Abaheburayo 7:1-28

  • Melekisedeki: umwami n’umuherezi adasanzwe (1-10)

  • Ubuherezi bwa Kristu buraruta ubw’Abalewi (11-28)

    • Kristu arashoboye gukiza neza (25)

7  Kuko uyo Melekisedeki, umwami wa Salemu, umuherezi w’Imana Musumbavyose, yasanganiye Aburahamu igihe yari avuye gusasika abami aramuhezagira+,  Aburahamu aca amuha* ic’icumi c’ivyo yari yagaruje vyose. Ubwa mbere hoho izina ryiwe risobanura ngo «Umwami w’ubugororotsi.» Vyongeye, ni umwami wa Salemu, ni ukuvuga «Umwami w’amahoro.»  Kubera ko atagira se, ntagire nyina canke amamuko, kandi intango n’iherezo ry’ubuzima bwiwe bikaba ata ho vyanditswe, bituma amera nk’Umwana w’Imana, akaguma ari umuherezi ibihe vyose+.  Iyumvire namwe ingene uwo muntu yari ahambaye, umuntu Aburahamu wa mukuru* w’umuryango yahaye ic’icumi mu bintu vyizavyiza yari yanyaze+.  Ego ni ko, hisunzwe amategeko, Abalewi+ bafise ibanga ry’ubuherezi basabwa kwegeranya ivy’icumi mu bantu+, ni ukuvuga muri benewabo, naho abo benewabo bakomoka kuri Aburahamu*.  Mugabo wa muntu atamuka muri bo yarakiriye ivy’icumi ahawe na Aburahamu, uwari yarahawe imihango, yongera aramuhezagira+.  Nta wohakana ko umuntu mutoyi ahezagirwa n’umukuru.  Vyongeye, Abalewi baronka ivy’icumi ni abantu bapfa, mugabo uwo muntu wundi yaronse ivy’icumi, ashingirwa intahe yuko ari muzima+.  Kandi twovuga ko na Lewi umwe yahabwa ivy’icumi, yabitanze biciye kuri Aburahamu, 10  kuko yari akiri mu nda* ya sekuruza igihe Melekisedeki yamusanganira+. 11  Ubuherezi bw’Abalewi bwashizweho hisunzwe amategeko yahawe abantu+. Iyaba bwashobora gutuma abantu baba abatagira akanenge, kubera iki vyokwiriwe birakenerwa ko haboneka uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki+ aho kumera nka Aroni? 12  Ko rero ubuherezi buriko burahindurwa, bica biba ngombwa ko n’amategeko ahindurwa+. 13  Kuko umuntu avugwako ivyo bintu yavuye mu wundi muryango kandi nta n’umwe akomoka muri uwo muryango yakoreye ku gicaniro+. 14  Si agaseseshwarumuri yuko Umukama wacu yakomotse mu muryango wa Yuda+, ariko Musa nta baherezi yavuze bakomoka muri uwo muryango. 15  Kandi ivyo birarushiriza kwibonekeza cane kuko ubu habonetse uwundi muherezi+ ameze nka Melekisedeki+. 16  Ntiyamubaye hisunzwe itegeko risaba ko akomoka mu muryango kanaka, ahubwo yamubaye hisunzwe ububasha butuma agira ubuzima budashobora gukurwaho+, 17  kuko ashingirwa intahe ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+ 18  Ibwirizwa ryahahora rero rirakurwaho kubera rigoyagoya no kubera ko ata co rishikako+. 19  Kuko ata kintu na kimwe cabaye ikitagira akanenge biciye ku mategeko+. Mugabo icizigiro ciza kuruta+ duhabwa n’Imana carabishitseko, kandi biciye kuri co turiko turegera Imana+. 20  Vyongeye, Yezu yabaye umuherezi biciye ku ndahiro. 21  (Hariho vy’ukuri abantu babaye abaherezi bidaciye ku ndahiro. Mugabo uyo wewe yamubaye biciye ku ndahiro imwerekeye yarahiwe n’Umwe yavuga ati: «Yehova* yararahiye, kandi ntazokwivuguruza*. Yavuze ati: “Uri umuherezi ibihe vyose+.”») 22  Ni co gituma Yezu yacitse ikimenyamenya cemeza isezerano* ryiza kuruta+. 23  Vyongeye, abaherezi benshi barakurakuranywe+ kubera ko urupfu rwababuza kuguma muri iryo banga. 24  Mugabo uwo muherezi we kubera ko aguma ari muzima ibihe vyose+, nta wumusubirira. 25  Arashoboye rero no gukiza neza abariko baregera Imana biciye kuri we, kuko yama ari muzima kugira atakambe ku bwabo+. 26  Birabereye ko tugira umuherezi mukuru nk’uwo: ntahemuka, ni intungane, ntahumanye+, nta ho ahuriye n’abacumuzi, kandi yashizwe hejuru y’amajuru+. 27  Aratandukanye na ba baherezi bakuru kuko we adakeneye gushikana ibimazi buri musi+, ubwa mbere ku bw’ibicumuro vyiwe bwite hanyuma ku bw’ibicumuro vy’abantu+ (kuko ivyo yabigize rimwe rizima igihe yishikana+). 28  Kuko amategeko agena abantu bafise ubugoyagoye ngo babe abaherezi bakuru+, mugabo ijambo rya ya ndahiro+ yarahiwe inyuma y’amategeko rikagena Umwana. Uwo mwana yagizwe uwutunganye+ ibihe vyose.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «amugabaniriza.»
Mu kigiriki havuga ngo «wa mutwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «bava mu kiyunguyungu ca Aburahamu.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu kiyunguyungu.»
Canke «ntazokwicuza.»
Canke «uwatanzweko ingwati y’isezerano.»