Ruheshi
Ku wa mbere, 1 Ruheshi
Ewe Yehova, uri mwiza kandi witeguriye kubabarira!—Zab. 86:5.
Muri iki gihe turironkera ivyiza kubera incungu ya Kristu. Nk’akarorero, Yehova aratubabarira ibicumuro vyacu yishimikije iyo ncungu. Naho bitari ngombwa ko atubabarira ahitamwo kubigira. Hari abumva ko batabereye imbabazi za Yehova. Nakare nta n’umwe yari azibereye. Intumwa Pawulo yaratahura yuko ‘atari abereye kwitwa intumwa.’ Yamara yavuze ati: «Bivuye ku buntu buhebuje Imana yangiriye, ndi ico ndi.» (1 Kor. 15:9, 10) Yehova aratubabarira iyo twigaye ibicumuro vyacu. Uti kubera iki? Kubera ko adukunda, atari kubera ko tubibereye. Nimba rero bishika ukumva ko ata co umaze, uribuka ko Yehova yatanze incungu ku bw’abacumuzi bigaya, atari ku bw’abagororotsi.—Luka 5:32; 1 Tim. 1:15. w25.01 26-27 ing. 3-4
Umuntu w’umutima mwiza bimuviramwo ivyiza, ariko umuntu w’inkozi y’ikibi yikwegera ingorane.—Imig. 11:17.
Nta bubasha dufise ku vyo abandi batuvugako canke badukorera. Ariko turafise ububasha bwo guhitamwo uko twovyifatamwo. Akenshi usanga ihitamwo ryiza ari ukubabarira. Uti kubera iki? Kubera ko dukunda Yehova, kandi akaba adusaba kubabarira abandi. Ariko igihe tugumye dushavuye ntitubabarire, turahakwa gukora ivy’ubupfu canke kumbure tukagirira nabi amagara yacu. (Imig. 14:17, 29, 30) Iyo twirinze kubika inzika, tuba twirinze kuguma tudundumiwe mu mutima. Tuba kandi twigiriye neza, kuko duca tuguma twibandaniriza ubuzima ata ngorane. None ni ibiki vyogufasha kurengera ishavu? Kimwe muri vyo, ni ukwiha umwanya wo gusubirana mu mutima. Igihe umuntu yakomeretse cane ahejeje kuvurwa, arakenera umwanya kugira ngo akire. Na twebwe twoshobora gukenera umwanya wo kubanza gusubirana mu mutima imbere y’uko tubabarira uwatubabaje. (Umus. 3:3; 1 Pet. 1:22) Nusenge Yehova umusaba ngo agufashe kubabarira uwakubabaje. w25.02 16-17 ing. 8-11
Ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye.—Heb. 5:14.
Zimwezimwe mu nyigisho z’ishimikiro twize ni izijanye no kwigaya, ukwizera, ibatisimu be n’izuka. (Heb. 6:1, 2) Izo nyigisho ni zo zigize umushinge w’ivyo abakirisu bemera. Ni co gituma intumwa Petero yazishimitseko igihe yariko arabwira inkuru nziza isinzi ry’abantu kuri Pentekote. (Ivyak. 2:32-35, 38) Kugira ngo tube abigishwa ba Kristu, dutegerezwa kwemera izo nyigisho z’intango. Nk’akarorero, Pawulo yaravuze ko umuntu wese ahakana inyigisho y’izuka adashobora kwitwa umukirisu. (1 Kor. 15:12-14) Ariko rero, ntidukwiye kwigera tubona ko kumenya izo nyigisho z’intango gusa bikwiye. Ibifungurwa bigumye vyo mu buryo bw’impwemu biratandukanye n’inyigisho z’intango. Vyovyo usanga birimwo n’ibindi, nk’amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe bidufasha gutahura ingene abona ibintu. Kugira ngo ivyo bifungurwa bitugirire akamaro, dutegerezwa kwiyigisha Ijambo ry’Imana, kurizirikanako no kwihatira kurishira mu ngiro. Tubigize tuba turiko turimenyereza gufata ingingo zihimbara Yehova. w24.04 4-5 ing. 12-13
Ku musi w’urubanza, abantu b’i Ninewe bazozu[ka].—Mat. 12:41.
Imana yaribukije Yona ko Abanyaninewe batari «[bazi] gutandukanya iciza n’ikibi.» (Yona 1:1, 2; 3:10; 4:9-11) Haciye igihe, Yezu yarakoresheje ako karorero kugira ngo yigishe abantu ibijanye n’ubutungane bwa Yehova be n’imbabazi ziwe. None kuba Abanyaninewe ‘bazozukira urubanza’ bisobanura iki? Yezu yaravuze ibijanye n’‘abazozukira urubanza’ muri kazoza. (Yoh. 5:29) Aho Yezu yariko yerekeza ku kiringo ca ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi, aho «abagororotsi n’abatari abagororotsi» bazozuka. (Ivyak. 24:15) Abatari abagororotsi ‘bazozukira urubanza.’ Ivyo bisobanura ko Yehova na Yezu bazokurikiranira hafi inyifato yabo, barabe nimba bariko barashira mu ngiro ivyo bariko bariga. Umunyaninewe azoba yazutse niyanka gusenga Yehova, azoba yazukiye urubanza rubi kuko atazobandanya kubaho. (Yes. 65:20) Ariko abantu bose bazohitamwo gusenga Yehova badahemuka, bazoba bazukiye urubanza rwiza, bafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera.—Dan. 12:2. w24.05 5 ing. 13-14
Umwana w’umuntu yaje kurondera no gukiza abazimiye.—Luka 19:10.
Yezu yaragaragaje neza imbabazi za Se. (Yoh. 14:9) Mu mvugo no mu ngiro, yarerekanye ko Umuvyeyi wiwe w’impuhwe n’imbabazi akunda abantu, kandi ko yipfuza gufasha umwe wese muri bo gutsinda urugamba rwo kurwanya igicumuro. Yezu yarafashije abacumuzi kugira icipfuzo co guhindura ingendo, bakamukurikira. (Luka 5:27, 28) Yezu yari azi ivyari biraririye kumushikira. Akatari gake yarabwiye abigishwa biwe ko yotanzwe ku bansi biwe be n’uko yokwishwe amanitswe ku giti. (Mat. 17:22; 20:18, 19) Yari azi ko ikimazi yotanze cokuyeho igicumuro c’isi. Yaravuze kandi ko amaze gutanga ubuzima bwiwe, ‘yokwegakweze abantu b’uburyo bwose’ bakaza kuri we. (Yoh. 12:32) Abacumuzi bokwizeye Yezu bakongera bakigana akarorero kiwe, boshimwe na Yehova. Ivyo vyotumye amaherezo ‘bakurwa mu gicumuro.’ (Rom. 6:14, 18, 22; Yoh. 8:32) Ni co gituma rero Yezu yemeye kwihanganira urupfu rubabaje abigiranye umutima rugabo.—Yoh. 10:17, 18. w24.08 5 ing. 11-12
Inkuru nziza itegerezwa kubanza kwamamazwa mu mahanga yose.—Mrk. 13:10.
Zirikana ingene wumvise umerewe igihe wumva ukuri ari bwo bwa mbere. Waramenye ko Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru agukunda, ko yipfuza ko uba mu basavyi biwe, ko yasezeranye gukuraho imibabaro, ko mw’isi nshasha uzosubira kubona abawe bapfuye, n’ibindi n’ibindi. (Mrk. 10:29, 30; Yoh. 5:28, 29; Rom. 8:38, 39; Ivyah. 21:3, 4) Ivyo bintu vyose wamenye vyaragukoze ku mutima cane. (Luka 24:32) Warakunze cane ukwo kuri wamenye, ku buryo wumvise utokwigumizamwo. (Gereranya na Yeremiya 20:9.) Igihe ukuri kwo muri Bibiliya gushinze imizi mu mutima wacu, ntidushobora kukwigumizamwo. (Luka 6:45) Duca tumera nka ba bigishwa ba Yezu bo mu kinjana ca mbere bavuga bati: «Ntidushobora kureka kuvuga ibintu twabonye n’ivyo twumvise.» (Ivyak. 4:20) Turakunda ukuri cane, ku buryo twipfuza kukubwira abantu benshi bashoboka. w24.05 15 ing. 5; 16 ing. 7
Nimukorere Yehova munezerewe.—Zab. 100:2.
Twebwe abasavyi ba Yehova, turabwira inkuru nziza abandi kubera ko dukunda Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru no kubera ko twipfuza kubafasha kumumenya. Ariko hari bamwe bataronkera umunezero mu gikorwa co kwamamaza. Uti kubera iki? Bamwe usanga ari abanyamasoni cane kandi bikengera. Abandi ntibiborohera kuja kuyagisha abantu ku mihana iwabo kandi batabivuganye. Hari n’abatinya ko batobakira neza. Abandi na bo usanga bakuze bigishwa kwirinda kugiranira ingorane n’abantu. Abo bavukanyi na bashiki bacu ntiboroherwa no kubwira inkuru nziza abantu batazi. Vyoba bishika ivyo bintu duhejeje kuvuga, bigatuma ubura umunezero mu gikorwa co kwamamaza? Nimba bigushikira ntucike intege. Kwikengera vyoshobora kuba ari ikimenyetso c’uko utipfuza kwerekana ko uri agakomeye be n’uko udashaka guhazuka n’abantu. Vyongeye, nta n’umwe yipfuza kwakirwa nabi n’abantu na canecane igihe aba ariko arondera kubakorera iciza. Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru arazi neza ukwo kuntu wiyumva kandi aripfuza kugufasha.—Yes. 41:13. w24.04 14 ing. 1-2
Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.—Imig. 11:2.
Igihe usoma Bibiliya, aho gushira mu ngiro ibintu vyose wasomye icarimwe, nugerageze gushira mu ngiro ikintu kimwe canke bibiri. Nugerageze iki kintu: Niwandike ibintu ukeneye kuryohora, hanyuma uhitemwo kimwe canke bibiri woherako, maze ibindi uzogende urabiryohora uko haca igihe. None wohera ku ki? Woshobora guhera ku mugambi wokworohera gushikako. Canke na ho woshobora guhitamwo guhera ku kintu ubona ko ukeneye kuryohora kuruta ibindi. Umaze guhitamwo ico wipfuza kuryohora, nuce ugira ubushakashatsi mu bitabu vyacu. Nusenge ku bijanye n’uwo mugambi wishingiye uce usaba Imana iguhe «icipfuzo co gukora ivyo igomba n’ububasha bwo kubikora.» (Flp. 2:13) Inyuma y’aho, nugerageze gushira mu ngiro ivyo wize. Umaze kubona ko washitse ku mugambi wa mbere, uzoca ugira umwete wo gushika no ku wundi wishingiye. Niwabona ko hari kamere Imana ishima washoboye kuryohora, hari aho wokworoherwa no kubandanya ugira ivyo uryohoye. w24.09 6 ing. 13-14
Muri vyose mwarerekanye ko mwera ku bijanye n’ico kibazo.—2 Kor. 7:11.
Vyoshika ukicuza kubera ivyo wakoze muri kahise vyababaje abandi. None wokora iki? Nukore uko ushoboye kwose kugira ngo usubize ibintu mu buryo wongere ubasabe imbabazi ubikuye ku mutima. Nusabe Yehova ngo afashe abo bantu bababajwe n’ivyo wakoze. Mwese yoshobora kubafasha kwihangana no gusubira kugiranira amahoro. Niwigire ku makosa wakoze kandi wemere Yehova agukoreshe uko avyipfuza. Raba akarorero k’umuhanuzi Yona. Aho kuja i Ninewe nk’uko Yehova yari yabimutegetse, Yona yaciye afata iyindi nzira arahunga. Yehova yaramukosoye, kandi yarigiye kw’ikosa yari yakoze. (Yona 1:1-4, 15-17; 2:7-10) Yehova ntiyahevye Yona. Yaramuhaye akandi karyo ko kuja i Ninewe kandi ico gihe coco Yona yaciye agamburuka. Naho yicuza ku vyo yari yarakoze, ntiyaretse ngo bimubuze kwemera igikorwa Yehova yari asubiye kumushinga.—Yona 3:1-3. w24.10 8-9 ing. 10-11
Nimwigaye rero kandi muhindukire kugira ibicumuro vyanyu bihanagurwe, maze ibiringo vy’ukuruhurirwa bibone kuza bivuye kuri Yehova ubwiwe.—Ivyak. 3:19.
Yehova ntaduhebera gusa ibicumuro vyacu, ahubwo aranabihanagura. Iyo umuntu aguhebeye ideni wari umufitiye, ni nk’aho aba acishije umurongo aho aba yararyanditse. Yamara igitigiri yacishijemwo umurongo, coshobora kuguma kiboneka. Ariko guhanagura vyovyo ni ibindi bindi. Kugira dutahure iyo mvugo ngereranyo, turakwiye kwibuka ko mu bihe vya kera abantu bandika bakoresheje irangi ryoroshe guhanagura. Umuntu yarashobora gufata ikinyuko kibomvye, agaca ahanagura ivyaba vyanditse. Umuntu rero ‘ahanaguye’ aho yaba yaranditse ideni umufitiye, vyaca bifudika ntihagire n’uwusubira kubona aho vyari vyanditse. Vyaca bimera nk’aho iryo deni ritigeze ribaho. Ese ukuntu biduhumuriza kumenya ko Yehova ataduhebera gusa ibicumuro vyacu, ahubwo ko anabihanagura burundu!—Zab. 51:9. w25.02 10 ing. 11
Ntushavure ngo bitume ukora ikibi.—Zab. 37:8.
Igihe abandi batwiyumviriye nabi canke baturenganije, turizigira ko Yehova azi neza ivyabaye. Ivyo biradufasha kwihangana igihe turenganijwe kubera ko tuzi yuko Yehova azobitorera umuti. Nitwarekera ibintu mu minwe ya Yehova, bizotuma tutaguma dushavuye kandi ata we tubikiye inzika. Kuguma dushavuriye abandi birashobora gutuma dukora ikintu kitabereye canke tugatakaza umunezero kandi bikonona ubucuti dufitaniye na Yehova. Ni ivy’ukuri yuko tudashobora kwigana Yezu mu buryo butagira agahaze. Birashika tugakora canke tukavuga ikintu maze mu nyuma tukicuza. (Yak. 3:2) Hari n’igihe turenganywa bikadusigamwo umubabaro udahera. Nimba ari ukwo vyifashe, niwibuke ko Yehova azi ivyo uriko uracamwo. Kandi na Yezu aratahura umubabaro ufise kubera ko na we nyene yigeze kurenganywa. (Heb. 4:15, 16) Turahimbarwa kuba Yehova yaraduhaye impanuro ngirakamaro dusanga mw’Ijambo ryiwe zidufasha kubona ingene twovyifatamwo igihe turenganijwe. w24.11 6 ing. 12-13
Iki ni co Imana ishaka: ni uko mwizera uwo yatumye.—Yoh. 6:29.
Kugira ngo umuntu «aronke ubuzima budahera» ni ngombwa ko yizera Yezu. (Yoh. 3:16-18, 36; Yoh. 17:3) Abayuda benshi baranse kwemera ivyo Yezu yariko arabigisha vy’uko bakwiye kumwizera. Bamubajije bati: «Ni igitangaro ikihe wokora kugira tukibone maze tukwizere?» (Yoh. 6:30) Bavuze yuko mu gihe ca Musa ba sekuruza babo bahawe manu, iyagereranywa n’umukate. (Neh. 9:15; Zab. 78:24, 25) Biboneka rero ko bari baciyumvira gusa ibijanye no kuronka ivyo barya. Mbere n’igihe Yezu yavuga ivy’«umukate w’ukuri uva mw’ijuru», uwagereranywa na manu iva mw’ijuru itanga ubuzima, ntibiriwe baranamubaza insobanuro yavyo. (Yoh. 6:32) Umutima wabo wose wari ku vyo kurya, ku buryo batitayeho kumenya ukuri Yezu yariko arabigisha. w24.12 5-6 ing. 10-11
Imana ni yo yubatse ibintu vyose.—Heb. 3:4.
Kw’ishure, umwana wawe yoshobora kuzokwiga ibijanye n’izindi mero nyinshi dusanga mu bidukikije. Nk’akarorero, ibiti nka vyose usanga bikura vyisunze urutonde rwisubiriza. Umutumba urakura ukavyara amashami, amashami na yo akagenda aravyara ayandi, gushika ku dushami dutoduto. Urwo rutonde rugenda rwisubiriza abahunga barwita Fractal. Ruraboneka no mu bindi bintu vyinshi dusanga mu bidukikije. None ni nde yatunganije izo mero zose zibereye ijisho? Ivyo bintu vyose tubona mu bidukikije biri ku rutonde no ku giharuro, vyavuye he? Umwana wawe arushirije kuzirikana kuri ivyo bibazo, vyoshobora gutuma arushiriza kujijuka ko ibiriho vyose vyaremwe n’Imana. Uko umwana wawe agenda arakura woshobora kumubaza iki kibazo: «Ko Imana ari yo yaturemye, wumva none itazi n’ingingo ngenderwako twokwisunga zotuma duhimbarwa?» Woshobora guca umwereka ko izo ngingo ngenderwako ziri muri Bibiliya. w24.12 16 ing. 8
Muri mwebwe haravugwa ubusambanyi butanavugwa mu mahanga, kubona hari umuntu yatwaye mukase.—1 Kor. 5:1.
Intumwa Pawulo ahumekewe n’Imana yarandikiye ikete ishengero arisaba gukura muri ryo umucumuzi atigaya. (1 Kor. 5:13) None abagize ishengero bari kumufata gute? Pawulo yababwiye ngo ‘bareke kwifatanya’ na we. None ivyo vyasobanura iki? Pawulo yababwiye ko iryo tegeko ryarimwo ‘no kudasangira na we.’ (1 Kor. 5:11) Gusangira n’umuntu birashobora gutuma murushiriza kumarana umwanya no kuyaga. Biboneka rero ko Pawulo yashaka kuvuga ko abagize ishengero batari bakwiye kumarana umwanya n’uwo muntu. Ivyo vyotumye atabandukiza iyo nyifato mbi. (1 Kor. 5:5-7) Vyongeye, kutifatanya cane n’uwo muntu vyomufashije kubona ko yababaje cane Yehova, maze akamaramazwa n’ivyo yakoze bigatuma yigaya. w24.08 15 ing. 4-5
Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege.—Yoh. 3:16.
Abisirayeli bategerezwa guhimbaza umusi w’impongano rimwe mu mwaka. Kuri uwo musi, umuherezi mukuru yaratangira Abisirayeli ibimazi vy’ibitungwa. Naho ari ukwo, ibimazi vy’ibitungwa ntivyashobora gukuraho burundu ibicumuro vy’umuntu, kuko igitungwa kitanganya agaciro n’umuntu. Ariko ntiwumve, igihe cose Abisirayeli baba bigaye bagashikanira Yehova ibimazi yasaba, yarababarira ibicumuro vyabo. (Heb. 10:1-4) Iyo ntunganyo yaratumye Abisirayeli babona ko ari abanyavyaha. Yamara, Yehova yariko arategura intunganyo yotumye abantu bababarirwa ibicumuro rimwe rizima. Yaratunganije ivy’uko Umwana wiwe akunda cane, «yishika[na] rimwe rizima kugira yikorere ibicumuro vya benshi.» (Heb. 9:28) Yezu «[yaratanze] ubuzima bwiwe kugira acungure benshi.»—Mat. 20:28. w25.02 4 ing. 9-10
Gume muri maso kandi mugume musenga, kugira ntimutwarwe n’ibigeragezo.—Mat. 26:41.
«Umutima urashashaye ariko umubiri uragoyagoya.» (Mat. 26:41b) Ayo majambo Yezu yavuze arerekana ko atahura neza ko turi abantu badatunganye. Ariko kandi arimwo n’ingabisho, na yo ikaba ari iyi: Turakwiye kwirinda kwiyizigira birenze. Imbere y’uko Yezu avuga ayo majambo, abigishwa biwe bari barahiye bararengwa yuko batokwigeze bata uwo Shebuja wabo. (Mat. 26:35) Ico cari icipfuzo ciza. Ariko rero ntibari bazi yuko ibintu bimaze gukomera bocitse intege bitagoranye. Ni co gituma Yezu yababuriye akoresheje amajambo dusanga mu canditswe c’uno musi. Ikibabaje ni uko abo bigishwa batagumye bari maso. None igihe Yezu yafatwa boba bagumye bamwumiyeko, canke baratekewe n’ubwoba barahunga? Kubera ko batagumye bari maso, bakoze ivyo nyene bavuze ko batokwigeze bakora, barata Yezu.—Mat. 26:56. w24.07 14 ing. 1-2
Twasubijwe hamwe n’Imana biciye ku rupfu rw’Umwana wayo.—Rom. 5:10.
Adamu na Eva baratakaje ubucuti bwiza bari bafitaniye n’Umuvyeyi wabo Yehova. Bataracumura bari mu bagize umuryango w’Imana. (Luka 3:38) Ariko aho bacumuriye, Yehova yaciye abirukana mu muryango wiwe batararonka abana. (Ita. 3:23, 24; 4:1) Twebwe rero abakomoka kuri Adamu na Eva, turakeneye gusubiza hamwe na Yehova. (Rom. 5:10, 11) Mu yindi mvugo, turakeneye kugiranira na we ubucuti bwiza. Twisunze ibivugwa n’igitabu kimwe, ijambo ry’ikigiriki rihuye n’iyo mvugo «gusubiza hamwe», rishobora gusobanura ngo «kugira umwansi umugenzi.» Igitangaje, ni uko Yehova ari we yateye intambwe ya mbere kugira ngo ivyo bishoboke. Uti gute? Biciye ku ntunganyo y’impongano Yehova yashizeho, abantu b’abacumuzi barasubira kugiranira na we ubucuti bwiza. Ivyo vyosavye ko Yehova atanga ikintu kinganya agaciro n’ico Adamu yatakaje, kugira bikunde ko akigarukana. w25.02 3-4 ing. 7-8
Umubabaro uhuye n’ivyo Imana igomba utuma umuntu yigaya bikamushikana ku bukiriro.—2 Kor. 7:10.
Intumwa Pawulo yavuze yuko ‘ukwo gukosorwa na benshi kwari guhagije kuri uwo muntu.’ (2 Kor. 2:5-8) Mu yandi majambo, indero wa mugabo yari yatwaye mukase yatojwe yari yamufashije cane. (1 Kor. 5:1) Uti gute? Yaratumye yigaya. (Heb. 12:11) Pawulo yasavye abagize iryo shengero ‘kubabarira n’umutima mwiza’ uwo muvukanyi yari yahuvye ‘bakongera bakamuhoza’, kandi ‘bakamwereka ko bamukunda.’ Urabona ko Pawulo yashaka ko bakora n’ibindi uretse gusa kumugarukana mw’ishengero. Pawulo yashaka ko mu mvugo no ngiro basubiriza umutima mu nda uwo mugabo yari yigaye, bakamwereka ko bamubabariye vy’ukuri kandi ko bamukunda. Ivyo vyari gutuma uwo muvukanyi yumva yisanze mw’ishengero. w24.08 15 ing. 4; 16-17 ing. 6-8
[Mwashizwe] ku mugaragaro [muratukwa, muragira] n’amakuba.—Heb. 10:33.
Intumwa Pawulo yari azi neza ivyo umuntu akeneye kugira yihangane. Yaribukije abakirisu ko nimba bakeneye kwihanganira ibigeragezo, batari bakwiye kwiyizigira, ahubwo bakizigira Yehova. Pawulo na we ubwiwe yaragize umutima rugabo, avuga ati: «Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya.» (Heb. 13:6) Hari abavukanyi bamwebamwe bariko barashikirwa n’uruhamo muri iki gihe. Twobashigikira mu kubashira mu masengesho yacu, canke rimwe na rimwe mu kubaronsa ivyo bakeneye. Naho biri ukwo, Bibiliya ivuga itomora iti: «Abo bose bipfuza kubaho bihebera Imana kandi bunze ubumwe na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.» (2 Tim. 3:12) Ku bw’ivyo, twese turakeneye kwitegurira ingorane zishobora kudushikira muri kazoza. Turakwiye kwizigira cane Yehova, tukajijuka ko azodufasha kwihanganira ingorane iyo ari yo yose yodushikira. Mu kurindira, azofasha abasavyi biwe b’intahemuka kuruhurirwa.—2 Tes. 1:7, 8. w24.09 13 ing. 17-18
Benshi mu Bakorinto bumvise ubutumwa batangura kwizera, barabatizwa.—Ivyak. 18:8.
Ni ibiki vyafashije Abakorinto kubatizwa? (2 Kor. 10:4, 5) Ijambo ry’Imana be n’impwemu yayo nyeranda y’ububasha, ni vyo vyabafashije guhinduka cane. (Heb. 4:12) Abakorinto bemeye inkuru nziza yerekeye Kristu barashoboye guheba ingeso mbi bari bafise, nk’akaborerwe, ubusuma, n’uguhuza ibitsina kw’ababisangiye. (1 Kor. 6:9-11) Turabona yuko naho Abakorinto bamwebamwe hari ingeso zari zarabiziziye bategerezwa guheba, ntibaciye bashika ku ciyumviro c’uko batazopfa bashoboye gutera intambwe yo kubatizwa. Barakoze uko bashoboye kwose kugira bace mw’irembo ryaga rijana mu buzima. (Mat. 7:13, 14) Woba uriko urarwana urugamba rwo guheba ingeso mbi kanaka kugira ubatizwe? Ntutane n’akabando. Nutakambire Yehova umusaba impwemu yiwe nyeranda kugira igufashe kurwanya icipfuzo co gukora ikibi. w25.03 6 ing. 15-17
Nimba . . . hari uwo muri mwebwe ahajije ubukerebutsi, nagume abusaba Imana.—Yak. 1:5.
Yehova asezerana kuduha ubukerebutsi budufasha kumenya nimba ingingo kanaka ishobora kumuhimbara. Ubwo bukerebutsi abuha abantu bose ‘abikunze kandi ata n’umwe atora amahinyu.’ Umaze gusenga Yehova umusaba ngo akuyobore, nurabe neza ukuntu akwishura. Tubitangire akarorero: Iyo uri ku rugendo maze ukazimira woshobora gusaba umuntu wo muri ako karere kugira ngo agufashe. None woca ugenda ata n’ico arakubwira? Oya nawe nu! Wokwumviriza witonze ivyo akubwira. Na wewe rero umaze gusaba Yehova ubukerebutsi, nugerageze gutahura inyishu aguha mu gusuzuma amategeko be n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya bihuye n’ikibazo ufise. Nk’akarorero, kugira umenye nimba wokwitaba urubanza rwo kwiryohera, woshobora kuraba ico Bibiliya ivuga ku bijanye no kwidagadura birenze, kwifatanya n’abagenzi babi be n’akamaro ko gushira imbere ivy’Ubwami gusumba ivyo twikundira.—Mat. 6:33; Rom. 13:13; 1 Kor. 15:33. w25.01 16 ing. 6-7
Raba! Abasavyi banje bazorya, mugabo mwebwe muzokwicwa n’inzara.—Yes. 65:13.
Ubuhanuzi bwa Yesaya burerekana itandukaniro rikomeye riri hagati y’abari mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu n’abatayirimwo. Yehova araronsa ku bwinshi abasavyi biwe ivyo bakeneye kugira ngo bamererwe neza mu vy’impwemu. Araturonsa impwemu yiwe nyeranda, Ijambo ryiwe Bibiliya be n’ibifungurwa vyinshi vyo mu buryo bw’impwemu kugira ngo ‘turye, tunywe twongere tunezerwe.’ (Gereranya n’Ivyahishuwe 22:17.) Ariko abatari muri iyo paradizo bobo, baricwa ‘n’inzara, inyota be n’ibimaramare.’ Nta co baronka mu vy’impwemu. (Am. 8:11) Yehova araronsa abasavyi biwe ibintu bakeneye, ushizemwo n’ibifungurwa vy’impwemu. (Yow. 2:21-24) Ivyo bintu abituronsa biciye kuri Bibiliya, ku bitabu vyacu, ku rubuga rwacu, ku makoraniro, ku materaniro no ku mahwaniro. Tugiye turihereza ivyo bifungurwa buri musi, biratuma turushiriza kugira amagara meza. w24.04 21 ing. 5-6
Amajambo muvuga yamane igikundiro.—Kol. 4:6.
Nimba wipfuza gusaba umuntu ubugenzi, woshobora gutunganya ko muhurira ahantu hatihishije ukabimubwira, canke ukabimubwira kuri terefone. Numutomorere icipfuzo cawe. (1 Kor. 14:9) Nimba bikenewe, numuhe umwanya wo kuzirikana ku nyishu yoguha. (Imig. 15:28) Nimba na ho akwankiye, numwubahirize. Bite ho hagize uwugusaba ubugenzi? Hari igihe kubikubwira biba vyamusavye kurya umutima amenyo, akaba ari co gituma ukwiye kumugaragariza ubuntu n’icubahiro. Nimba ukeneye umwanya wo kuzirikana kugira urabe yuko womwemerera ko mwotangura ubugenzi, nubimubwire. Ariko rero, nugerageze kumwishura vuba bishoboka. (Imig. 13:12) Nimba na ho utabishaka, nubimubwire ubigiranye umutima mwiza kandi utomora. Igihe nawe umwiyumvamwo, nimuce muyaga ivyo umwe wese yiteze ku wundi ku bijanye n’ubwo bugenzi. Ivyo umwe wese yiteze ku wundi vyoshobora gutandukana. w24.05 23-24 ing. 12-13
Nje kukurwanya nserukiye Yehova Nyeningabo.—1 Sam. 17:45.
Igihe Dawidi ashobora kuba yari akiri umuyabaga, yaragiye mw’ikambi y’ingabo za Isirayeli. Yasanze abasoda batekewe n’ubwoba kubera ikigatanya c’Umufilisitiya citwa Goliyati cari caje ‘gusomborotsa ingabo z’Abisirayeli.’ (1 Sam. 17:10, 11) Icatumye abo basoda bagira ubwoba, ni uko bari bashize umutima kuri ico kigatanya no ku kuntu cariko kirabasotora. (1 Sam. 17:24, 25) Ariko ivyo si vyo Dawidi yashizeko umutima. Ntiyabona ko Goliyati yariko acokora ingabo za Isirayeli gusa, ahubwo yabona ko yariko acokora «ingabo z’Imana nzima.» (1 Sam. 17:26) Dawidi yiyumvira ivyerekeye Yehova. Yari yizigiye ko iyo Mana yamufashije igihe yari umwungere yomufashije no muri ico gihe. Kubera ko Dawidi yari azi ko Imana imushigikiye, yarahanganye na Goliyati kandi aramutsinda!—1 Sam. 17:45-51. w24.06 21 ing. 7
Ntutinye kuko ndi kumwe nawe. Ntuhagarike umutima kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza, emwe nzogufasha. Vy’ukuri, nzogufata n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi, ndakugumye.—Yes. 41:10.
Zikirikana ku kuntu ubuzima bwacu bwobaye bumeze iyaba tutariko turakorera Yehova. Ivyo birashobora kudufasha kuguma turi intahemuka, maze cokimwe na wa mwanditsi wa Zaburi tukavuga duti: «Jewe, kwegera Imana bimbera vyiza.» (Zab. 73:28) Twoshobora kwihanganira ingorane zose zidushikira muri iyi misi ya nyuma kubera ko «[dushumbira] Imana nzima kandi y’ukuri.» (1 Tes. 1:9) Imana yacu irabaho kandi irafasha abayikorera. Yarabanye n’abasavyi bayo ba kera, kandi n’ubu iri kumwe natwe. Vuba tuzokwinjira muri ya makuba akomeye atigeze kubaho kw’isi. Ariko ntituzoba turi twenyene. Yehova azoba ari kumwe natwe. Ese twese «[twogira] umutima rugabo tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje, nta co nzotinya.”»—Heb. 13:5, 6. w24.06 25 ing. 17-18
[Muzobona] ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha.—Mal. 3:18.
Bibiliya iratubwira ibijanye n’abagabo barenga 40 babaye abami ba Isirayeli. Iratubwira ko n’abami beza vyashitse bagakora ibintu bibi. Raba akarorero k’umwami mwiza Dawidi. Yehova yavuze ati: «Umusavyi wanje Dawidi . . . [yarankoreye] n’umutima wiwe wose, akora gusa ivyo mbona ko bigororotse.» (1 Abm. 14:8) Yamara Dawidi, yarasambanye n’umugore w’abandi yongera ategura umugambi wo kwicisha umugabo wiwe ku rugamba. (2 Sam. 11:4, 14, 15) Ariko rero, hari n’abami benshi babi yamara bakoze ibintu bimwebimwe vyiza. Raba akarorero ka Rehobowamu. Yehova yabona ko uwo mwami «[y]akora ibibi.» (2 Ngo. 12:14) Yamara Rehobowamu yarubahirije ingingo Imana yari yafashe yuko imiryango cumi ya Isirayeli yiyonkora ku bwami bwiwe. Vyongeye, yarakomeje ubwami bwiwe mu kwubaka ibisagara bikingijwe ibihome. (1 Abm. 12:21-24; 2 Ngo. 11:5-12) Ni igiki Yehova yafatirako kugira avuge ko umwami kanaka ari intahemuka. Nta gukeka ko yafatira ku kuntu yamukorera n’umutima wiwe wose, ku kuntu yigaya ibicumuro hamwe n’ingene yashigikira ugusenga kw’ukuri. w24.07 20 ing. 1-3
Mubandanye kubarera mu kubatoza indero mwongera mubakebura nk’uko Yehova yashinze.—Ef. 6:4.
Bigenda gute igihe umwana yabatijwe, ni ukuvuga uwutarashikana imyaka 18, akoze igicumuro gikomeye? Inama y’abakurambere izotunganya ko abakurambere babiri babonana n’uwo mwana ari kumwe n’abavyeyi biwe b’Ivyabona. Abo bakurambere bazogerageza kumenya ivyo abo bavyeyi bamaze gukora kugira ngo bafashe uwo mwana kwigaya. Abo bakurambere babiri basanze uwo mwana ariko arashira mu ngiro impanuro abavyeyi biwe bamuhaye, boshobora gufata ingingo yo kureka ico kibazo kikabandanya citwararikwa n’abavyeyi, aho kwitwararikwa na komite y’abakurambere. Kanatsinda, abavyeyi ni bo Imana yajeje ibanga ryo gukosora abana babo babigiranye urukundo. (Gus. 6:6, 7; Imig. 6:20; 22:6; Ef. 6:2-4) Inyuma y’aho, abo bakurambere bazoza barayaga n’abavyeyi b’uwo mwana kugira bamenye ingene ariko arafashwa. Bite hoho nka hamwe uwo mwana yabatijwe yobandanya gukora igicumuro ntiyigaye? Ico gihe, hazoca hashingwa komite y’abakurambere izobonana na we ari kumwe n’abavyeyi biwe b’Ivyabona. w24.08 24 ing. 18
Gutanga bizana umunezero kuruta guhabwa.—Ivyak. 20:35.
Twese turazi ko igihe umuntu aduhaye ingabire bitunezereza. Ariko rero igihe dutanze, ni ho tugira umunezero mwinshi. Kuba Yehova yaraturemye muri ubwo buryo, bituma tugira umunezero mwinshi. Igihe tuzirikana uburyo butandukanye bwo gutanga kandi tukabikora, birashobora gutuma umunezero wacu wongerekana. Biraduhimbara cane kubona Yehova yaraturemye muri ubwo buryo. (Zab. 139:14) Ivyanditswe bivuga ko gutanga bizana umunezero. Rero ntibitangaje kuba Bibiliya ivuga ko Yehova ari «Imana ihimbawe.» (1 Tim. 1:11) Mu bijanye no gutanga, Yehova ni we yabaye uwa mbere kandi nta n’umwe atanga nka we. Intumwa Pawulo yavuze ko ari we «dukesha ubuzima, kandi [ari na we a]tuma tugendagenda tukongera tukabaho. (Ivyak. 17:28) Mu vy’ukuri, Yehova ni we atanga «ingabire nziza yose n’ingabire yose itagira akanenge.» (Yak. 1:17) Nta nkeka ko twese twoshima kugira umunezero mwinshi uva ku gutanga. Uwo munezero twowuronka mu kwigana ingene Yehova atanga cane.—Ef. 5:1. w24.09 26 ing. 1-4
Aho tugeze hose mu gutera imbere, tubandanye kugendera muri iyo nzira nyene mu rutonde.—Flp. 3:16.
Abakozi b’ishengero bamwebamwe baravye ibisabwa kugira babe abakurambere, barashobora kwumva umengo ntibokwigera babishitsa. Ariko wibuke yuko yaba Yehova canke ishirahamwe ryiwe batiteze yuko ushitsa ivyo bisabwa mu buryo butagira agahaze. (1 Pet. 2:21) Vyongeye, impwemu y’ububasha ya Yehova ni yo igufasha gukwiza ibisabwa. (Flp. 2:13) Hoba hari kamere kanaka wipfuza kuryohora? Nubibwire Yehova mw’isengesho. Nugire ubushakashatsi ku bijanye n’iyo kamere wongere ubaze umwe mu bakurambere aguhe ivyiyumviro vy’ingene woryohora ibintu. Nugume utera imbere. Nusabe Yehova akumenyereze kugira urushirize kuba kirumara mu gikorwa ciwe hamwe no mw’ishengero. (Yes. 64:8) Ese Yehova yohezagira cane utwigoro uriko uragira kugira ngo ukwize ibisabwa vyo kuba umukurambere. w24.11 25 ing. 17-18
Imana i[ra]gororotse, ikaba itokwibagira igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mukunda izina ryayo mu gukorera aberanda, n’ubu mukibandanya.—Heb. 6:10.
Nta n’umwe muri twebwe akwiye kubona ko abereye imbabazi za Yehova, naho yoba amaze imyaka myinshi amukorera. Ariko ntiwumve Yehova arashima ivyo tumukorera vyose tudahemuka. Naho ari ukwo, incungu yayiduhaye ku buntu, ntiyariko araturiha ivyo tumukorera. Nka hamwe rero twovuga ko tubereye imbabazi z’Imana canke ko dukwiriye gufatwa mu buryo budasanzwe, ni nk’aho twoba turiko turavuga ko Kristu yapfiriye ubusa. (Gereranya na Abagalatiya 2:21.) Intumwa Pawulo yari azi ko ata co yokoze ngo abe uwubereye ubuntu bw’Imana. Kubera iki none yitanga cane mu murimo wa Yehova? Ntiyabigira kugira yerekane ko abereye ubuntu bwa Yehova, ahubwo yabigira kugira yerekane ko akenguruka ubwo buntu yagiriwe. (Ef. 3:7) Cokimwe na Pawulo, na twebwe turabandanya gukorana umwete mu murimo wa Yehova, atari kugira twerekane ko tubereye imbabazi ziwe, ahubwo kugira twerekane ko tuzikenguruka. w25.01 27 ing. 5-6

