Malaki 3:1-18
3 «Ehe ntumye intumwa yanje, na yo izotunganya* inzira imbere yanje+. Kandi bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri murondera, azoza ku rusengero rwiwe+. Na ya ntumwa y’isezerano mushashaye izoza. Emwe azoza vy’ukuri», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
2 «Ariko ni nde azokwihanganira umusi w’ukuza kwiwe? Ni nde azoshobora guhagarara niyaseruka? Kuko azoba ameze nk’umuriro w’umuntu atyorora ubutare be n’isabuni+ y’umumesuzi.
3 Umukama azokwicara nk’uwutyorora be n’uwusukura ifeza+. Azosukura bene Lewi, kandi azobatosora* nk’inzahabu n’ifeza. Kuri Yehova bazoba abantu bashikiriza ishikanwa mu bugororotsi.
4 Kandi ishikanwa ry’abo mu Buyuda n’ab’i Yeruzalemu rizohimbara Yehova vy’ukuri, nko mu misi yo hambere no mu myaka ya kera cane+.
5 Nzoza aho muri kugira ndabacire urubanza kandi nzobanguka kuba icabona cagiriza abapfumu+, abarenga ibigo, abarahira ibinyoma+, abazuruma* umucangero+ n’umupfakazi n’impfuvyi*+ be n’abanka gufasha umunyamahanga*+. Abo ntiberekanye ko bantinya», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
6 «Kuko ndi Yehova, simpinduka*+. Muri bene Yakobo. Ntimurahona.
7 Kuva mu misi ya ba sogokuruza banyu, mwarahevye ingingo nashinze, ntimwazikurikiza+. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
Mugabo muvuga muti: «Twogaruka mu buryo ki?»
8 «Mbega umuntu buntu yokwiba Imana? Ariko mwebwe muranyiba.»
Muvuga muti: «Twakwivye gute?»
«Ni mu bijanye n’ivy’icumi n’intererano.
9 Ni ukuri mwaravumwe* kuko munyiba. Emwe, ihanga ryose riranyiba.
10 Nimuzane ivy’icumi vyose mu kigega+, kugira ngo mu nzu yanje habe ibifungurwa+. Enda nimungeze muri ivyo», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «murabe ko ntazobugururira ingomero zo mw’ijuru+, nkabasukako* umuhezagiro gushika aho ata co mubura+.»
11 «Nzokarira ururyi* ku bwanyu. Ntiruzokwonona ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, n’imizabibu yo mu mirima yanyu ntizoreka kwama+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
12 «Amahanga yose azobita abahirwe+, kuko igihugu canyu kizoba* igihugu gihimbaye», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.
13 «Amajambo mumvugako arakaze», ni ko Yehova avuze.
Namwe muvuga muti: «Ni ibiki tukuvugako+?»
14 «Muvuga ngo: “Gukorera Imana nta co bimaze+. Twungutse iki kuba twarubahirije ivyo idusaba, tukereka Yehova Nyeningabo ko tubabajwe n’ibicumuro vyacu?
15 None ubu abita imbere ni bo tubona ko bahiriwe. Vyongeye, abakora ivy’ububisha bararoranirwa+. Barubahuka kugeza Imana, kandi bikijana.”»
16 Ico gihe abatinya Yehova baraganira, umwe wese na mugenziwe, Yehova na we akaguma ateze ugutwi, yumviriza. Nuko igitabu c’icibutso candikirwa imbere yiwe+, kikaba cerekeye abatinya Yehova n’abiyumvira* izina ryiwe+.
17 «Kandi bazoba abanje+ umusi nzobagira ihanga ridasanzwe*+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. «Nzobagirira impuhwe nka kurya umuntu agirira impuhwe umwana wiwe amugamburukira+.
18 Muzokwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha+, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.»
Utujambo tw'epfo
^ Canke «izotegura.»
^ Canke «azobatyorora.»
^ Canke «abima umunyamahanga uburenganzira afise.»
^ Canke «umwana atagira se.»
^ Canke «abiba», «abagunga.»
^ Canke «sinahindutse.»
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ari ukumvuma muramvuma.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nkabacuranurirako.»
^ Biboneka ko ari ivyago bitewe n’udukoko.
^ Mu giheburayo havuga ngo «kuko muzoba.»
^ Canke «abazirikana.» Hashobora kandi kuvugwa ngo «abaha agaciro.»
^ Canke «ikintu c’agaciro nigabira.»