Luka 22:1-71

  • Abaherezi baja inama yo kwica Yezu (1-6)

  • Gutegura Pasika ya nyuma (7-13)

  • Atanguza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba (14-20)

  • «Uwuza kungurisha turi kumwe kuri iyi meza» (21-23)

  • Baharira ku bijanye n’uwari mukuru (24-27)

  • Agirana isezerano ry’ubwami n’abigishwa biwe (28-30)

  • Avuga ko Petero aza kumwihakana (31-34)

  • Kwitegura birahambaye; inkota zibiri (35-38)

  • Yezu asenga ari ku musozi w’Imyelayo (39-46)

  • Bafata Yezu (47-53)

  • Petero yihakana Yezu (54-62)

  • Batyekeza Yezu (63-65)

  • Asambishirizwa imbere y’Inama nkuru (66-71)

22  Ico gihe umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro, ari wo bita Pasika+, wari wegereje+.  Abakuru b’abaherezi n’abanditsi bariko bararondera uburyo bwiza bwo kumukuraho+, kuko batinya abantu+.  Shetani aca yinjira muri Yuda, ari we Isikariyoti, akaba yari muri bamwe cumi na babiri+.  Yuda aca aragenda, avugana n’abakuru b’abaherezi n’abakuru b’abarinzi b’urusengero ukuntu yomubaha+.  Baranezerwa cane, baca basezerana kumuha amahera*+.  Na we aremera, aca atangura kurondera akaryo keza ko kumubaha ata sinzi ry’abantu rihari.  Nuko umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro urashika, ari na wo babwirizwa gutangirako ikimazi ca Pasika+.  Yezu aca atuma Petero na Yohani, ababwira ati: «Genda mudutegurire ibifungurwa vya Pasika+  Baca bamubaza bati: «Ni hehe ushaka ko tubitegurira?» 10  Abishura ati: «Nimwinjira mu gisagara, muraza guhura n’umuntu yikoreye umubindi w’amazi. Muce mumukurikira gushika mu nzu yinjiramwo+. 11  Muheze mubwire nyene inzu muti: “Mwigisha avuze ati: ‘Icumba c’abashitsi kiri hehe, kugira ndaharire Pasika ndi kumwe n’abigishwa banje?’” 12  Uwo muntu na we arabereka icumba co hejuru cagutse, kirimwo ivya nkenerwa. Abe ari ho mutegurira Pasika.» 13  Baca baragenda, basanga ibintu vyose bimeze nk’uko yari yababwiye. Baraheza bategura Pasika. 14  Isaha igeze, Yezu aca yicara ku meza ari kumwe n’intumwa ziwe+. 15  Ababwira ati: «Naripfuje cane gusangira namwe iyi Pasika imbere y’uko mbabazwa. 16  Ndababwiye yuko ntazosubira kuyirya gushika irangutse mu Bwami bw’Imana.» 17  Hanyuma atora igikombe, arakenguruka maze avuga ati: «Nimwakire mugihanahane hagati yanyu. 18  Ndababwiye yuko kuva ubu ntazosubira kunywa ku kinyobwa c’umuzabibu gushika Ubwami bw’Imana buje.» 19  Atora n’umukate+, arakenguruka, arawumanyagura maze arawubaha, ababwira ati: «Uyu mukate ugereranya umubiri wanje+ ugira utangwe ku bwanyu+. Muragume mugira ibi mu kunyibuka+ 20  Bahejeje kwihereza imfungurwa*, abigenza gutyo nyene no ku gikombe. Avuga ati: «Iki gikombe kigereranya isezerano rishasha+ rizokwemezwa n’amaraso yanje+, agiye guseswa ku bwanyu+. 21  Ariko raba, uwuza kungurisha turi kumwe kuri iyi meza+. 22  Emwe, Umwana w’umuntu agira yigire nk’uko vyashinzwe+. Ariko aragowe uwo muntu agira amugurishe+ 23  Baca batangura kubazanya hagati yabo, kugira bamenye uwagira akore ico kintu+. 24  Ariko baca batangura guharira cane kugira bamenye uwari mukuru muri bo+. 25  Mugabo ababwira ati: «Abami b’amahanga bayatwaza umukazo, kandi abayafiseko ububasha bitwa Abagiraneza+. 26  Ariko mwebwe ntimukwiye kumera nka bo+. Umukuru muri mwebwe nabe nka mutoyi wanyu+, uwuja imbere abandi na we abe nk’umusuku. 27  None umukuru ni nde? Ni uwuriko arafungura* canke ni uwuriko arasereva*? None si uwuriko arafungura? Mugabo jewe ndi hagati yanyu ndiko ndabasereva+. 28  Ariko ni mwebwe mwangumye hafi+ mu bigeragezo vyanje+. 29  Nanje ngiraniye namwe isezerano ry’ubwami+, nk’uko Dawe yagiraniye isezerano nanje, 30  kugira muze murire mwongere munywere ku meza yanje mu Bwami bwanje+, kandi muze mwicare ku ntebe z’ubwami+ kugira mucire imanza imiryango 12 ya Isirayeli+. 31  Simoni, Simoni, ehe Shetani yabasavye mwese ngo abagosore nk’ingano+. 32  Ariko natakambiye Imana ku bwawe kugira ukwizera kwawe ntikugoyagoye+. Nawe niwamara kugaruka, uzokomeze benewanyu+ 33  Petero aca amubwira ati: «Mukama, nditeguriye kujana nawe mw’ibohero, eka mbere no gupfana nawe+ 34  Mugabo Yezu amwishura ati: «Ndabikubwiye Petero: uyu musi isake ntibika utaranyihakana gatatu+ 35  Ababwira kandi ati: «Igihe nabarungika mudafise amahera*, umufuko w’ibifungurwa n’ibirato*+, hari ico mwabuze?» Na bo bati: «Oya.» 36  Yongerako ati: «Ubu rero uwufise amahera nayatore, n’uwufise umufuko w’ibifungurwa agire ukwo nyene, kandi uwudafise inkota nagurishe impuzu* yiwe ayigure. 37  Ndababwiye yuko iki canditswe kivuga ngo: “Yaharuwe mu bagarariji+”, gitegerezwa kundangukirako. Nkako, ivyanditswe ku binyerekeye biriko biraranguka+ 38  Baca bamubwira bati: «Mukama, ehe ng’izi inkota zibiri.» Na we ababwira ati: «Zirakwiye.» 39  Asohotse, aca aja ku musozi w’Imyelayo nk’uko yari asanzwe abigira, n’abigishwa biwe baramukurikira+. 40  Ashitseyo, ababwira ati: «Nimushishikare gusenga kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo+ 41  Araheza yigira kure yabo nk’ahoterwa ibuye, arapfukama, atangura gusenga, 42  avuga ati: «Dawe, nimba ubishaka, igiza iki gikombe kure yanje. Ariko rero ntihabe ivyo ngomba, ahubwo habe ivyo wewe ugomba+ 43  Umumarayika avuye mw’ijuru aca aramubonekera, aramukomeza+. 44  Mugabo yari afise amaganya menshi ku buryo abandanya gusenga cane+. Icuya ciwe gicika nk’amama y’amaraso atibagurikira hasi. 45  Ahejeje gusenga, aca arahaguruka aja aho abigishwa bari, asanga bariko barisinzirirako kubera barembejwe n’intuntu+. 46  Aca ababwira ati: «Kubera iki musinziriye? Haguruka mugume musenga, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo+ 47  Akiriko aravuga, haca haza isinzi ry’abantu riyobowe n’umugabo yitwa Yuda, akaba yari umwe muri bamwe cumi na babiri. Araheza yegera Yezu kugira amusome+. 48  Ariko Yezu amubwira ati: «Yuda, urubahutse kugurisha Umwana w’umuntu mu kumusoma?» 49  Abari kumwe na Yezu babonye ibigira bibe, baca bavuga bati: «Mukama, tubiraremwo n’inkota?» 50  Umwe muri bo mbere yarakubise inkota umushumba w’umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw’iburyo+. 51  Mugabo Yezu avuga ati: «Geza aho!» Aca akora ku gutwi kw’uwo mushumba, aramukiza. 52  Yezu aca abwira abakuru b’abaherezi, abakuru b’abarinzi b’urusengero n’abashingantahe bari baje kumufata ati: «Mbega muje mwitwaje inkota n’amahiri nk’abahiga umwambuzi+? 53  Imisi yose namye ndi kumwe namwe mu rusengero+, ariko ntimwamfashe+. Mugabo iki ni igihe* canyu be n’igihe c’uko umwiza uganza+ 54  Baca baramufata baramujana+, bamwinjiza mu nzu y’umuherezi mukuru. Mugabo Petero yaguma abakurikira ari kure+. 55  Baraheza bacana umuriro hagati mu rugo maze baricara, kandi Petero yari yicaranye na bo+. 56  Umusukukazi umwe amubonye yicaye iruhande y’umuriro uriko uramumurika, aca aramwitegereza neza maze avuga ati: «Uyu mugabo na we nyene yari kumwe na we.» 57  Mugabo arabihakana, avuga ati: «Sindamuzi, wa mugore we.» 58  Haciye akanya gatoyi, uwundi muntu aramubona, aca avuga ati: «Na wewe nyene uri muri bo.» Mugabo Petero amwishura ati: «Sindi muri bo, wa mugabo we+ 59  Haciye nk’isaha imwe, uwundi muntu atangura kumwemeza ati: «Ni ukuri, uyu mugabo na we nyene yari kumwe na we. Nakare ni Umunyagalilaya!» 60  Mugabo Petero avuga ati: «Wa mugabo we, sinzi ivyo uriko uravuga.» Ubwo nyene akiriko aravuga, isake ica irabika. 61  Umukama aca arahindukira, araba mu maso Petero. Petero aca yibuka ivyo Umukama yari yamubwiye ati: «Imbere y’uko isake ibika uno musi, uza kunyihakana gatatu+ 62  Aca arasohoka hanze, araturikisha ararira. 63  Abagabo bari bacunze Yezu baca batangura kumutyekeza+ no kumukubita+. 64  Bamaze kumupfuka mu maso, baguma bamubwira bati: «Ko wumva uri umuhanuzi, tubwire uwugukubise!» 65  Baguma bavuga n’ayandi majambo menshi yo kumutuka*. 66  Bukeye, abagize inama y’abashingantahe b’iryo hanga bakoranira hamwe, ni ukuvuga abakuru b’abaherezi n’abanditsi+. Binjiza Yezu mu ngoro y’Inama nkuru, bamubwira bati: 67  «Nimba uri Kristu, bitubwire+.» Mugabo Yezu abishura ati: «Naho nobibabwira ntimwogenda muvyemeye. 68  Kandi naho nobabaza ntimwonyishura. 69  Ariko kuva ubu, Umwana w’umuntu+ azokwicara iburyo bw’Imana Nyenububasha+ 70  Bose baca bavuga bati: «Uri Umwana w’Imana rero?» Na we abishura ati: «Mwebwe ubwanyu muravuze ko ndi we.» 71  Baca bavuga bati: «Hari ibindi vyabona dukeneye? Twavyiyumviye bivuye mu kanwa kiwe+

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «amahera y’ifeza.»
Canke «imfungurwa zo ku mugoroba.»
Canke «arakorera abandi.»
Canke «ni uwicaye ku meza.»
Canke «agasaho k’amahera.»
Canke «isandari.»
Canke «impuzu yo hejuru.»
Canke «isaha.»
Canke «yo kumurogotako.»