Yohani 5:1-47

  • Akiza umuntu arwaye ku kidengeri ca Bezata (1-18)

  • Ububasha Yezu yahawe na Se (19-24)

  • Abapfuye bazokwumva ijwi rya Yezu (25-30)

  • Ibishingira intahe Yezu (31-47)

5  Inyuma y’ivyo, haba umusi mukuru+ w’Abayuda maze Yezu aduga i Yeruzalemu.  I Yeruzalemu rero hafi y’irembo ry’intama+, hari ikidengeri* citwa Bezata mu giheburayo. Ico kidengeri cari gikikujwe n’amabaraza atanu.  Muri ayo mabaraza hari haryamye abantu isinzi barwaye, impumyi, abacumbagira n’abamugaye* amaguru canke amaboko. 4 * ——  Hari umugabo umwe yari ng’aho yari amaze imyaka 38 arwaye.  Yezu amubonye aryamye ng’aho, kandi akaba yari azi ko amaze igihe kirekire arwaye, aca amubaza ati: «Urashaka gukira+  Uwo mugabo amwishura ati: «Mushinganta, nta muntu mfise anshira mu mazi iyo asebuye. Ngize ngo ndajayo, uwundi aba yantanze kumanukayo.»  Yezu aca amubwira ati: «Haguruka! Tora ikirago* cawe ugendagende+  Ubwo nyene uwo mugabo aca arakira. Aca atora ikirago ciwe, atangura kugendagenda. Uwo musi hari kw’isabato. 10  Abayuda rero batangura kubwira uwo mugabo yari yakize bati: «Ni kw’isabato, ntiwemerewe gutwara ico kirago+ 11  Na we abishura ati: «Uwankijije ni we yambwiye ati: “Tora ikirago cawe ugendagende.”» 12  Bamubaza bati: «Uwo muntu yakubwiye ngo “Gitore ugendagende” ni nde?» 13  Ariko uwo mugabo ntiyari azi uwamukijije uwo ari we, kuko Yezu yari yakamanganiye mw’isinzi ry’abantu bari ng’aho. 14  Inyuma y’ivyo, Yezu asubira kumubona mu rusengero, aca amubwira ati: «Urabona ko wakize. Ntusubire gucumura kugira ntuzoshikirwe n’ibiruta ivya mbere.» 15  Uwo mugabo aca aragenda, abwira Abayuda ko ari Yezu yari yamukijije. 16  Abayuda baca batangura guhama Yezu, kuko yariko akora ivyo bintu kw’isabato. 17  Mugabo Yezu abishura ati: «Dawe yagumye akora gushika n’ubu, kandi na jewe nguma nkora+ 18  Ni co gituma Abayuda baciye barushirizaho kurondera kumwica, kuko biyumvira ko yariko arenga kw’isabato kandi akavuga ko Imana ari Se wiwe+, akigira uwungana n’Imana+. 19  Yezu aca ababwira ati: «Emwe ni ukuri ndabibabwiye, Umwana ntashobora gukora ikintu na kimwe avyibwiye, ahubwo akora gusa ivyo abona Se wiwe akora+. Kuko ibintu vyose Se wiwe akora, n’Umwana abikora gutyo nyene. 20  Se ariyumvamwo Umwana+ akamwereka ibintu vyose akora, kandi azomwereka n’ibikorwa biruta ivyo, kugira mutangare+. 21  Nk’uko Se azura abapfuye akabagira bazima+, ni ko n’Umwana agira bazima abo ashatse+. 22  Kuko Se ata n’umwe acira urubanza, ahubwo ivyo guca imanza vyose yabishize mu minwe y’Umwana+, 23  kugira bose batere iteka Umwana nk’uko batera iteka Se. Uwudatera iteka Umwana, ntatera iteka Se yamutumye+. 24  Emwe ni ukuri ndabibabwiye, umuntu wese yumva amajambo yanje kandi akizera uwantumye arafise ubuzima budahera+, kandi ntazocirwa urubanza, ahubwo yaravuye mu rupfu aja mu buzima+. 25  Emwe ni ukuri ndabibabwiye, igihe kirashitse, mbere ni ubu, aho abapfuye bazokwumva ijwi ry’Umwana w’Imana, kandi abazoba baryumvirije bazobaho. 26  Nk’uko Se afise ubuzima* muri we+, ni ko yahaye n’Umwana kugira ubuzima muri we+. 27  Yaramuhaye kandi ububasha bwo guca imanza+, kuko ari Umwana w’umuntu+. 28  Ntimutangazwe rero n’ivyo, kuko igihe kigira kigere aho abari mu mva* bose bazokwumva ijwi ryiwe+ 29  bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima, abagiye barakora ibintu bishisha na bo bakazukira urubanza+. 30  Sinshobora gukora ikintu na kimwe ndavyibwiye. Nca urubanza nisunze ivyo Data ambwiye, kandi urubanza nca ruragororotse+, kuko ntipfuza gukora ivyo nshaka, ahubwo nkora ivyo uwantumye agomba+. 31  Nimba nishingira intahe jenyene, intahe yanje si iy’ukuri+. 32  Hariho uwundi anshingira intahe, kandi ndazi ko intahe anshingira ari iy’ukuri+. 33  Mwaratumye abantu kuri Yohani, kandi yarashingiye intahe ukuri+. 34  Sinemera intahe ishinzwe n’umuntu, ariko ivyo ndabivuze kugira muze mukizwe. 35  Uwo muntu yari itara ryaka rigakayangana, kandi mwaripfuje guhimbarirwa cane umuco wiwe, ariko vyamaze akanya gato+. 36  Ndafise ibintu binshingira intahe gusumba ivyo Yohani yavuze. Ibikorwa nyene Data yanshinze gukora, ari na vyo ndiko ndakora, biranshingira intahe yuko ari Data yantumye+. 37  Vyongeye, Data yantumye ubwiwe yaranshingiye intahe+. Ntimurigera mwumva ijwi ryiwe canke ngo mubone ishusho yiwe+, 38  kandi ijambo ryiwe ntiriguma muri mwebwe, kuko mutemera uwo yatumye. 39  Murasuzuma Ivyanditswe+ kubera mwiyumvira ko muzoronka ubuzima budahera biciye kuri vyo. Ivyo nyene* ni vyo binshingira intahe+. 40  Yamara ntimushaka kuza kuri jewe+ kugira muronke ubuzima. 41  Sinemera kuninahazwa n’abantu, 42  ariko ndazi neza ko ata rukundo rw’Imana ruri muri mwebwe. 43  Naje mw’izina rya Data, ariko ntimunyakira. Hamwe hogira uwuza mw’izina ryiwe, uwo mwomwakira. 44  Mwokwizera gute kandi mwemera ubuninahazwa muhana, aho kurondera ubuninahazwa buva kuri ya Mana imwe gusa+? 45  Ntimwiyumvire ko nzobagiriza kuri Data. Hariho uwubagiriza, na we akaba ari Musa+, uwo mwebwe mwizigiye. 46  Mu vy’ukuri, iyo mwizera Musa, na jewe mwari kunyizera, kuko yanditse ibinyerekeye+. 47  Mugabo nimba mutemera ivyo yanditse, mwokwemera gute ivyo mvuga?»

Utujambo tw'epfo

Canke «pisine.»
Canke «abanyunyutse.»
Canke «agatanda.»
Canke «ingabire y’ubuzima.»
Canke «mu mva z’icibutso.»
Ni ukuvuga Ivyanditswe.