Yesaya 20:1-6
-
Ikimenyetso co kuburira Misiri na Etiyopiya (1-6)
20 Mu mwaka Tarutani* yaja i Ashidodi+ arungitswe na Sarugoni umwami wa Ashuri, yarahateye arahafata+.
2 Ico gihe Yehova yaravuze biciye kuri Yesaya+ mwene Amozi, amubwira ati: «Genda ukure iryo gunira ukenyeye, ukure n’ibirato* wambaye.» Aca agira ukwo nyene, agenda ari gusa*, ata n’ibirato yambaye.
3 Yehova araheza avuga ati: «Nka kurya nyene umusavyi wanje Yesaya yamaze imyaka itatu agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, kugira bibere ikimenyetso+ n’imburi Misiri+ na Etiyopiya+,
4 ni ko umwami wa Ashuri azoshorera Abanyamisiri+ azoba yagize imbohe, n’Abanyetiyopiya azoba yagize inyagano, baba abahungu canke abatama. Azobashorera bari gusa ata birato bambaye, n’ibisusu biri hejuru, ashire ahabona ubwambure bwa Misiri*.
5 Bazotekerwa n’ubwoba bamaramare kubera Etiyopiya yo cizigiro cabo na Misiri bishimira*.
6 Kuri uwo musi ababa muri ico gihugu co ku nkengera y’amazi bazovuga bati: “Raba ivyashikiye abo twahora twizigiye, abo twahungirako ngo badutabare, badukize umwami wa Ashuri! None tugiye kuba aba nde?”»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «umukuru w’ingabo.»
^ Canke «isandari.»
^ Canke «ari nk’aho ari gusa.»
^ Canke «amaramaze Misiri.»
^ Canke «batamarira kubera ubwiza bwayo.»