Abaheburayo 5:1-14
5 Kuko umuherezi mukuru wese atowe mu bantu agenwa kugira akorere Imana ku neza yabo+, ashikane amashikanwa n’ibimazi ku bw’ibicumuro+.
2 Arashoboye kugirira impuhwe* abakora amakosa* kubera ukutamenya kuko na we nyene ahanzwe n’ubugoyagoye* bwiwe bwite.
3 Kandi kubera ubwo bugoyagoye, abwirizwa gushikana amashikanwa y’ibicumuro vyiwe bwite nk’uko ashikana ay’ibicumuro vy’abandi bantu+.
4 Umuntu si we yiha iryo teka ahubwo arironka gusa igihe Imana irimuhamagariye, nk’uko vyabaye kuri Aroni+.
5 Na Kristu rero ntiyihaye iteka*+ ryo kuba umuherezi mukuru, ahubwo yarihawe n’uwamubwiye ati: «Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+.»
6 Ahandi hantu na ho avuga ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+.»
7 Igihe Kristu yaba kw’isi*, yaratakambiye Umwe yari ashoboye kumukiza urupfu yongera aramusaba, hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi+, kandi yarumviwe kubera ko yatinya Imana.
8 Naho yari umwana wayo, yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye+.
9 Aho amariye kugirwa uwutagira akanenge+, yacitse uwujejwe kuronsa ubukiriro bw’ibihe bidahera abamugamburukira bose+,
10 kuko Imana yamugize umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki+.
11 Turafise vyinshi twomuvugako kandi biragoye gusigura kuko musigaye muteba kwumva.
12 Naho ubu* mwari mukwiye kuba muri abigisha, murakeneye kandi uwubigisha guhera ku ntango ibintu vy’ishimikiro*+ vy’amajambo meranda y’Imana, kandi mwasubiye kuba abantu bakeneye amata, aho kurya ibifungurwa bigumye.
13 Erega umuntu wese abandanya gutungwa n’amata aba atazi ijambo ry’ubugororotsi, kuko aba ari umwana mutoyi+.
14 Mugabo ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye, bamwe bakoresha ububasha bwabo bwo gutahura bakabumenyereza gutandukanya iciza n’ikibi.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «kwengenga», «kudakarira.»
^ Canke «abazimira.»
^ Canke «afise ubugoyagoye.»
^ Canke «ubuninahazwa.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «mu misi y’umubiri wiwe.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «turavye igihe (kihaciye).»
^ Canke «vy’intango.»