Yesaya 19:1-25
19 Ng’uru urubanza rwaciriwe Misiri+:
Raba! Yehova ariko aza mu Misiri agendera ku gicu kinyaruka.
Imana ata co zimaze za Misiri zizojugumira imbere yiwe+,umutima w’Abanyamisiri ushongeshwe n’ubwoba.
2 «Nzotuma Abanyamisiri barwanya Abanyamisiri.Umwe wese azorwanya mugenziwe,umwe wese arwanye mwenewabo n’umubanyi wiwe,igisagara kirwanye ikindi, n’ubwami burwanye ubundi.
3 Umutima w’Abanyamisiri uzozazanirwa,imigambi yabo ndayivuruge+.
Bazokwitura imana ata co zimaze,abapfumu*, abakora ivyo guhanuza abapfuye* na ba rumenyi+.
4 Nzotuma Misiri itwarwa n’umutware agoye,iganzwe n’umwami akaze+», ni ko wa Mukama w’ukuri Yehova Nyeningabo avuze.
5 Amazi y’ikiyaga azokama,uruzi rugaduke, rwume+.
6 Inzuzi zizonuka,imigende y’uruzi Nili rwo mu Misiri ihoke, igaduke.
Amarenga n’urukangaga bizobora+.
7 Ibiterwa biri hafi y’uruzi Nili, aho rusesera,n’imirima yose itewemwo imbuto iri iruhande y’uruzi Nili+, bizokwuma+.
Bizogururwa n’umuyaga, ntibibe bikiboneka.
8 Abarovyi bazoboroga,abarobesha amagera mu ruzi Nili bacure intimba.Abaterera insenga mu mazi bazosigara ari inkehwa.
9 Abakora impuzu mu nyuzi* zitunganijwe neza+n’abajisha ibitambara vyera bazomaramara.
10 Abantu biwe bakora ivyo kujisha bazojanjagurwa,abacangero biwe bose bicwe n’intuntu.
11 Abatware b’i Zowani+ ni ibipfu.
Abajanama ba Farawo b’inkerebutsi kuruta abandi bamuhanura ibitagira ubwenge+.
Mushobora gute kubwira Farawo ngo:
«Nkomoka ku bantu b’inkerebutsi,nkomoka ku bami ba kera»?
12 None ba bantu bawe b’inkerebutsi+ bari hehe?
Nibakubwire rero nimba bazi ico Yehova Nyeningabo yashinze ku vyerekeye Misiri.
13 Abatware b’i Zowani bakoze ivy’ubupfu,abatware b’i Nofu*+ barahendwa.Abakuru b’imiryango yo mu Misiri batumye izimira.
14 Yehova yatumye Misiri ibura ico ifata n’ico ireka+.Indongozi za Misiri zatumye izimira mu vyo ikora vyose,nk’imborerwa idandabagirana mu vyo yadashwe.
15 Kandi Misiri nta na kimwe izoshobora gukora,waba umutwe canke umurizo, waba umuvyaro canke urukangaga*.
16 Kuri uwo musi Abanyamisiri bazomera nk’abagore. Bazojugumira baranduke umutima kubera ukuboko guteye ubwoba Yehova Nyeningabo azoba adugije ngo abarwanye+.
17 Kandi igihugu c’Ubuyuda kizotuma Misiri iranduka umutima. Bazokwumva ivyaco bagire ubwoba kubera ingingo Yehova Nyeningabo yabafatiye+.
18 Kuri uwo musi hazoba ibisagara bitanu mu gihugu ca Misiri bivuga ururimi rw’i Kanani+ kandi vyarahiye kuyobokera Yehova Nyeningabo. Igisagara kimwe kizokwitwa igisagara c’ugusenyura.
19 Kuri uwo musi hazoba igicaniro ca Yehova hagati mu gihugu ca Misiri, n’inkingi yo gutera iteka Yehova ku rubibe rwaco.
20 Kizoba ikimenyetso n’ikintu gishingira intahe Yehova Nyeningabo mu gihugu ca Misiri. Bazoririra Yehova kubera ababacinyiza, na we arungike umukiza akomeye, abakize.
21 Yehova azokwimenyekanisha ku Banyamisiri, Abanyamisiri bamenye Yehova kuri uwo musi. Bazoshikana ibimazi n’ingabire, baraganire Yehova indagano kandi bayishitse.
22 Yehova azohana Misiri+, ayihane maze ayivure. Bazogaruka kuri Yehova, na we yumve ugutakamba kwabo, abavure.
23 Kuri uwo musi hazoba ibarabara rikuru*+ riva mu Misiri rija i Ashuri. Abashuri bazoheza baje mu Misiri, Abanyamisiri na bo baje i Ashuri. Kandi Misiri izokorera Imana iri kumwe na Ashuri.
24 Kuri uwo musi Isirayeli izokwifatanya na Misiri na Ashuri+, ibe iya gatatu. Izoba umuhezagiro mw’isi
25 kuko Yehova Nyeningabo azoba yabahezagiye ati: «Hahezagirwe abantu banje, ari bo Misiri, n’igikorwa c’amaboko yanje, ari co Ashuri, be n’ihanga ryanje* Isirayeli+.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «abagosi.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).
^ Mu giheburayo ni «peshita.» Ni igiterwa camye kirimwa kuva kera. Inyuzi zaco bazikoramwo impuzu.
^ Canke «Memfisi.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ishami ry’ikigazi canke irenga.»
^ Canke «ryagutse.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «intoranwa yanje.»