Yesaya 20:1-6

  • Ikimenyetso co kuburira Misiri na Etiyopiya (1-6)

20  Mu mwaka Tarutani* yaja i Ashidodi+ arungitswe na Sarugoni umwami wa Ashuri, yarahateye arahafata+.  Ico gihe Yehova yaravuze biciye kuri Yesaya+ mwene Amozi, amubwira ati: «Genda ukure iryo gunira ukenyeye, ukure n’ibirato* wambaye.» Aca agira ukwo nyene, agenda ari gusa*, ata n’ibirato yambaye.  Yehova araheza avuga ati: «Nka kurya nyene umusavyi wanje Yesaya yamaze imyaka itatu agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, kugira bibere ikimenyetso+ n’imburi Misiri+ na Etiyopiya+,  ni ko umwami wa Ashuri azoshorera Abanyamisiri+ azoba yagize imbohe, n’Abanyetiyopiya azoba yagize inyagano, baba abahungu canke abatama. Azobashorera bari gusa ata birato bambaye, n’ibisusu biri hejuru, ashire ahabona ubwambure bwa Misiri*.  Bazotekerwa n’ubwoba bamaramare kubera Etiyopiya yo cizigiro cabo na Misiri bishimira*.  Kuri uwo musi ababa muri ico gihugu co ku nkengera y’amazi bazovuga bati: “Raba ivyashikiye abo twahora twizigiye, abo twahungirako ngo badutabare, badukize umwami wa Ashuri! None tugiye kuba aba nde?”»

Utujambo tw'epfo

Canke «umukuru w’ingabo.»
Canke «isandari.»
Canke «ari nk’aho ari gusa.»
Canke «amaramaze Misiri.»
Canke «batamarira kubera ubwiza bwayo.»