Samweli wa mbere 17:1-58
17 Maze Abafilisitiya+ bakoranya ingabo* zabo ngo baje ku rugamba. Bakoranira ahitwa Soko+ mu Buyuda. Baraheza bakambika i Efesi-Damimu+ hagati y’igisagara ca Soko n’ica Azeka+.
2 Nayo Sawuli n’ingabo za Isirayeli bakoranira hamwe, maze bakambika mu kiyaya ca Ela+. Batonda urugamba kugira ngo batane mu mitwe n’Abafilisitiya.
3 Abafilisitiya bari ku musozi umwe, Abisirayeli na bo ku wundi, hagati yabo hari umubande.
4 Nuko haza umurwanyi umwe w’igihangange avuye mu Bafilisitiya. Yitwa Goliyati+, akaba yava i Gati+. Yareha n’imetero hafi zitatu*.
5 Yari yambaye inkofero ikozwe mu mujumpu n’ikoti y’ivyuma bimeze nk’ibigaragamba. Iyo koti y’ivyuma+ vy’umujumpu yapima shekeli 5.000*.
6 Yari yambaye ivyuma bikingira imirundi bikozwe mu mujumpu, ku mugongo na ho ahetse agacumu+ k’umujumpu.
7 Uruti rw’icumu ryiwe rwangana n’igiti abajisha impuzu bazingirako inyuzi+, icuma caryo na co kigapima shekeli 600*. Uwamutwaza inkinzo yagendera imbere yiwe.
8 Goliyati arahagarara maze atangura guhamagara Abisirayeli batonze urugamba+. Ababwira ati: «Kubera iki mwaje gutonda urugamba? Jewe ndi Umufilisitiya, namwe mukaba abasuku ba Sawuli. Nimutore rero uwobaserukira aze turwane.
9 Niyashobora kundwanya akanyica, duca tuba abasuku banyu. Mugabo ninamunesha nkamwica, muca muba abasuku bacu, mudukorere.»
10 Uwo Mufilisitiya yongerako ati: «Uyu musi nsomborokeje* ingabo z’Abisirayeli+. Nimumpe umugabo turwana, bihere biheze!»
11 Sawuli n’Abisirayeli bose bumvise amajambo y’uwo Mufilisitiya, umutima uca ubavamwo, bicwa n’ubwoba.
12 Dawidi yari umuhungu wa Yese, umugabo yaba i Efurata+, ni ukuvuga i Betelehemu+ mu Buyuda. Yese+ yari afise abahungu umunani+ kandi ku ntwaro ya Sawuli yari amaze gusaza.
13 Abahungu biwe batatu bakuru bari baragiye mu ngabo za Sawuli+. Imfura yitwa Eliyabu+, uwa kabiri akitwa Abinadabu+, uwa gatatu na we Shama+.
14 Dawidi yari umuhererezi+. Abo batatu bakuru bari mu ngabo za Sawuli.
15 Dawidi yaza arava kwa Sawuli agakubitira i Betelehemu kuragira intama+ za se.
16 Wa Mufilisitiya yama aza mu gitondo no ku mugoroba, agahagarara imbere y’Abisirayeli kugira abasomborotse. Ivyo yabigize mu kiringo c’imisi 40.
17 Maze Yese abwira umuhungu wiwe Dawidi ati: «Tora izi ntete* zikaranze kibondo, n’iyi mikate cumi, unyaruke ubishire benewanyu kw’ikambi.
18 Izi foromaji cumi* na zo uzihe intwazangabo* yabo. Urabe uko benewanyu bamerewe, uheze unzanire amakuru yabo.»
19 Abo benewabo bari kumwe na Sawuli n’abandi basoda ba Isirayeli mu kiyaya ca Ela+, bahanganye n’Abafilisitiya+.
20 Nuko Dawidi avyuka kare mu gitondo, araba uwo asigarana intama maze atekera ivyo ajana. Araheza aragenda nk’uko se wiwe Yese yari yabimubwiye. Ageze kw’ikambi asanga abasoda bariko baraja gutonda urugamba, biha akaruru k’intambara.
21 Abisirayeli rero bahagarara ng’aha, Abafilisitiya na bo hariya, barahangana.
22 Dawidi aca asigira umuzigo wiwe uwacunga imizigo, maze yiruka iyo batonze urugamba. Ashitseyo, atangura kubaza amakuru ya benewabo+.
23 Akiriko arabaza, wa murwanyi w’igihangange aca arashika, ni ukuvuga wa Mufilisitiya w’i Gati yitwa Goliyati+. Yari aje ava mu ngabo z’Abafilisitiya zitonze urugamba. Atangura kuvuga ya majambo y’agasomborotso+, Dawidi aravyumva.
24 Abisirayeli bose bamukubise ijisho, baca bigirwa inyuma kubera ubwoba bwinshi+.
25 Bavuga bati: «Mwabonye urya mugabo? Azanywe no gusomborotsa* Abisirayeli+. Uwuzomwica, umwami azomuha itunga ryinshi, amuhe n’umukobwa wiwe+. Kandi mu vyo Abisirayeli basabwa n’umwami nta na kimwe urugo rwa se ruzosabwa.»
26 Dawidi atangura kubaza abasoda bari bahagaze hafi yiwe ati: «Uwuzokwica urya Mufilisitiya, agakura akagaye ku Bisirayeli, bazomushimira gute? Uwo Mufilisitiya atagenyerewe* abaye nde aho asomborotsa* ingabo z’Imana nzima+?»
27 Maze bamubwira vya bindi umwami yavuze ko azokorera uwuzomwica.
28 Mukuruwe Eliyabu+, ari na we yari imfura, yumvise ariko avugana n’abo basoda, aca aramushavurira amubwira ati: «Waje gukora iki hano? Mbega za ntama nkeyi wazisigaranye nde muri bwa bugaragwa*+? Ndazi neza ukwita imbere kwawe n’ivyiyumviro bibi vyo mu mutima wawe. Aha nta kindi cakuzanye atari ukuraba urugamba.»
29 Dawidi aca amwishura ati: «None ngize iki? Jewe nariko ndibariza gusa.»
30 Aca aramubisa, aja kubaza uwundi muntu ca kibazo nyene+. Bamwishura kwa kundi nyene+.
31 Abantu bumva ivyo Dawidi yavuze maze babibwira Sawuli, aca amutumako.
32 Dawidi abwira Sawuli ati: «Ntihagire n’umwe aranduka umutima* kubera urya Mufilisitiya. Jewe umusuku wawe ndagenda kurwana na we+.»
33 Mugabo Sawuli abwira Dawidi ati: «Uracari muto+, ntushobora kuja kurwana n’urya Mufilisitiya. We yabaye umusoda* kuva akiri muto.»
34 Dawidi aca abwira Sawuli ati: «Mwami, ndi umwungere w’intama za data. Umusi umwe intambwe+ yaraje itwara intama. Ikindi gihe haza idubu na yo nyene itwara intama.
35 Naciye ndabikurikira ndabikubita, nkura nya ntama mu kanwa kavyo. Bigize ngo birampindukirira, naciye ndabicakira ivyoya* ndavyica.
36 Jewe umusuku wawe narishe iyo ntambwe n’iyo dubu. N’uyo Mufilisitiya atagenyerewe ni ko nza kumugira, kuko yasomborokeje* ingabo z’Imana nzima+.»
37 Dawidi aca yongerako ati: «Yehova, we yankuye mu vyara vy’intambwe n’ivy’idubu, ni we aza kunkiza uwo Mufilisitiya+.» Sawuli aca abwira Dawidi ati: «Genda. Yehova abane nawe.»
38 Nuko Sawuli yambika Dawidi umwambaro yambara ku rugamba, amwambika n’inkofero y’umujumpu be n’ikoti y’ivyuma.
39 Maze Dawidi akenyera inkota yiwe hejuru y’umwambaro yambaye, aca agerageza gutambuka mugabo biranka, kuko atari amenyereye kuvyambara. Ni kwo kubwira Sawuli ati: «Ntibikunda ko ntambuka nambaye ibi bintu, kuko ata vyo menyereye.» Aca arabikura.
40 Maze afata inkoni yiwe, atora n’amabuye atanu asenye ayakuye mu mugezi*, ayashira mw’isaho yiwe y’abungere. Yari afise n’umugozi bateresha amabuye+. Atangura kwegera iyo wa Mufilisitiya ari.
41 Wa Mufilisitiya na we aguma aza yegera Dawidi, imbere yiwe hari wa mugabo amutwaza inkinzo.
42 Uwo Mufilisitiya abonye Dawidi, amurabana akagaye kubera yari umusore akiri muto, mwiza kandi w’inzobe+.
43 Abwira rero Dawidi ati: «Mbaye imbwa+, aho uza kundwanya witwaje inkoni?» Aca avuma Dawidi mu mazina y’imana ziwe.
44 Abandanya kubwira Dawidi ati: «Wewe gusa nuze ndakwereke. Ngira ndakwice, nce ndaguha inyoni n’ibikoko vyo mw’ishamba bikurye.»
45 Dawidi na we yishura uwo Mufilisitiya ati: «Uje kundwanya witwaje inkota n’amacumu+, mugabo jewe nje kukurwanya nserukiye Yehova* Nyeningabo+, Imana y’Abisirayeli batonze urugamba, Imana wasomborokeje*+.
46 Uyu musi nyene Yehova arakumpa+ ndakwice, nce ndaguca umutwe. Kandi uyu musi imivyimba y’abasoda b’Abafilisitiya ndayiha inyoni n’ibikoko vyo mw’ishamba. Ababa kw’isi yose baraza kumenya yuko hariho Imana muri Isirayeli+.
47 Abari ng’aha bose* baramenya ko Yehova adakiza biciye ku nkota canke icumu+, kuko urugamba ari urwa Yehova+. Aradufasha kubatsinda mwese+.»
48 Nya Mufilisitiya arushiriza kwegereza kugira atane mu mitwe na Dawidi. Dawidi na we atangura kwiruka cane agana aho Abafilisitiya batonze urugamba kugira atane mu mitwe n’uwo Mufilisitiya.
49 Dawidi aca atora ibuye muri ya saho yiwe, ariteresha umugozi, amugema mu ruhanga. Iryo buye ryinjira mu ruhanga rwa nya Mufilisitiya, aca agwa yubamye+.
50 Gutyo Dawidi atsinda uwo Mufilisitiya akoresheje umugozi n’ibuye gusa, aramwica kandi ata nkota yari afise+.
51 Dawidi abandanya kwiruka, maze ahagarara hejuru y’uwo Mufilisitiya. Aca akura inkota y’uwo Mufilisitiya+ mu rwubati*, amuca umutwe kugira ahere amazinda ko yapfuye. Abafilisitiya babonye ko igihangange cabo gipfuye, baca barahunga+.
52 Abagabo bo muri Isirayeli no mu Buyuda baca bavira hasi rimwe bakoma akaruru, maze bakurikira Abafilisitiya kuva mu mubande+ gushika ku marembo y’igisagara ca Ekuroni+. Bagenda barabica kuva i Sharayimu+ gushika i Gati n’i Ekuroni. Ku nzira hari huzuye ibiziga.
53 Abisirayeli bavuye gukinagiza Abafilisitiya, baca baja gusahura amakambi yabo.
54 Nuko Dawidi afata umutwe wa wa Mufilisitiya, awujana i Yeruzalemu. Mugabo ibirwanisho vy’uwo Mufilisitiya abishira mw’ihema ryiwe+.
55 Igihe Sawuli yabona Dawidi agiye kurwana na wa Mufilisitiya, yabajije Abuneri+ umukuru w’ingabo ati: «Urya muhungu ni uwo kwa nde+ ga Abuneri?» Abuneri amwishura ati: «Ndarahiye imbere yawe mwami*, nta vyo nzi.»
56 Umwami avuga ati: «Baririkiza umenye se w’uwo muhungu.»
57 Dawidi akimara kugaruka avuye kwica wa Mufilisitiya, Abuneri aca amujana kwa Sawuli. Dawidi yari afise umutwe wa nya Mufilisitiya+ mu minwe.
58 Sawuli amubwira rero ati: «Harya so ni nde ga mwana?» Dawidi na we yishura ati: «Ndi mwene Yese+, umusuku wawe w’i Betelehemu+.»
Utujambo tw'epfo
^ Mu giheburayo havuga ngo «amakambi.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «n’intambwe zitandatu z’ukuboko uciriye mu nkokora be n’intambwe imwe y’ikiganza.» Raba Inyongera ya B14.
^ Ni nk’ibilo 57. Raba Inyongera ya B14.
^ Ni nk’ibilo 6,84. Raba Inyongera ya B14.
^ Canke «ncokoye», «mpigishije.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «iyi ngero ya efa y’intete.» Ni nk’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
^ Mu giheburayo havuga ngo «izi ngero cumi z’amata.»
^ Canke «umukuru w’abasoda 1.000.»
^ Canke «gucokora», «guhigisha.»
^ Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
^ Canke «acokora», «ahigisha.»
^ Mu giheburayo, iryo jambo ahanini risobanura ahantu h’agahinga hari imihana iri kure na kure.
^ Canke «acika intege.»
^ Canke «umurwanyi.»
^ Canke «ku rusakanwa.» Mu giheburayo havuga ngo «ku vyanwa.»
^ Canke «yacokoye», «yahigishije.»
^ Canke «mu mwonga.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «mw’izina rya Yehova.»
^ Canke «wacokoye», «wahigishije.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «iri shengero ryose.»
^ Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.
^ Canke «ndakurahiye mwami.»