Abaheburayo 12:1-29

  • Yezu atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge (1-3)

    • Umugwi munini w’ivyabona (1)

  • Ntimugaye ugutozwa indero kuva kuri Yehova (4-11)

  • Mugorore inzira ibirenge vyanyu bicamwo (12-17)

  • Mwegereye Yeruzalemu yo mw’ijuru (18-29)

12  Nuko rero, ko dufise umugwi* munini ukuraho w’ivyabona udukikuje, twiyambure natwe ibituremera vyose n’igicumuro kitwizingirako bitagoranye+, twongere twiruke twihanganye muri rya siganwa twashirwa imbere+,  dushinze ijisho Yezu+, ya Mboneza akaba na we atuma ukwizera kwacu kuba ukutagira akanenge. Kubera akanyamuneza yashizwe imbere yarihanganiye igiti co kubabarizwako*, ntivyamutera isoni, ubu akaba yicaye iburyo bw’intebe y’ubwami y’Imana+.  Muzirikane rero mwitonze ibijanye n’umwe yihanganira ibihari vyinshi abacumuzi+ bamuhaririza bigirira nabi, kugira ntimuruhe ngo mutane n’akabando*+.  Mu rugamba rwanyu rwo kurwanya igicumuro, ntimurigera mushika aho mwicwa.  Kandi mwaribagiye rwose impanuro ihambaye muhabwa nk’abana ngo: «Mwananje, ntugaye ugutozwa indero kuva kuri Yehova*, canke ngo utane n’akabando igihe agukosoye,  kuko Yehova* atoza indero uwo akunda, agahana* uwo wese yemera nk’umwana wiwe+  Mukwiye kwihangana kugira mutozwe indero*. Imana iriko ibafata nk’abana bayo+. None hari umwana adatozwa indero na se+?  Mugabo nimba mwese mudatozwa iyo ndero, mu vy’ukuri muri ibivyarwa, ntimuri abana bayo.  Vyongeye, ba data* bahora badutoza indero kandi twarabubaha. None kugira tubeho, ntidukwiye kurushiriza kuyobokera Data tubikunze, umwe ayobora ubuzima bwacu biciye ku mpwemu yiwe nyeranda+? 10  Kuko bo badutoje indero igihe gito bisunze ivyo babona ko ari vyiza, mugabo Imana yoyo ibigira ku nyungu yacu kugira tube beranda nk’uko na yo ari nyeranda+. 11  Vy’ukuri, nta gutozwa indero kuboneka muri uwo mwanya ko guteye umunezero, ahubwo gutera umubabaro*. Yamara mu nyuma, abemeye gutozwa indero bituma baronka amahoro n’ubugororotsi*. 12  Nuko rero, mukomeze amaboko aregarega n’amavi agoyagoya+, 13  kandi mubandanye kugorora inzira ibirenge vyanyu bicamwo+, kugira igihimba gicumbagira ntigitane ahubwo gikire. 14  Mugume murondera kugiranira amahoro n’abantu bose+ no kuba beranda*+, kubera ko umuntu atari mweranda atazobona Umukama. 15  Murabe neza ntihagire n’umwe ataronka ubuntu buhebuje* bw’Imana ngo umuzi w’ubumara ntuhave umera ugatera ingorane, ugahumanya abatari bake+. 16  Murabe kandi muri mwebwe ntihabe umusambanyi* canke umuntu adaha agaciro ibintu vyeranda nka Esawu, umwe yaheba uburenganzira bwiwe bw’imfura abukavye isahani imwe y’imfungurwa+. 17  Kuko muzi yuko mu nyuma igihe yashaka gutorana umuhezagiro atavyemerewe. Naho yagerageje guhindura ivyiyumviro vya se hariko n’amosozi+, nta co vyavuyemwo*. 18  Kuko mutegereye umusozi ushobora gukorakorwa+ canke ururumba umuriro+, umusozi wuzuyeko igicu cijimye n’umwiza w’umuzitanya n’igihuhusi+, 19  n’ugusamirana kw’urumbete+ n’ijwi ry’uwuvuga+. Aho abantu bumviye iryo jwi baratakamvye ngo ntihagire ikindi kintu babwirwa+. 20  Kuko batashobora kwihanganira itegeko rigira riti: «Mbere n’igitungwa kizokora ku musozi, kize giterwe amabuye+ 21  Vyongeye, ivyo bintu babonye vyari biteye ubwoba rwose ku buryo Musa yavuze ati: «Numva ubwoba kandi ndiko ndajugumira+ 22  Ahubwo mwegereye umusozi Siyoni+ n’igisagara c’Imana nzima, ni ukuvuga Yeruzalemu yo mw’ijuru+, n’abamarayika ibihumbi n’ibihumbi* 23  bakoraniye hamwe+, be n’ishengero ry’imfura zanditswe mw’ijuru. Mwegereye kandi Imana yo Mucamanza wa bose+, n’abagororotsi babayeho mu buryo buhuye n’impwemu nyeranda+ kandi bagizwe abatunganye+, 24  mwegera na Yezu umuhuza+ w’isezerano rishasha+, n’amaraso yamijagiwe, avuga mu buryo bwiza kuruta aya Abeli+. 25  Muraba maso ntimureke kwumviriza* uwuriko aravuga. Kuko nimba bamwe banka kwumviriza uwariko aratangira kw’isi imburi iva ku Mana batarusimvye, hari akantu twebwe nitwaha umugongo umwe avugira mw’ijuru+! 26  Ico gihe ijwi ryiwe ryaranyiganyije isi+, mugabo ubu yasezeranye ati: «Ngira nyiganyize isi rindi rimwe, n’ijuru ndarinyiganyize+ 27  Iyo mvugo rero ngo «rindi rimwe», yerekana ikurwaho ry’ibintu binyiganyizwa, ni ukuvuga ibintu vyakozwe, kugira ibitanyiganyizwa bigumeho. 28  Ko rero tubwirizwa kuronka Ubwami budashobora kunyiganyizwa, tubandanye kwungukira ku buntu buhebuje bw’Imana, biciye kuri bwo tukaba dushobora gukorera Imana igikorwa ceranda yemera, tuyitinya kandi tuyubaha. 29  Erega Imana yacu ni umuriro utema ugatongora+.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «igicu.»
Canke «ngo mudendebukirwe mu mitima yanyu.»
Mu kigiriki havuga ngo «agashishagura.»
Canke «bibigishe.»
Mu kigiriki havuga ngo «ba data b’umubiri wacu.»
Canke «intuntu.»
Canke «baronka icamwa c’amahoro, ari co bugororotsi.»
Mu kigiriki havuga ngo «no kwezwa.»
Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
Mu kigiriki havuga ngo «nta kibanza yabironkeye.»
Canke «ibihumbi mirongo.»
Canke «ntimurondere ivyitwazo vyo kutumviriza», «ntimwirengagize.»