IKIBAZO CA 14
Wokoresha gute amatungo yawe?
«Uwukunda kwiryohera azogwa mu bukene, kandi uwukunda umuvinyu n’amavuta ntazoronka itunga.»
«Uwusavye ideni aba umuja w’uwarimuhaye.»
«Ni nde muri mwebwe iyo ashatse kwubaka umunara, atabanza kwicara agaharura ico bizomutwara, kugira arabe ko afise ibikwiye vyo kuwurangiza? Ahandiho yoshobora gushiraho umushinge, ariko ntashobore kurangiza uwo munara, hanyuma ababibona bose bakamutwenga, bavuga bati: “Uwu muntu yaratanguye kwubaka ariko vyaramunaniye kurangiza.”»
«Bamaze kurya bagahaga, abwira abigishwa biwe ati: “Nimwegeranye utumanyu twasigaye, kugira ntihagire ibipfa ubusa.”»