Malaki 3:1-18

  • Umukama w’ukuri aza gusukura urusengero rwiwe (1-5)

    • Intumwa y’isezerano (1)

  • Baremeshwa kugaruka kuri Yehova (6-12)

    • Yehova ntahinduka (6)

    • «Nimungarukeko, nanje nzobagarukako» (7)

    • «Nimuzane ivy’icumi, Yehova abasukeko imihezagiro» (10)

  • Umugororotsi n’umubisha (13-18)

    • Igitabu c’icibutso candikirwa imbere y’Imana (16)

    • Ubudasa hagati y’umugororotsi n’umubisha (18)

3  «Ehe ntumye intumwa yanje, na yo izotunganya* inzira imbere yanje+. Kandi bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri murondera, azoza ku rusengero rwiwe+. Na ya ntumwa y’isezerano mushashaye izoza. Emwe azoza vy’ukuri», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.  «Ariko ni nde azokwihanganira umusi w’ukuza kwiwe? Ni nde azoshobora guhagarara niyaseruka? Kuko azoba ameze nk’umuriro w’umuntu atyorora ubutare be n’isabuni+ y’umumesuzi.  Umukama azokwicara nk’uwutyorora be n’uwusukura ifeza+. Azosukura bene Lewi, kandi azobatosora* nk’inzahabu n’ifeza. Kuri Yehova bazoba abantu bashikiriza ishikanwa mu bugororotsi.  Kandi ishikanwa ry’abo mu Buyuda n’ab’i Yeruzalemu rizohimbara Yehova vy’ukuri, nko mu misi yo hambere no mu myaka ya kera cane+.  Nzoza aho muri kugira ndabacire urubanza kandi nzobanguka kuba icabona cagiriza abapfumu+, abarenga ibigo, abarahira ibinyoma+, abazuruma* umucangero+ n’umupfakazi n’impfuvyi*+ be n’abanka gufasha umunyamahanga*+. Abo ntiberekanye ko bantinya», ni ko Yehova Nyeningabo avuze.  «Kuko ndi Yehova, simpinduka*+. Muri bene Yakobo. Ntimurahona.  Kuva mu misi ya ba sogokuruza banyu, mwarahevye ingingo nashinze, ntimwazikurikiza+. Nimungarukeko, nanje nzobagarukako+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. Mugabo muvuga muti: «Twogaruka mu buryo ki?»  «Mbega umuntu buntu yokwiba Imana? Ariko mwebwe muranyiba.» Muvuga muti: «Twakwivye gute?» «Ni mu bijanye n’ivy’icumi n’intererano.  Ni ukuri mwaravumwe* kuko munyiba. Emwe, ihanga ryose riranyiba. 10  Nimuzane ivy’icumi vyose mu kigega+, kugira ngo mu nzu yanje habe ibifungurwa+. Enda nimungeze muri ivyo», ni ko Yehova Nyeningabo avuze, «murabe ko ntazobugururira ingomero zo mw’ijuru+, nkabasukako* umuhezagiro gushika aho ata co mubura+ 11  «Nzokarira ururyi* ku bwanyu. Ntiruzokwonona ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, n’imizabibu yo mu mirima yanyu ntizoreka kwama+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 12  «Amahanga yose azobita abahirwe+, kuko igihugu canyu kizoba* igihugu gihimbaye», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 13  «Amajambo mumvugako arakaze», ni ko Yehova avuze. Namwe muvuga muti: «Ni ibiki tukuvugako+ 14  «Muvuga ngo: “Gukorera Imana nta co bimaze+. Twungutse iki kuba twarubahirije ivyo idusaba, tukereka Yehova Nyeningabo ko tubabajwe n’ibicumuro vyacu? 15  None ubu abita imbere ni bo tubona ko bahiriwe. Vyongeye, abakora ivy’ububisha bararoranirwa+. Barubahuka kugeza Imana, kandi bikijana.”» 16  Ico gihe abatinya Yehova baraganira, umwe wese na mugenziwe, Yehova na we akaguma ateze ugutwi, yumviriza. Nuko igitabu c’icibutso candikirwa imbere yiwe+, kikaba cerekeye abatinya Yehova n’abiyumvira* izina ryiwe+. 17  «Kandi bazoba abanje+ umusi nzobagira ihanga ridasanzwe*+», ni ko Yehova Nyeningabo avuze. «Nzobagirira impuhwe nka kurya umuntu agirira impuhwe umwana wiwe amugamburukira+. 18  Muzokwongera kubona ubudasa buri hagati y’umugororotsi n’umubisha+, hagati y’uwukorera Imana n’uwutayikorera.»

Utujambo tw'epfo

Canke «izotegura.»
Canke «azobatyorora.»
Canke «abima umunyamahanga uburenganzira afise.»
Canke «umwana atagira se.»
Canke «abiba», «abagunga.»
Canke «sinahindutse.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ari ukumvuma muramvuma.»
Mu giheburayo havuga ngo «nkabacuranurirako.»
Biboneka ko ari ivyago bitewe n’udukoko.
Mu giheburayo havuga ngo «kuko muzoba.»
Canke «abazirikana.» Hashobora kandi kuvugwa ngo «abaha agaciro.»
Canke «ikintu c’agaciro nigabira.»