Gusubira mu vyagezwe 6:1-25
6 Aya ni yo mabwirizwa, amategeko n’ingingo Yehova Imana yanyu yatanze ngo muvyigishwe, kugira muze mubikurikize nimwajabuka Yorodani mukinjira mu gihugu mugira mwigarurire.
2 Ivyo bizotuma mwebwe n’abana banyu n’abuzukuru banyu mutinya Yehova Imana yanyu, maze mukurikize amabwirizwa yiwe yose n’amategeko yiwe ndabategetse+, mu misi yose y’ubuzima bwanyu kugira murambe+.
3 Yemwe Bisirayeli, mutegerezwa rero kuvyumviriza no kubikurikiza neza kugira muze muroranirwe mwongere mugwire cane muri ico gihugu gitemba amata n’ubuki, nk’uko Yehova Imana ya ba sokuruza banyu yabibasezeraniye.
4 Umviriza ewe Isirayeli: Yehova Imana yacu ni Yehova umwe+.
5 Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose+, n’inkomezi* zawe zose+.
6 Aya majambo ndabategetse uno musi abwirizwa kuba ku mitima yanyu,
7 kandi mutegerezwa kuyasubiriramwo* abana banyu+ no kubabwira ivyayo igihe mwicaye mu nzu, igihe muriko muragenda mu nzira, igihe muryamye n’igihe muvyutse+.
8 Muze muyabohere ku maboko yanyu kugira muze murayibuka, kandi ategerezwa kuba nk’ikimenyetso* mu ruhanga rwanyu*+.
9 Muze muyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu no ku marembo yanyu.
10 Yehova Imana yanyu niyabashikana mu gihugu yarahiye ba sokuruza banyu Aburahamu, Izahaki na Yakobo ko azobaha+, igihugu kirimwo ibisagara binini kandi vyiza mutubatse+,
11 amazu yuzuyemwo ivyiza vy’ubwoko bwose mutakoreye, ibinogo vy’amazi mutimvye, imirima y’imizabibu hamwe n’ibiti vy’imyelayo mutateye hanyuma mukarya mugahaga+,
12 muraba maso ntimuze mwibagire Yehova+ we yabakuye mu gihugu ca Misiri, igihugu mwabayemwo muri abashumba*.
13 Yehova Imana yanyu ni we mukwiye gutinya+, ni we mukwiye gukorera+ kandi izina ryiwe ni ryo mukwiye kurahira+.
14 Ntimuze mukurikire izindi mana, ni ukuvuga imana z’amahanga abakikuje+,
15 kuko Yehova Imana yanyu ari hagati yanyu. Ni Imana isaba gusengwa* yonyene+. Ahandiho Yehova Imana yanyu azobashavurira cane+, abazimanganye kw’isi+.
16 Ntimuze mugerageze Yehova Imana yanyu+ nka kumwe mwamugerageza i Masa+.
17 Mukwiye gukurikiza neza amabwirizwa ya Yehova Imana yanyu, ivyibutswa vyiwe n’amategeko yabahaye.
18 Mukwiye gukora ibintu vyiza kandi bigororotse mu maso ya Yehova kugira muroranirwe mwongere mwigarurire igihugu ciza Yehova yarahiye ba sokuruza banyu+,
19 mu kwirukana abansi banyu bose nk’uko Yehova yabisezeranye+.
20 Muri kazoza, abana banyu nibababaza bati: “Kubera iki Yehova Imana yacu yabahaye ibi vyibutswa, aya mategeko n’izi ngingo?”
21 Muze mubishure muti: “Twari abashumba ba Farawo mu Misiri, ariko Yehova yaradukuyeyo akoresheje ukuboko kwiwe gukomeye.
22 Twariboneye ibimenyetso n’ibitangaro bikomeye kandi biteye ubwoba Yehova yagumye akora kugira ateze ivyago Misiri+, Farawo hamwe n’urugo rwiwe rwose+.
23 Yaciye adukurayo atuzana ng’aha kugira aduhe igihugu yari yararahiye ba sokuruza bacu+.
24 Yehova yaciye adutegeka gukurikiza aya mabwirizwa yose no gutinya Yehova Imana yacu kugira twame turoranirwa+ kandi tubandanye kubaho+ nk’uko biri uno musi.
25 Nitwagamburukira Yehova Imana yacu mu gukurikiza neza aya mabwirizwa yose nk’uko yabidutegetse+, azobona ko turi abagororotsi.”
Utujambo tw'epfo
^ Canke «inguvu», «ububasha.»
^ Canke «kuyashimangira», «kuyatsindagira.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «nk’ikimenyetso hagati y’amaso yanyu.»
^ Canke «agatambara batubika.»
^ Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’abashumba.»
^ Canke «kwiheberwa.»