Abaheburayo 5:1-14

  • Yezu araruta abaherezi bakuru b’abantu (1-10)

    • Mu buryo bwa Melekisedeki (6, 10)

    • Yarize kugamburuka biciye ku mibabaro (8)

    • Ajejwe gutanga ubukiriro bw’ibihe bidahera (9)

  • Tube abantu bahumuye (11-14)

5  Kuko umuherezi mukuru wese atowe mu bantu agenwa kugira akorere Imana ku neza yabo+, ashikane amashikanwa n’ibimazi ku bw’ibicumuro+.  Arashoboye kugirira impuhwe* abakora amakosa* kubera ukutamenya kuko na we nyene ahanzwe n’ubugoyagoye* bwiwe bwite.  Kandi kubera ubwo bugoyagoye, abwirizwa gushikana amashikanwa y’ibicumuro vyiwe bwite nk’uko ashikana ay’ibicumuro vy’abandi bantu+.  Umuntu si we yiha iryo teka ahubwo arironka gusa igihe Imana irimuhamagariye, nk’uko vyabaye kuri Aroni+.  Na Kristu rero ntiyihaye iteka*+ ryo kuba umuherezi mukuru, ahubwo yarihawe n’uwamubwiye ati: «Uri umwana wanje. Uyu musi ncitse so wawe+  Ahandi hantu na ho avuga ngo: «Uri umuherezi ibihe vyose mu buryo bwa Melekisedeki+  Igihe Kristu yaba kw’isi*, yaratakambiye Umwe yari ashoboye kumukiza urupfu yongera aramusaba, hariko n’amaborogo akomeye be n’amosozi+, kandi yarumviwe kubera ko yatinya Imana.  Naho yari umwana wayo, yarize kugamburuka biciye ku mibabaro yamushikiye+.  Aho amariye kugirwa uwutagira akanenge+, yacitse uwujejwe kuronsa ubukiriro bw’ibihe bidahera abamugamburukira bose+, 10  kuko Imana yamugize umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki+. 11  Turafise vyinshi twomuvugako kandi biragoye gusigura kuko musigaye muteba kwumva. 12  Naho ubu* mwari mukwiye kuba muri abigisha, murakeneye kandi uwubigisha guhera ku ntango ibintu vy’ishimikiro*+ vy’amajambo meranda y’Imana, kandi mwasubiye kuba abantu bakeneye amata, aho kurya ibifungurwa bigumye. 13  Erega umuntu wese abandanya gutungwa n’amata aba atazi ijambo ry’ubugororotsi, kuko aba ari umwana mutoyi+. 14  Mugabo ibifungurwa bigumye ni ivy’abantu bahumuye, bamwe bakoresha ububasha bwabo bwo gutahura bakabumenyereza gutandukanya iciza n’ikibi.

Utujambo tw'epfo

Canke «kwengenga», «kudakarira.»
Canke «abazimira.»
Canke «afise ubugoyagoye.»
Canke «ubuninahazwa.»
Mu kigiriki havuga ngo «mu misi y’umubiri wiwe.»
Mu kigiriki havuga ngo «turavye igihe (kihaciye).»
Canke «vy’intango.»