Luka 24:1-53
24 Ku musi wa mbere w’indwi, bazindukira ku mva* bazanye ibintu bimota bari bateguye+.
2 Mugabo basanga rya buye ryari ryugaye imva ryatembagaye+,
3 hanyuma binjiye ntibabona ikiziga c’Umukama Yezu+.
4 Bakizazaniwe n’ivyo bintu, baza babona abagabo babiri bambaye impuzu zikayangana bahagaze iruhande yabo.
5 Kubera yuko bari bagize ubwoba bakaguma bunamye, abo bagabo baca bababwira bati: «Kubera iki murondera umuntu muzima mu bapfuye+?
6 Nta wuri ng’aha, yarazuwe. Ibuka ivyo yababwiye akiri i Galilaya,
7 yuko Umwana w’umuntu yotawe mu minwe y’abacumuzi, akamanikwa ku giti hanyuma akazuka ku musi ugira gatatu+.»
8 Baca bibuka amajambo yiwe+.
9 Baraheza bava kuri iyo mva baja kwiganira ivyo bintu vyose bamwe cumi n’umwe n’abandi bose+.
10 Abo bagore bari Mariya Magadalena na Mariya nyina wa Yakobo. Hari n’abandi bagore bari kumwe na bo bariko babwira intumwa ivyo bintu nyene.
11 Ariko izo ntumwa zibona ko ivyo bintu bitagira umutwe n’amaguru, ntizemera ivyo abo bagore bazibwiye.
12 Ariko Petero aca arahaguruka agenda ku mva* yiruka. Hanyuma yunamye, abona za mpuzu z’ilino* gusa. Aca asubira inyuma, aguma yibaza ivyabaye ivyo ari vyo.
13 Kuri uwo musi nyene, babiri mu bigishwa ba Yezu bariko baja mu kigwati citwa Emawusi, kiri nko ku bilometero 11* uvuye i Yeruzalemu,
14 kandi bariko baraganira kuri ivyo bintu vyose vyari vyabaye.
15 Bariko barayaga bongera bazirikana kuri ivyo bintu, Yezu aca arabegera, ajana na bo,
16 ariko amaso yabo abuzwa kumumenya+.
17 Ababaza ati: «Mbega ivyo mugenda murabazanya ni ibiki?» Baca barahagarara bijiriwe mu maso.
18 Uwitwa Kelewopasi amwishura ati: «Mbega uri umunyamahanga yibana wenyene i Yeruzalemu ku buryo utazi ivyahabaye muri iyi misi*?»
19 Na we ababaza ati: «Ibiki?» Bamwishura bati: «Ivyashikiye Yezu Umunyanazareti+, umuhanuzi yakoze ibitangaro kandi akavuga amajambo akomeye imbere y’Imana n’abantu bose+.
20 Abakuru b’abaherezi n’abatware bacu baramutanze ngo yicwe+, maze bamumanika ku giti.
21 Twari twizigiye ko uwo muntu ari we azorokora Isirayeli+. Kandi uretse n’ivyo vyose, haciye imisi itatu ivyo bibaye.
22 Vyongeye, hari n’abagore bo muri twebwe badutangaje cane, kuko bazindukiye ku mva*+
23 ariko ntibabonye ikiziga ciwe. Bagarutse, batubwiye ko babonekewe n’abamarayika maze bababwira ko ari muzima.
24 Bamwe muri twebwe baciye bagenda ku mva+, basanga bimeze nk’uko nya bagore babivuze, ariko Yezu ntibamubonye.»
25 Aca ababwira ati: «Mbega abantu b’imburabwenge! Ese ingene imitima yanyu iteba kwemera ibintu vyose abahanuzi bavuze!
26 None ntivyari ngombwa ko Kristu ashikirwa n’ivyo bintu+ kugira yinjire mu buninahazwa bwiwe+?»
27 Aca ahera ku vyo Musa yanditse no ku vyo abahanuzi bose banditse+, maze abasigurira ibintu vyose Ivyanditswe bivuga ku bimwerekeye.
28 Amaherezo, bashika hafi y’ikigwati bari bagiyemwo, ariko we amera nk’uwubandanya.
29 Mugabo baramwinginga bati: «Gumana natwe, kuko ari ku mugoroba kandi bugira bwire.» Aca arinjira mu nzu kugira agumane na bo.
30 Bariko barafungura*, atora umukate, arawuhezagira, arawumanyura hanyuma arawubaha+.
31 Amaso yabo aca arugururwa rwose, baramumenya. Mugabo Yezu aca aranyika, ntibasubira kumubona+.
32 Maze babwirana bati: «Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko aravugana natwe ku nzira, ariko aradusigurira neza Ivyanditswe?»
33 Ubwo nyene baca barahaguruka basubira i Yeruzalemu. Basanga bamwe cumi n’umwe bakoraniye hamwe n’abandi bigishwa,
34 baca bababwira bati: «Ni ukuri Umukama yazutse kandi yiyeretse Simoni+!»
35 Na bo baca babiganira ivyashitse bari mu nzira, n’ukuntu bamumenye amanyuye umukate+.
36 Bakiriko baravugana ivyo bintu, Yezu ubwiwe aca ahagarara hagati yabo maze ababwira ati: «Nimugire amahoro+.»
37 Mugabo kubera bari batekewe n’ubwoba kandi barandutse umutima, bagira ngo babonye ikiremwa c’impwemu.
38 Aca ababwira ati: «Kubera iki muhagaritse umutima, kandi ni kubera iki mukekeranya mu mitima yanyu?
39 Raba ibiganza vyanje n’ibirenge vyanje, murabona ko ari jewe nyene. Nimunkorakore murabe, kuko ikiremwa c’impwemu kitagira inyama n’amagufa nk’ibi mubona mfise.»
40 Ivyo yabivuga ariko arabereka ibiganza vyiwe n’ibirenge vyiwe.
41 Mugabo kubera bari barengewe n’umunezero n’ugutangara cane, ntibari bwemere ko ari vyo. Yezu aca ababaza ati: «Hari ikintu co kurya mufise ng’aha?»
42 Baca bamuha igipande c’ifi yokeje.
43 Aca aragitora akirira imbere yabo.
44 Hanyuma ababwira ati: «Ibi ni bimwe nababwira nkiri kumwe namwe+, yuko ibintu vyose binyerekeye vyanditswe mu mategeko ya Musa, mu bitabu vy’abahanuzi no mu Mazaburi bitegerezwa kuranguka+.»
45 Aca arabafasha gutahura neza insobanuro y’Ivyanditswe+,
46 araheza ababwira ati: «Handitswe yuko Kristu yobabajwe hanyuma akazuka mu bapfuye ku musi ugira gatatu+,
47 be n’uko hokwamamajwe mw’izina ryiwe yuko abantu bokwigaya kugira bababarirwe ibicumuro+, ivyo bigakorwa mu mahanga yose+ uhereye i Yeruzalemu+.
48 Mubwirizwa kuba ivyabona vy’ivyo bintu+.
49 Ngira ndabarungikire ico Dawe yabasezeraniye. Mugume mu gisagara gushika muhawe* ububasha buvuye hejuru+.»
50 Aca arabajana hanze y’igisagara gushika i Betaniya, hanyuma aduza amaboko arabahezagira.
51 Akiriko arabahezagira, atandukana na bo maze aduganwa mw’ijuru+.
52 Baca baramwunamira* hanyuma basubira i Yeruzalemu n’umunezero mwinshi+.
53 Imisi yose bama mu rusengero bashemeza Imana+.
Utujambo tw'epfo
^ Canke «ku mva y’icibutso.»
^ Canke «ku mva y’icibutso.»
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Mu kigiriki havuga ngo «sitadiyo 60.» Sitadiyo imwe yangana n’imetero 185. Raba Inyongera ya B14.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «ni wewe mushitsi wenyene w’i Yeruzalemu utazi ivyabaye?»
^ Canke «ku mva y’icibutso.»
^ Canke «bicaye ku meza.»
^ Canke «mwambitswe.»
^ Canke «baca bikubita imbere yiwe.