Abaheburayo 3:1-19

  • Yezu araruta Musa (1-6)

    • Imana ni yo yubatse ibintu vyose (4)

  • Twiyubare ntitubure ukwizera (7-19)

    • «Uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo» (7, 15)

3  Nuko rero bavukanyi beranda musangiye uguhamagarirwa ijuru*+, muzirikane ya ntumwa akaba n’umuherezi mukuru twemera*, ari we Yezu+. 2  Yari umwizigirwa ku wamugenye+, nk’uko na Musa yari umwizigirwa mu nzu yose y’Imana+. 3  Abonwa* ko abereye ubuninahazwa+ kuruta Musa, kubera yuko uwubaka inzu afise iteka kuruta nya nzu. 4  Mu bisanzwe, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo Imana ni yo yubatse ibintu vyose. 5  Musa rero yari umusuku w’umwizigirwa mu nzu yose y’Imana, igikorwa ciwe kikaba cerekeza ku bintu* vyohavuye bivugwa mu nyuma. 6  Mugabo Kristu yari umwana w’umwizigirwa+ aganza inzu y’Imana. Ni twebwe inzu y’Imana+, dukire gusa kuguma twumiye cane ku mwidegemvyo wacu wo kuvuga no ku cizigiro twiratira, gushika kw’iherezo. 7  Nk’uko rero impwemu nyeranda ibivuga+, «uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, 8  ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi, nka wa musi mwangeza mu bugaragwa+, 9  aho ba sogokuruza banyu bangerageza bakansomborotsa naho bari barabonye ibikorwa vyanje mu kiringo c’imyaka 40+. 10  Ni co catumye nsesemwa n’uru runganwe, maze mvuga nti: “Imitima yabo iguma izimira, kandi ntibigeze bamenya inzira zanje.” 11  Naciye ndahira n’ishavu n’akantu nti: “Ntibazokwinjira mu karuhuko kanje+.”» 12  Mwiyubare bavukanyi, kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe ava kuri ya Mana nzima bigatuma agira umutima mubi utizera+. 13  Ahubwo mugume muremeshanya ku musi ku musi, hacitwa «uyu musi+», kugira ntihagire n’umwe muri mwebwe akomantaza umutima bivuye ku bubasha buhendana bw’igicumuro. 14  Kuko ducika vy’ukuri abasangira Kristu* ari uko gusa twumiye rwose gushika kw’iherezo kuri kwa kujijuka twari dufise mu ntango+. 15  Nakare tubwirwa ngo: «Uyu musi nimwumviriza ijwi ryayo, ntimukomantaze imitima nka ca gihe mwantera ishavu ry’umururazi+.» 16  None ni bande bumvise yamara bakamutera ishavu ry’umururazi? Mbega si abavuye mu Misiri bose barongowe na Musa+? 17  Vyongeye, ni bande basesemye Imana mu myaka 40+? Mbega si bamwe bacumura, imivyimba yabo ikagwa mu bugaragwa+? 18  Ni bande kandi yarahiye yuko batokwinjiye mu karuhuko kayo? Mbega si bamwe bagambarara? 19  Turabona rero ko batashoboye kukinjiramwo kubera ukutizera+.

Utujambo tw'epfo

^ Canke «ubutumire bw’ijuru.»
^ Canke «twemera tukavyatura.»
^ Ni ukuvuga Yezu.
^ Canke «cashingira intahe ibintu», «cari icabona c’ibintu.»
^ Canke «abasangira na Kristu.»