Yesaya 31:1-9

  • Imfashanyo nyayo iva ku Mana, ntiva ku bantu (1-9)

    • Amafarasi yo mu Misiri ni ay’umubiri (3)

31  Baragowe abamanuka mu Misiri kurondera imfashanyo+,abishimira amafarasi+,bakizigira imikogote y’intambara kubera ari myinshi,bakizigira n’amafarasi y’intambara* kubera ko akomeye. Mugabo ntibahanga amaso wa Mweranda wa Isirayeli,ntibarondera Yehova.   Erega na we nyene ni inkerebutsi kandi azoteza ivyago,kandi ntazokwihindukiza mw’ijambo. Azohagurukira inzu y’ababishan’abafasha abakora ikibi+.   Yamara Abanyamisiri ni abantu basanzwe, si Imana.Amafarasi yabo ni ay’umubiri, si impwemu+. Igihe Yehova azoramvura ukuboko kwiwe,uwurondera gufasha azotsitara,uwufashwa na we atembe.Bose bazohonera icarimwe.   Kuko Yehova ambwiye ati: «Nka kurya intambwe, intambwe y’umukangara*, irohera ku co yafasheigihe abungere benshi bahamagaranye ngo bayirwanye,mugabo ijwi ryabo ntiriyitere ubwobacanke ngo iteshwe n’urwamo rwabo,ni ko na jewe Yehova Nyeningabonzomanuka kurwanira umusozi Siyoni n’umurambi wawo.   Kurya kw’inyoni zimanuka mu cari gukingira utwana twazo, ni ko na jewe Yehova Nyeningabo nzorwanira Yeruzalemu+. Nzoharwanira, ndaharokore. Nzohaziguriza, ndahakize.»  «Yemwe Bisirayeli, nimugaruke kuri Umwe mwagararije vyeruye+.  Kuko kuri uwo musi umwe wese azota imana ziwe ata co zimaze z’ifeza n’imana ziwe zitagira akamaro z’inzahabu, izo mwakoze n’amaboko yanyu mugacumura.   Abashuri bazogwishwa n’inkota, atari iy’umuntu.Inkota atari iy’umuntu ni yo izobaherengeteza+. Bazohungishwa n’inkota,kandi abasore babo bazokoreshwa ibikorwa vy’agahato.   Urutare rwabo ruzovaho kubera ugucika ivutu,abatware biwe barandurwe umutima n’inkingi yashinzwe nk’ikimenyetso.» Ukwo ni ko Yehova avuze,umwe umuco* wiwe uri i Siyoni, ifuru yiwe na yo i Yeruzalemu.

Utujambo tw'epfo

Canke «abagendera ku mafarasi.»
Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «umuriro.»