Yesaya 31:1-9
31 Baragowe abamanuka mu Misiri kurondera imfashanyo+,abishimira amafarasi+,bakizigira imikogote y’intambara kubera ari myinshi,bakizigira n’amafarasi y’intambara* kubera ko akomeye.
Mugabo ntibahanga amaso wa Mweranda wa Isirayeli,ntibarondera Yehova.
2 Erega na we nyene ni inkerebutsi kandi azoteza ivyago,kandi ntazokwihindukiza mw’ijambo.
Azohagurukira inzu y’ababishan’abafasha abakora ikibi+.
3 Yamara Abanyamisiri ni abantu basanzwe, si Imana.Amafarasi yabo ni ay’umubiri, si impwemu+.
Igihe Yehova azoramvura ukuboko kwiwe,uwurondera gufasha azotsitara,uwufashwa na we atembe.Bose bazohonera icarimwe.
4 Kuko Yehova ambwiye ati:
«Nka kurya intambwe, intambwe y’umukangara*, irohera ku co yafasheigihe abungere benshi bahamagaranye ngo bayirwanye,mugabo ijwi ryabo ntiriyitere ubwobacanke ngo iteshwe n’urwamo rwabo,ni ko na jewe Yehova Nyeningabonzomanuka kurwanira umusozi Siyoni n’umurambi wawo.
5 Kurya kw’inyoni zimanuka mu cari gukingira utwana twazo, ni ko na jewe Yehova Nyeningabo nzorwanira Yeruzalemu+.
Nzoharwanira, ndaharokore.
Nzohaziguriza, ndahakize.»
6 «Yemwe Bisirayeli, nimugaruke kuri Umwe mwagararije vyeruye+.
7 Kuko kuri uwo musi umwe wese azota imana ziwe ata co zimaze z’ifeza n’imana ziwe zitagira akamaro z’inzahabu, izo mwakoze n’amaboko yanyu mugacumura.
8 Abashuri bazogwishwa n’inkota, atari iy’umuntu.Inkota atari iy’umuntu ni yo izobaherengeteza+.
Bazohungishwa n’inkota,kandi abasore babo bazokoreshwa ibikorwa vy’agahato.
9 Urutare rwabo ruzovaho kubera ugucika ivutu,abatware biwe barandurwe umutima n’inkingi yashinzwe nk’ikimenyetso.» Ukwo ni ko Yehova avuze,umwe umuco* wiwe uri i Siyoni, ifuru yiwe na yo i Yeruzalemu.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «abagendera ku mafarasi.»
^ Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»
^ Canke «umuriro.»