Abaheburayo 13:1-25

  • Impanuro za nyuma be n’indamutso (1-25)

    • Ntimwibagire kwakirana (2)

    • Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka (4)

    • Mugamburukire ababaja imbere (7, 17)

    • Dushikanire Imana ikimazi c’ishemezo (15, 16)

13  Mubandanye gukunda abavukanyi banyu+.  Ntimwibagire kwakirana*+, kuko vyatumye bamwe baha indaro abamarayika batabizi+.  Mugume mwibuka abari mw’ibohero*+ nk’aho mubohanywe na bo+, be n’abariko barafatwa nabi, kuko namwe ubwanyu muri mu mubiri*.  Umubano w’ababiranye nube uwuteye iteka muri bose, kandi uburiri bw’ababiranye bube ubudahumanye+, kuko Imana izocira urubanza abasambanyi* n’abarenga ibigo+.  Mu buzima bwanyu ntimurangwe no gukunda amahera+, ahubwo mubumbwe n’ibintu mufise ubu+. Kuko Imana yavuze iti: «Sinzokwigera ndaguta, kandi sinzokwigera ndaguheba+  Turashobora rero kugira umutima rugabo tukavuga duti: «Yehova* ni umutabazi wanje, nta co nzotinya. Mbega umuntu yongira iki+  Mwibuke ababaja imbere+, bababwiye ijambo ry’Imana. Uko mwihweza ivyiza biva mu ngeso zabo, mwigane ukwizera kwabo+.  Uko Yezu Kristu yari ejo, ni ko ari n’uyu musi, kandi ni ko azokwama ibihe vyose.  Ntimuzimizwe n’inyigisho zitandukanye kandi z’ivyaduka, kuko ari vyiza ko umutima ukomezwa n’ubuntu buhebuje*, hako ukomezwa n’ibifungurwa* ata co vyungura abavyishinga+. 10  Igicaniro dufise, abakora igikorwa ceranda kw’ihema nta burenganzira bafise bwo kurya ibiri kuri co+. 11  Kuko imivyimba y’ibitungwa bitangwa n’abo bantu ituririrwa inyuma y’ikambi, amaraso yavyo akinjizwa n’umuherezi mukuru ahantu heranda ngo abe ishikanwa ry’igicumuro+. 12  Ni co gituma na Yezu yababarijwe inyuma y’irembo ry’igisagara+ kugira yeze abantu akoresheje amaraso yiwe bwite+. 13  Tuje kuri we rero inyuma y’ikambi, twemere gukengerwa nk’uko yakengerewe+, 14  kuko ng’aha tutahafise igisagara camaho, ahubwo turiko turonderana umwete kimwe kizoza+. 15  Biciye kuri we, twame dushikanira Imana ikimazi c’ishemezo+, ni ukuvuga icamwa c’iminwa yacu+ ivuga ku mugaragaro izina ryayo+. 16  Vyongeye, ntimwibagire gukora iciza no gusangira n’abandi ivyo mufise+, kuko Imana ihimbarwa rwose na mwene ivyo bimazi+. 17  Mugamburukire ababaja imbere+ kandi mubayobokere+, kuko baguma babitwararika* nk’abazobibazwa+, kugira babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko ari mwebwe vyogirira nabi. 18  Mugume mudusengera, kuko tuzi neza yuko turi n’ijwi ryo mu mutima ryiza*, tukaba dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose+. 19  Mugabo ndabinginga nshimitse ngo mudusengere, kugira ngaruke iwanyu vuba hashoboka. 20  Ya Mana y’amahoro rero, imwe yakura Umukama wacu Yezu mu bapfuye afise amaraso y’isezerano ry’ibihe bidahera, akaba ari na we mwungere mukuru+ w’intama, 21  ibaronse ikintu ciza cose kugira mukore ivyo igomba. Biciye kuri Yezu Kristu, Imana iratuma dukora ibiyihimbara cane. Nininahazwe gushika ibihe bidahera. Amen. 22  Ndabasavye rero bavukanyi, mwumvirize mwihanganye aya majambo y’indemesho, kuko ndabandikiye ikete rigufi. 23  Nagira ndabamenyeshe yuko umuvukanyi wacu Timoteyo yarekuwe. Niyaramuka aje vuba nzozanana na we kubaraba. 24  Mundamukirize ababaja imbere bose n’aberanda bose. Abo mu Butaliyano+ barabaramutsa. 25  Ubuntu buhebuje bubane namwe mwese.

Utujambo tw'epfo

Canke «kugirira neza abantu mutazi.»
Mu kigiriki havuga ngo «ababoshwe», «abari mu mvuto.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nk’aho mwoba muriko murababarana na bo.»
Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).
Ni ukuvuga amategeko ajanye n’ibifungurwa.
Canke «barinze ubuzima bwanyu.»
Canke «rigororotse.»