Luka 3:1-38

  • Igihe Yohani yatangura igikorwa ciwe (1, 2)

  • Yohani yigisha ibijanye n’ibatisimu (3-20)

  • Yezu abatizwa (21, 22)

  • Amamuko ya Yezu Kristu (23-38)

3  Mu mwaka ugira 15 w’ingoma ya Tiberiyo Sezari, igihe Ponsiyo Pilato yari buramatari w’intara ya Yudaya, Herodi*+ akaba yari buramatari w’intara ya Galilaya, Filipo mwenewabo akaba yari buramatari w’intara ya Itureya na Tirakoniti, Lisaniya na we akaba yari buramatari w’intara ya Abilene,  igihe Anasi yari umukuru w’abaherezi, Kayifa+ na we ari umuherezi mukuru, Yohani+ mwene Zakariya yararonse ubutumwa buvuye ku Mana ari mu bugaragwa+.  Nuko Yohani aja mu karere kose ko mu micungararo ya Yorodani, agenda arigisha abantu ngo babatizwe kugira berekane ko bigaye maze bababarirwe ibicumuro vyabo+,  nk’uko vyanditswe mu gitabu c’umuhanuzi Yesaya ngo: «Hari ijwi ry’umuntu mu bugaragwa asemerera ati: “Nimutegure inzira ya Yehova*! Nimugorore ibarabara ryiwe+.  Umubande wose utegerezwa kwuzuzwa, umusozi wose n’umurambi wose na vyo biringanizwe. Inzira zigoramye zitegerezwa kugororwa, inzira zuzuyemwo ibidunduri na zo zitegerezwa kuringanizwa,  kandi abantu bose* bazobona ingene Imana ikiza*+.”»  Atangura kubwira amasinzi y’abantu bariko baraza ngo ababatize ati: «Mwa ruvyaro rw’imamba mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge uburake buriko buraza+?  Nimwame rero ivyamwa bikwiranye n’ukwigaya. Ntimutangure kwibwira ngo: “Data ni Aburahamu.” Ndababwiye ko Imana ishobora gukura abana ba Aburahamu muri aya mabuye.  Nkako, ishoka iramaze gushirwa ku muzi w’ibiti. Igiti cose rero kitama ivyamwa vyiza kizocibwa maze gitererwe mu muriro+ 10  Amasinzi y’abantu na yo yaramubaza ati: «None dukore iki?» 11  Na we akabishura ati: «Uwufise impuzu zibiri* nahe uwudafise n’imwe, kandi n’uwufise ivyo kurya agire gutyo nyene+ 12  Mbere n’abatozakori baraza kubatizwa+, bakamubaza bati: «Mwigisha, dukore iki?» 13  Na we akabishura ati: «Ntimusabe* ibirenze kw’ikori ritegekanijwe+ 14  Abasoda na bo nyene baramubaza bati: «Dukore iki?» Na we akabishura ati: «Ntihagire uwo muhohotera* canke uwo mwagiriza ibinyoma+, ahubwo mubumbwe n’impembo yanyu* 15  Abantu rero bari biteze Kristu, kandi bose baguma biyumvira mu mitima yabo ivyerekeye Yohani bati: «Ubwo ntiyoba ari we Kristu+ 16  Yohani yarabishura, akabwira abantu bose ati: «Jewe ndababatiza mu mazi, mugabo uwukomeye kundusha ariko araza, kandi simbereye no kubohora imigozi y’ibirato* vyiwe+. Azobabatiza mu mpwemu nyeranda no mu muriro+. 17  Afise mu minwe igipawa ciwe co kugosora kugira akubure neza imbuga* yiwe. Azokwegeraniza ingano ziwe mu bigega, ariko umuguruka azowuturirira mu muriro utazima.» 18  Yarahaye abantu n’izindi mpanuro nyinshi, kandi abandanya kubabwira inkuru nziza. 19  Mugabo Herodi buramatari w’intara ya Galilaya, kubera ko Yohani yari yamuhambariye ku bijanye na Herodiya umugore wa mwenewabo no ku bijanye n’ibindi bibi vyose yari yarakoze, 20  yongera ikibi mu kindi mu gupfungira Yohani mw’ibohero+. 21  Abantu bose rero bamaze kubatizwa, Yezu na we nyene arabatizwa+. Ariko arasenga, ijuru riruguruka+ 22  hanyuma impwemu nyeranda imanuka kuri we imeze nk’inuma. Maze ijwi riva mw’ijuru, rivuga riti: «Uri Umwana wanje nkunda cane. Naragushimye+ 23  Igihe Yezu+ yatangura igikorwa ciwe, yari afise nk’imyaka 30+. Nk’uko abantu bavyiyumvira, yarimwene Yozefu+,Yozefu mwene Heli, 24  Heli mwene Matati,Matati mwene Lewi,Lewi mwene Meluki,Meluki mwene Yanayi,Yanayi mwene Yozefu, 25  Yozefu mwene Matatiya,Matatiya mwene Amosi,Amosi mwene Nahumu,Nahumu mwene Esili,Esili mwene Nagayi, 26  Nagayi mwene Mati,Mati mwene Matatiya,Matatiya mwene Semeyini,Semeyini mwene Yoseki,Yoseki mwene Yoda, 27  Yoda mwene Yohanani,Yohanani mwene Resa,Resa mwene Zerubabeli+,Zerubabeli mwene Shalutiyeli+,Shalutiyeli mwene Neri, 28  Neri mwene Meluki,Meluki mwene Adi,Adi mwene Kosamu,Kosamu mwene Elumadamu,Elumadamu mwene Eri, 29  Eri mwene Yezu,Yezu mwene Eliyezeri,Eliyezeri mwene Yorimu,Yorimu mwene Matati,Matati mwene Lewi, 30  Lewi mwene Simeyoni,Simeyoni mwene Yuda,Yuda mwene Yozefu,Yozefu mwene Yonamu,Yonamu mwene Eliyakimu, 31  Eliyakimu mwene Meleya,Meleya mwene Mena,Mena mwene Matata,Matata mwene Natani+,Natani mwene Dawidi+, 32  Dawidi mwene Yese+,Yese mwene Obedi+,Obedi mwene Bowazi+,Bowazi mwene Salumoni+,Salumoni mwene Nahashoni+, 33  Nahashoni mwene Aminadabu,Aminadabu mwene Aruni,Aruni mwene Hesironi,Hesironi mwene Peresi+,Peresi mwene Yuda+, 34  Yuda mwene Yakobo+,Yakobo mwene Izahaki+,Izahaki mwene Aburahamu+,Aburahamu mwene Tera+,Tera mwene Nahori+, 35  Nahori mwene Serugi+,Serugi mwene Reyu+,Reyu mwene Pelegi+,Pelegi mwene Eberi+,Eberi mwene Shela+, 36  Shela mwene Kayinani,Kayinani mwene Arupakisadi+,Arupakisadi mwene Shemu+,Shemu mwene Nowa+,Nowa mwene Lameki+, 37  Lameki mwene Metusela+,Metusela mwene Henoki,Henoki mwene Yaredi+,Yaredi mwene Mahalaleli+,Mahalaleli mwene Kayinani+, 38  Kayinani mwene Enoshi+,Enoshi mwene Seti+,Seti mwene Adamu+,Adamu umwana w’Imana.

Utujambo tw'epfo

Ni Herodi Antipa. Raba Insiguro y’amajambo.
Canke «igifise umubiri cose.»
Canke «uburyo Imana ikoresha mu gukiza.»
Canke «impuzu yo kwihindura.»
Canke «ntimutoze.»
Canke «uwo munyaga utwiwe.»
Canke «n’ivyo muronswa.»
Canke «y’isandari.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.