ca kure+,bavuye kure cane iyo catawe*kugira bahonye isi yose+.
6 Nimuboroge kuko umusi wa Yehova uri hafi.
Uzoza umeze nk’uguhonya kuvuye kuri Mushoboravyose+.
7 Ni co gituma amaboko yose azoregera,n’umutima w’umuntu wese ugashongeshwa n’ubwoba+.
8 Abantu barandutse umutima+.
Barigonyonzora bakagira ububabarenk’umugore ariko aribaruka.
Bararabana bajorewe,mu maso harunguye kubera amaganya.
9 Raba! Umusi wa Yehova uriko uraza.Uje ata kagongwe kandi uzananye uburake n’ishavu rirurumba,kugira igihugu gicike akajoreza+,no kugira uzimanganye abacumuzi mu gihugu.
10 Kuko inyenyeri zo kw’ijuru n’imigwi yaryo y’inyenyeri*+bitazotanga umuco.Izuba rizocura umwiza rigiseruka,n’ukwezi ntikuzokayanganisha umuco wakwo.
11 Nzogira ico mbaza ababa kw’isi kubera ibibi bakoze+,n’ababisha kubera ikosa ryabo.
Nzokuraho ubwishime bw’abita imbere,nshire hasi ubwibone bw’abatwaza umukazo+.
12 Umuntu buntu nzomugira imbonekarimwe kuruta inzahabu ityoroye+,abantu babe imbonekarimwe kuruta inzahabu z’i Ofiri+.
13 Ni co gituma nzotuma ijuru rijugumira,isi na yo itigite ive aho yari iri+,kubera uburake jewe Yehova Nyeningabo nzoba mfise ku musi w’ishavu ryanje rirurumba.
14 Umuntu wese azosubira mu b’iwabo,umwe wese ahungire mu gihugu ciwe+,nka kurya kw’ingeregere bariko barahiga, nka kurya kw’ubusho butagira umwungere.
15 Uwo bazobona wese bazomutobekeranya,uwo bazofata wese bamwicishe inkota+.
16 Abana babo bazobasavya babona+.Amazu yabo azosahurwa,n’abagore babo bashurashuzwe ku nguvu.
17 Ehe ngira ndabahagurukirize Abamedi+,bamwe babona ifeza nk’aho ari ubusan’inzahabu ntibanezere.
18 Imiheto yabo izomenagura imisore+.Ntibazogirira akagongwe ubura bwabo,canke ngo bagirire imbabazi abana babo.
19 Babiloni, ca kirezi mu bundi bwami bwose*+,ca kintu kibereye ijisho Abakaludaya bishimira+,hazomera nka Sodomu na Gomora ca gihe Imana yahahonya+.
20 Nta bantu bazosubira kuhaba,kandi uko urunganwe* ruzokurikira urundi, nta wuzohagerera+.
Nta Mwarabu azohashinga ihema,kandi nta bungere bazohavyagiza amasho.
21 Ibikoko vyo mu bugaragwa ni ho bizokwiryamira.Amazu yaho azokwuzura ibihuna bimeze nk’inkona.
Aho ni ho ibinyoni vyitwa imbuni* bizokwibera+,n’impene zo mw’ishamba* zihikinire amatavu.
22 Mu minara yaho hazokwumvikana ibikoko bibweja,mu birimba vyaho biteye igomwe humvikane imbwebwe.
Igihe caho kiri hafi, kandi nta misi hazokwongerwa+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «igiti bashinga nk’ikimenyetso.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «abejejwe banje.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «ku mpera y’amajuru.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «na Kesili zaryo.» Ushobora kuba ari umugwi w’inyenyeri witwa Orion be n’iyindi migwi iwukikuje.
^ Canke «bwa bwiza bw’ubwami bwose.»
^ Canke «iyaruka.»
^ Mu gifaransa ni autruche.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «amadayimoni asa n’impene.»