Icibutso c’urupfu rwa Yezu
Ku wa kabiri, itariki 4 Ndamukiza 2023
Uko umwaka utashe, Ivyabona vya Yehova barahimbaza Icibutso c’urupfu rwa Yezu nk’uko yasize abitegetse igihe yavuga ati: “Muragume mugira ibi mu kunyibuka.”—Luka 22:19.
Ibibazo bikunze kubazwa
Ivyo birori bimara umwanya ungana gute?
Bizomara nk’isaha imwe.
Ni ibiki bizoba ku Cibutso?
Muri iryo koraniro, hatangura ururirimbo maze umwe mu Vyabona vya Yehova agasenga. Ni na ko bigenda mu gusozera. Igice nyamukuru kigize ivyo birori, ni insiguro yerekana akamaro k’urupfu rwa Yezu hamwe n’ivyiza biva ku vyo Imana na Kristu badukoreye.
Ushaka kumenya n’ibindi, nurabe ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki Ivyabona vya Yehova bibuka urupfu rwa Yezu mu buryo butandukanye n’ayandi madini?”