Ikirundi
Ruhuhuma
/assets/ct/28ada02fb0/images/syn_placeholder_sqr.png
es26 rup. 17-26

Ruhuhuma

Ku wa mungu, 1 Ruhuhuma

Ruhuhuma

Uwirinda ibihari aba yiteye iteka, ariko abantu b’ibijuju bavyisukamwo.—Imig. 20:3.

Abavukanyi bagaragaza kamere nziza barafasha ishengero. Umuntu atadadaza araremesha amahoro. Vyongeye, arumviriza abandi kandi akagerageza gutahura ukuntu biyumva. Muri mu nama n’abandi bakurambere, woba woshigikira ingingo benshi bahurijeko mu gihe ihuye n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya? Ntuharanire ko ibintu bikorwa nk’uko ushaka. Nuhe agaciro ivyiyumviro abandi batanga. (Ita. 13:​8, 9; Imig. 15:22) Aho kuba umuntu akaze kandi adahuza n’abandi, ukwiye kuba umuntu afise umutima mwiza kandi yiyubara. Nube umuntu arangwa n’amahoro, wihatire kuremesha amahoro mbere no mu bihe bitesha umutwe. (Yak. 3:​17, 18) Amajambo y’ubwitonzi uvuga, arashobora gutuma abandi batekana harimwo n’abaturwanya.—Abac. 8:​1-3; Imig. 25:15; Mat. 5:​23, 24. w24.11 23 ing. 13

Azorungika abamarayika kugira bakoranirize hamwe abo yatoye bo mu mpande zine z’isi, kuva ku mpera y’isi gushika ku mpera y’ijuru.—Mrk. 13:27.

Naho Kristu yapfuye «rimwe rizima», abandanya kutwitangira. (Rom. 6:10) Ivyo abigira gute? Aguma akora uko ashoboye kwose kugira ngo twungukire ku bintu vyinshi bishoboka kubera incungu. Raba bimwebimwe mu vyo ariko arakora. Ni Umwami, Umuherezi mukuru, akaba n’umutwe w’ishengero. (1 Kor. 15:25; Ef. 5:23; Heb. 2:17) Ni we ahagarikiye igikorwa co kwegeranya abarobanuwe be n’isinzi rinini, kikaba kizorangira imbere y’uko amakuba akomeye ahera. (Mat. 25:32;) Aritwararika kandi ivy’uko abayoboke biwe b’intahemuka baronka ibifungurwa bikwiye vyo mu vy’impwemu muri iyi misi ya nyuma. (Mat. 24:45) Vyongeye, mu kiringo c’Ingoma yiwe y’imyaka igihumbi azobandanya kuturonsa ivyo dukeneye. Emwe Yehova yaraduhaye Umwana wiwe ata co yisigarije! w25.01 24 ing. 12

Ni nk’ingabire ya gusa kubona bariko bitwa abagororotsi bivuye ku buntu bwayo buhebuje. Ubwo buntu yabugaragaje mu kubabohora biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu.—Rom. 3:24.

Iyo Yehova ababariye araherezako. Ivyo bituma tugiranira ubucuti bwiza n’uwo Muvyeyi wacu wo mw’ijuru. Ariko rero, turazi yuko imbabazi Yehova atugirira twebwe abantu b’abacumuzi tutaba tuzikwiriye. Ahubwo abitumwa n’ubuntu bwiwe be n’urukundo adufitiye. Ese ukuntu umwe wese muri twebwe akwiye gukenguruka kubona Yehova ari Imana itanga ‘imbabazi nyazo!’ (Zab. 130:​4, Rom. 4:8) Ariko rero kugira ngo tubabarirwe ibicumuro vyacu, hariho ikintu gihambaye natwe dutegerezwa gukora. Yezu yavuze ati: «Nimutababarira abandi amakosa yabo, na So ntazobababarira amakosa yanyu.» (Mat. 6:​14, 15) Birahambaye rero ko natwe twigana Yehova, tukababarira abandi. w25.02 13 ing. 18-19

Imana igiye kuzura abagororotsi n’abatari abagororotsi.—Ivyak. 24:15.

Rimbura akarorero k’abantu b’i Sodomu n’i Gomora. Wa mugabo w’umugororotsi Loti yaba muri bo. None twoba tuzi nimba Loti yarababuriye bose? Nta vyo tuzi. Ego ni ko bari abanyakibi. Ariko none bose boba bari bazi ikibereye n’ikitabereye? Biboneka ko atari ko biri. Niwibuke ko isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara «uhereye ku gahungu gatoyi gushika ku mutama», barondeye gufata ku nguvu abashitsi bari baje kwa Loti. (Ita. 19:4; 2 Pet. 2:7) Twoba vy’ukuri tuzi ko ya Mana y’imbabazi Yehova, bose yabaciriye urubanza rwo gupfa ku buryo ata n’umwe muri bo azozuka? Ego ni ko Yehova yabwiye Aburahamu ko ata bagororotsi na cumi bari muri ico gisagara. (Ita. 18:32) Kubera rero ko batari bagororotse, vyari bibereye ko Yehova abahana. Ariko none twoba twokwemeza ko ata n’umwe muri bo azozuka muri wa mugwi w’«abatari abagororotsi»? Nta vyo twokwemeza. w24.05 2 ing. 3; 3 ing. 8

Gume . . . mubanza kurondera Ubwami n’ubugororotsi bw’Imana, ivyo bindi vyose na vyo muzovyongerwa.—Mat. 6:33.

Kubera ingorane z’ivy’ubutunzi, hariho abemeye akazi kabasaba kuja gukorera kure y’umuryango wabo, ariko benshi muri bo basanze iyo ngingo itari ibereye. Imbere yo kwemera akazi kanaka, ntukwiye kuraba gusa ko kazoguhemba neza, urakwiye no kuraba ko katazobangamira ubucuti wewe n’umuryango wawe mufitaniye na Yehova. (Luka 14:28) Niwibaze uti: «Kuja kure y’uwo twubakanye vyoteza ingorane izihe mu mubano wacu? Vyoba bizoshoboka ko nza ndifatanya n’abavukanyi mu makoraniro no mu ndimiro?» Nimba ufise abana urakwiye no kwibaza iki kibazo gihambaye: «Noba nzoshobora kubarera mu kubatoza indero no mu kubakebura nk’uko Yehova yashinze, kandi ntari kumwe na bo?» (Ef. 6:4) Imbere yo gufata ingingo, niwisunge ingene Yehova abona ibintu aho kwisunga ivyiyumviro vy’incuti n’abagenzi batitaho ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. w25.03 29 ing. 12

Ntidusubire . . . kuba abana.—Ef. 4:14.

Umuntu adahumuye arashobora guhendwa bitagoranye n’«amayeri y’abantu» be n’‘imigambi yabo y’uruhendo’, canke agatwarwa n’ivyiyumviro vy’abigira incabwenge canke vy’abahuni. Yoshobora kugirira abandi ishari, agateza indyane, akihora abandi canke agatwarwa n’inyosha mbi. (1 Kor. 3:3) Gukura tugana ku buhumure, Ivyanditswe bikugereranya n’ingene umwana agenda arakura gushika abaye umuntu akuze. (Ef. 4:15) Umwana aba ataraca ubwenge kandi arakenera kuyoborwa. Tubitangire akarorero. Inabibondo yoshobora gusaba agakobwa kiwe ngo agafate ukuboko kugira ngo bajabuke ibarabara. Uwo mukobwa amaze kwisununura nyina yoshobora kumureka akijabukana ibarabara, akamwibutsa gusa kuraba irya n’ino kugira ngo imiduga ntimugonge. Ariko amaze kuba umuntu akuze, uwo mukobwa ubwiwe aba azi ingene yokwirinda amasanganya igihe ajabuka ibarabara. Muri ubwo buryo nyene, abakirisu bahumuye barazirikana ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ivyo birabafasha kumenya uko Yehova abona ibintu, bagaca bafata ingingo zihuje n’ivyo agomba. w24.04 3 ing. 5-6

Ewe Yehova, ni nde yoba umushitsi mw’ihema ryawe?—Zab. 15:1.

Imyaka myinshi yaraheze Yezu be n’abamarayika ari bo bonyene ari abagenzi ba Yehova. Mu nyuma yararemye abantu, na bo nyene bakaba barashobora kuba abashitsi biwe. Mu babaye abashitsi biwe harimwo Henoki, Nowa, Aburahamu na Yobu. Bibiliya ivuga ko bari abagenzi b’Imana kuko bagendana «n’Imana y’ukuri.» (Ita. 5:24; 6:9; Yobu 29:4; Yes. 41:8) Mu binjana n’ibindi, Yehova yarabandanije gutumira abasavyi biwe ngo babe abashitsi biwe. (Ezk. 37:​26, 27) Nk’akarorero, ubuhanuzi bwa Ezekiyeli buratwigisha ko Imana yipfuza ko abasavyi bayo b’intahemuka bagiranira na yo ubucuti somambike. Isezerana kuzogirana na bo «isezerano ry’amahoro.» Ubwo buhanuzi bwerekeza ku gihe abafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru hamwe n’abafise icizigiro co kuzoba kw’isi bazokwunga ubumwe bari mw’ihema ry’ikigereranyo rya Yehova, ari «ubusho bumwe.» (Yoh. 10:16) Ivyo ni ko bimeze muri iki gihe. w24.06 2 ing. 2; 3 ing. 4-5

Imana yacu yaradufashije kugira ubutinyutsi.—1 Tes. 2:2.

Twebwe abasavyi ba Yehova turashigikira Ubwami bw’Imana n’umutima wacu wose. Ariko rero, kenshi ivyo bidusaba kugira umutima rugabo. (Mat. 6:33) Nk’akarorero, muri iyi si mbi bisaba ko tugira umutima rugabo kugira tubeho dukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova twongere twamamaze inkuru nziza y’Ubwami. Vyongeye, akenshi bisaba umutima rugabo kugira tugume ata ho duhengamiye mu vya politike, muri iyi si iguma irushiriza kwicamwo imice. (Yoh. 18:36) Abasavyi ba Yehova benshi baragira ingorane mu vy’ubutunzi, bagakubitwa canke bagapfungwa bahorwa kutagira uruhara mu vya politike canke kuja mu gisoda. Kuzirikana ku burorero bw’abantu bashigikiye Yehova n’Ubwami bwiwe babigiranye umutima rugabo, biradukomeza bikongera bigatuma tugira umutima rugabo. Umwami wacu Kristu Yezu yaranse yivuye inyuma kwisuka muri politike y’iyi si ya Shetani. (Mat. 4:​8-11; Yoh. 6:​14, 15) Yama yiheka kuri Yehova kugira amuronse inkomezi zo gukora ibigororotse. w24.07 2 ing. 4; 4 ing. 7

Yamura ivyamwa vyaco ararya. Mu nyuma, abonanye n’umugabo wiwe, aramuhako na we nyene ararya.—Ita. 3:6.

Yehova yarandikishije iyo nkuru ibabaje kugira ngo tuyikureko icigwa. Iradufasha gutahura igituma yanka igicumuro yivuye inyuma. Igicumuro kiradutandukanya n’uwo Muvyeyi wacu, kandi gishikana ku rupfu. (Yes. 59:2) Ni co gituma Shetani wa mugarariji, umwe yakwega izi ngorane zose, akunda igicumuro kandi akaguma yosha abantu kugikora. Igihe yosha Adamu na Eva, ashobora kuba yaciye yibaza ko atsinze rurayi. Ariko rero ntiyatahura aho urukundo rwa Yehova rugera. Yehova ntiyigeze ahindura umugambi yari afitiye abakomoka kuri Adamu na Eva. Kubera ko akunda abantu, ubwo nyene yaciye abaha icizigiro. (Rom. 8:​20, 21) Yehova yari azi ko hari abo mu ruvyaro rwa Adamu bohisemwo kumukunda no kumugamburukira. Kubera ko ari Umuvyeyi wabo n’Umuremyi wabo, yobashiriyeho uburyo bwobafashije gukira icaha no kumwiyegereza. w24.08 3 ing. 3-4

[Murabe] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.—Flp. 1:10.

Abasavyi ba Yehova benshi usanga bafatirwa n’ibintu vyinshi. Dutegerezwa gukora kugira twironse ivyo dukeneye, turonse n’imiryango yacu ivyo ikenera. (1 Tim. 5:8) Abakirisu benshi baritwararika incuti zabo zirwaye, canke zigeze mu zabukuru. Vyongeye, twese turakenera kwitwararika amagara yacu bwite kandi ivyo biratwara umwanya. Uretse ivyo tubwirizwa kwitwararika, turafise n’ayandi mabanga dushingwa mw’ishengero. Ibanga nyamukuru dufise ni kwamamaza n’umwete inkuru nziza. Gusoma Bibiliya ni kimwe mu bintu «bihambaye kuruta ibindi» kuri twebwe abakirisu. Rero turakwiye kwitwararika kwama tuyisoma. Zaburi ya mbere ivuga ko umuntu ahiriwe «ahimbarwa n’itegeko rya Yehova, kandi itegeko ryiwe arisoma n’ijwi ritoyi ijoro n’umurango.» (Zab. 1:​1, 2) Birumvikana ko ivyo bisaba gutegekanya umwanya wo gusoma Bibiliya. None umwanya mwiza wo gusoma Bibiliya ni uwuhe? Umwe wese ni we yihitiramwo umwanya womworohereza. Ariko igihambaye, ni uko twohitamwo umwanya uzotuma bishoboka ko dusoma Bibiliya buri musi. w24.09 3 ing. 5-6

Umwe wese azokwikorera umutwaro wiwe bwite.—Gal. 6:5.

Umukirisu ahumuye yoba atigera akenera gufashwa n’abandi? Habe namba. Birashobora gushika agakenera gufashwa n’abandi. Uwudahumuye mu vy’impwemu yoshobora kwitega ko abandi bamufatira ingingo yari akwiye kwifatira ubwiwe. Umukirisu ahumuye wewe, aragisha inama abazi utuntu n’utundi mugabo akibuka ko Yehova yiteze ko ari we «[yi]korera umutwaro wiwe bwite.» Nka kurya nyene abantu bakuze usanga badasa, ni ko n’abakirisu bahumuye usanga bafise kamere zitandukanye. Baratandukanye mu bukerebutsi, mu kugaragaza umutima rugabo, mu gutanga cane no mu kugaragaza impuhwe. Vyongeye, abakirisu babiri bahumuye boshobora gushikirwa n’ikintu kimwe mugabo bagafata ingingo zitandukanye ariko zihuye n’Ivyanditswe. Ivyo usanga ari ko biri canecane ku bibazo vyega ijwi ryo mu mutima. Ni co gituma ata wunegura ingingo uwundi aba yafashe. Ahubwo bitwararika kuguma bunze ubumwe.—Rom. 14:10; 1 Kor. 1:10. w24.04 4 ing. 7-8

Igihe amaganya yari yandengeye, warampumurije wongera urampoza.—Zab. 94:19.

Wokora iki nimba wumva ko ata co umaze? Nusome imirongo yo muri Bibiliya ikujijura yuko uri n’agaciro kuri Yehova wongere uyizirikaneko. Nimba hari umugambi wakunaniye gushikako canke ukaba wihebuye kubera ko udashoboye gukora nk’ivyo abandi bakora, ntuce wiyagiriza birenze. Yehova ntakwitezeko ibirenze. (Zab. 103:​13, 14) Nimba vyarashitse ugahohoterwa, ntuce witako umwikomo kubera ivyagushikiye. Niwibuke ko abo Yehova azohana ari abakoze ikibi, atari abagikorewe. (1 Pet. 3:12) Numenye neza ko Yehova ashobora kugukoresha kugira ngo ufashe abandi. Yaraguteye iteka ryo gukorana na we mu gikorwa co mu ndimiro. (1 Kor. 3:9) Ivyagushikiye mu buzima bishobora kuba vyaragufashije kurushiriza kugirira impuhwe abandi no kubatahura. Urashobora kubafasha cane. w24.10 7-8 ing. 6-7

Imana ntizotunganiriza abo yatoye baguma bayitakambira ijoro n’umurango, ikongera ikabihanganira? Ndababwiye ko izobatunganiriza idatebaganye.—Luka 18:​7, 8.

Yehova yipfuza ko abandi badufata neza kandi igihe turenganijwe arabibona. «Yehova [arakunda] ubutungane.» (Zab. 37:28) Yezu araduhumuriza ko igihe kigeze Yehova ‘azodutunganiriza adatebaganye.’ Vyongeye, vuba Yehova azokuraho ingorane zose zidushikira hamwe n’ubwoko bwose bw’akarenganyo. (Zab. 72:​1, 2) Tubwirizwa kurindira gushika igihe Yehova azokuraho ingorane zose. Ariko no muri iki gihe, aradufasha igihe abandi baturenganije. (2 Pet. 3:13) Nk’akarorero, aratwigisha ukuntu twovyifatamwo igihe turenganijwe kugira twirinde kwunyura ibintu. Uburyo bumwe abigira ni mu kutwereka muri Bibiliya ingene Umwana wiwe yavyifashemwo igihe yarenganywa. Yehova kandi araduha impanuro ngirakamaro twokwisunga igihe turenganijwe. w24.11 2-3 ing. 3-4

Nimubahe ivyo barya.—Mat. 14:16.

Ikintu Yezu yasavye intumwa ziwe ngo zigaburire abantu isinzi casa n’ikidashoboka kubera ko hari abagabo nka 5.000. Dushizemwo abagore n’abana hoho, biboneka ko abari bakeneye kugaburirwa bashika nka 15.000. (Mat. 14:21) Andereya yaciye avuga ati: «Hano hariho agahungu gafise imikate itanu ya sayiri n’udufi tubiri. Ariko ivyo bimaze iki ku bantu bangana gutya?» (Yoh. 6:9) Imikate ya sayiri yakunda kuribwa n’abakene be n’abandi bantu muri rusangi. Utwo dufi na two dushobora kuba twari twumye kandi turimwo umunyu. Ariko utwo dufungurwa ako gahungu kari gafise ntitwari gukwira iryo sinzi ringana gutyo. Kubera ko Yezu yipfuza gukorera iciza iryo sinzi, yaciye ababwira kwicara hasi ku vyatsi mu migwi mitomito. (Mrk. 6:​39, 40; Yoh. 6:​11-13) Iyo nkuru itubwira ko Yezu yaciye atora iyo mikate n’utwo dufi, aca akengurukira Se wiwe. Birabereye kubona Yezu yabanje gukengurukira Imana, narirya ari yo yari itanze izo mfungurwa. Ese ingene ako ari akarorero keza Yezu yadusigiye ku bijanye no gusenga imbere yo gufungura! Yezu yaciye asaba abigishwa biwe kugaburira abo bantu kandi barariye barahaga. w24.12 2-3 ing. 3-4

Nimushemeze Yehova Imana yanyu.—1 Ngo. 29:20.

Igihe Yezu yari kw’isi, yaraninahaje Se wiwe mu kwemanga ko ibitangaro vyose yakora ari we yabimushoboza. (Mrk. 5:​18-20) Yezu kandi yaraninahaje Yehova mu kuntu yavuga ivyerekeye uwo Muvyeyi wiwe be no mu kuntu yafata abandi. Igihe kimwe, Yezu yariko arigisha mw’isinagogi. Mu bariko baramwumviriza harimwo umugore yari amaze imyaka 18 arimwo idayimoni. Iyo dayimoni yari yaramumugaje ku buryo yagenda yunamye, ntashobore kugororoka. Mbega ikintu kibabaje! Yezu abitumwe n’impuhwe, yaregereye uwo mugore amuyagisha n’umutima mwiza, amubwira ati: «Wa mugore we, ubumuga bwawe burakize.» Yezu yaciye amurambikako ibiganza, ubwo nyene aca aragororoka, «atangura kuninahaza Imana.» Yararyohewe cane kubona Yehova yari amukijije. (Luka 13:​10-13) Vyari bibereye ko uwo mugore aninahaza Yehova, kandi na twebwe ni ukwo. w25.01 3 ing. 3-4

Nutubabarire ibicumuro vyacu.—Luka 11:4.

Twebwe ubwacu nta co twoshoboye gukora kugira ngo dusubire kuronka ivyo Adamu na Eva batakaje. (Zab. 49:​7-9) Iyo tutaronka uwuduserukako twopfuye nk’ibikoko, ata cizigiro co gusubira kubaho. (Umus. 3:19; 2 Pet. 2:12) Yehova wa Muvyeyi wacu adukunda, biciye ku ngabire yatanze, yaraturihiye ideni rya ca gicumuro twaragwa na Adamu. Yezu yabisiguye muri ubu buryo, ati: «Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.» (Yoh. 3:16) Iyo ngabire iratuma kandi tugiranira ubucuti bwiza na Yehova. Turashobora kwungukira kuri iyo ngabire idasanzwe mu kubabarirwa ibicumuro vyacu, ari yo «madeni» yacu. w25.02 3 ing. 3-6

[Sawuli aca] arahaguruka arabatizwa.—Ivyak. 9:18.

Ni ibiki vyafashije Sawuli kubatizwa? Umukama Yezu amaze kuzuka akaja mw’ijuru, yarabonekeye Sawuli. Ico gihe Sawuli yaciye ahuma. (Ivyak. 9:​3-9) Yamaze imisi itatu yisonzesha, kandi biboneka ko ico gihe yagumye azirikana ku vyari vyabaye. Ivyo vyatumye ajijuka ko Yezu ari we Mesiya be n’uko abigishwa biwe bari mw’idini ry’ukuri. Hariho ivyigwa dushobora kwigira kuri Sawuli. Yari gushobora kureka ubwishime canke ugutinya abantu bikamubuza kubatizwa. Ariko si ko yabigenjeje. Sawuli yaremeye kuba umukirisu naho yari azi ko vyotumye ahamwa. (Ivyak. 9:​15, 16; 20:​22, 23) N’inyuma yo kubatizwa, yagumye yiheka kuri Yehova kugira ngo amufashe kwihanganira ingorane zitandukanye. (2 Kor. 4:​7-10) Ubatijwe ukaba Icabona ca Yehova, vyoshobora gutuma ushikirwa n’ingorane canke ibigerageza ukwizera kwawe. Ariko ntuzoba uri wenyene. Imana na Kristu bazokwama bari hafi yawe kugira bagushigikire.—Flp. 4:13. w25.03 4 ing. 8-9

Siniruka . . . nk’uwutazi iyo aja.—1 Kor. 9:26.

Gusoma Bibiliya ni ikintu ciza. Ariko kugira bitugirire akamaro vy’ukuri hari n’ibindi dukeneye gukora. Reka tubitangire akarorero: Ibiterwa birakenera amazi y’imvura kugira bikure. Ariko igihe imvura iguye ari nyinshi mu mwanya muto, amazi arashobora kurengera isi. Igihe ibintu bimeze ukwo, imvura nyinshi nta kamaro igira. Biraba vyiza igihe imvura iguye ari nkeyi kugira amazi aje mw’ivu maze bitume igiterwa gikura. Muri ubwo buryo nyene, turakwiye kwirinda gusoma Bibiliya twihutagiza gushika aho tudashobora kuzirikana ku vyo turiko turasoma, kuvyibuka no kubishira mu ngiro. (Yak. 1:24) Woba umaze kubona ko hari igihe bishika ugasoma Bibiliya wihutagiza? None ni ibiki ukwiye gukora? Nusome buhorobuhoro kugira ushobore kuzirikana ku vyo uriko urasoma. Urashobora kwongereza umwanya wo kwiyigisha kugira uronke akaryo ko kuzirikana. w24.09 4 ing. 7-9

Mugamburukire ababaja imbere.—Heb. 13:17.

Igihe abakurambere bahawe ubuyobozi, barakwiye kubusoma bitonze bakongera bakihatira kubukurikiza. Ntibahabwa gusa ubuyobozi bw’ingene boshikiriza ibiganiro mw’ikoraniro be n’ingene botura amasengesho igihe baba baserukiye ishengero. Barahabwa kandi n’ubuvuga ingene bokwitwararika intama za Kristu. Abakurambere bakurikiza ubuyobozi butangwa n’ishirahamwe, baratuma abo bajejwe bumva ko Yehova abakunda be n’uko abitwararika. Igihe abakurambere baduhaye ubuyobozi, dukwiye kubukurikiza n’umutima ukunze. Ivyo bituma boroherwa no kurangura igikorwa bajejwe. Bibiliya ituremesha kugamburukira abatuja imbere no kubayobokera. (Heb. 13:​7, 17) Ariko rimwe na rimwe birashobora kutugora. Uti kubera iki? Kubera ko abo bagabo ari abantu badatunganye. Hamwe rero twokwibanda ku tunenge bafise aho kwibanda kuri kamere nziza zabo, twosanga dukamiye mu coze abansi bacu. Uti gute? Vyohava bituma dutangura no kwiyumvira nabi ishirahamwe ryacu. w24.04 10 ing. 11-12

Azotandukanya abantu.—Mat. 25:32.

Abantu bose bazopfa mu kiringo ca ya makuba akomeye, boba bazogenda akagirire, ata cizigiro co kuzuka? Bibiliya iratomora neza yuko abarwanya Yehova n’ibigirankana, abo we n’ingabo ziwe bazohonya kuri Harumagedoni, batazozuka. (2 Tes. 1:​6-10) Abandi bantu bobo bizobagendera gute? Nk’akarorero abicwa n’indwara canke ubusaza, amasanganya, canke abicwa n’abandi bantu. (Umus. 9:11; Zak. 14:13) Bamwe muri bo, boba bazoja mu mugwi w’«abatari abagororotsi» bazozukira mw’isi nshasha? (Ivyak. 24:15) Nta vyo tuzi. Ariko hari ibintu bitari bike tuzi ku bijanye n’ibizoba muri kazoza. Nk’akarorero, turazi ko kuri Harumagedoni abantu bazocirwa urubanza hisunzwe ukuntu bazoba barafashe benewabo na Kristu. (Mat. 25:40) Vyongeye, abazokwitwa intama, ni abazoba barashigikiye Kristu n’abayoboke biwe barobanuwe.—Ivyah. 12:17. w24.05 10-11 ing. 9-11

Yehova ni muzima! Nashemezwe we Gitandara canje! Imana y’ubukiriro bwanje nishirwe hejuru!—Zab. 18:46.

Bibiliya ivuga ko tubayeho mu «bihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.» (2 Tim. 3:1) Uretse ingorane zishikira abantu muri rusangi, abasavyi ba Yehova babwirizwa kandi kwihanganira ukurwanywa n’uruhamo. None ni igiki gituma tuguma dusenga Yehova naho dushikirwa n’ingorane? Imvo imwe ibituma, ni uko twiboneye ko Yehova adufasha kandi tukaba tuzi ko ari «Imana nzima.» (Yer. 10:10; 2 Tim. 1:12) Yehova arabona ingorane zose zidushikira kandi yama yipfuza kudufasha. (2 Ngo. 16:9; Zab. 23:4) Kubona ko Yehova ari Imana nzima birashobora kudufasha kwihanganira ingorane zose zidushikira. w24.06 20 ing. 1-2

Inzira y’abagororotsi imeze nk’umuco wo mu gatondo ugenda urushiriza gukayangana gushika hakeye neza.—Imig. 4:18.

Turakwiye kuguma twizigira ishirahamwe rya Yehova. Igihe bigaragaye ko hari igikeneye guhindurwa mu kuntu dutahura ukuri kwo muri Bibiliya canke mu kuntu igikorwa cacu gitunganijwe, abatuja imbere ntibareka kugihindura. Ivyo babigira kubera ko ahanini bipfuza guhimbara Yehova. Vyongeye, barakora uko bashoboye kwose kugira ngo bafate ingingo zishingiye kw’Ijambo ry’Imana, rikaba ari ryo citegererezo abasavyi ba Yehova bakwiye kwisunga. Intumwa Pawulo yatanze impanuro igira iti: «Amajambo ngirakamaro . . . ugume uyafata nk’icitegererezo urabirako.» (2 Tim. 1:13) Ico ‘citegererezo c’amajambo ngirakamaro’ ni inyigisho abakirisu bisunga dusanga muri Bibiliya. (Yoh. 17:17) Izo nyigisho ni wo mushinge w’ibintu vyose twemera. Ishirahamwe rya Yehova ryaratwigishije kwumira kuri ico citegererezo. Tugumye tubigira tuzororanirwa. w24.07 11 ing. 12-13

Yehova . . . yihanganiye mwebwe kuko adashaka yuko hagira n’umwe ahona, ahubwo ashaka ko bose baronka akaryo ko kwigaya.—2 Pet. 3:9.

Intumwa Petero ubwiwe amaze gutahura icigwa c’uko umuntu yigaye ababarirwa, yari ashoboye kucigisha abandi. Gatoyi inyuma y’umusi mukuru wa Pentekoti, Petero yarashikirije insiguro isinzi ry’Abayuda batemera Yezu, arabereka uruhara bagize mu kwica Mesiya. Naho ari ukwo, abigiranye umutima mwiza yaciye abahimiriza ati: «Nimwigaye rero kandi muhindukire kugira ibicumuro vyanyu bihanagurwe, maze ibiringo vy’ukuruhurirwa bibone kuza bivuye kuri Yehova ubwiwe.» (Ivyak. 3:​14, 15, 17, 19) Petero rero yari yerekanye ko igihe umucumuzi yigaye aca ahindukira, ni ukuvuga ko ahindura ivyiyumviro n’ibikorwa bibi yahoramwo, agatangura gukora ibihimbara Imana. Petero yarababwiye kandi ko Yehova yohanaguye ibicumuro vyabo, akabizimanganya. Ese ukuntu ivyo biduhumuriza bishitse tugakora igicumuro, mbere n’aho coba gikomeye! w24.08 12 ing. 14

Mu buzima bwanyu ntimurangwe no gukunda amahera.—Heb. 13:5.

Nimba twizera tudakeka ko Yehova agiye gukuraho iyi si mbi, bizotuma tutabona ko kugira amahera menshi canke ibintu vyinshi vy’umubiri bihambaye cane. Mu kiringo c’amakuba akomeye, abantu «bazoshiburira ifeza zabo mu mabarabara» kubera ko bazokwibonera yuko «zaba ifeza zabo canke inzahabu zabo, [a]ta na kimwe kizobakiza ku musi w’uburake bwa Yehova.» (Ezk. 7:19) Aho gukora cane kugira twirundanirize amahera, turakeneye gufata ingingo zidufasha kuronsa imiryango yacu ivyo ikeneye be n’ivyo ubwacu dukeneye, hamwe n’izidufasha gukorera Yehova. Ivyo twobigira mu kwirinda amadeni adakenewe canke kumara umwanya munini turiko turitwararika ivyo dutunze. Turakwiye kuba maso ntiduhave dusanga dusigaye tubona ko ivyo dutunze ari vyo bihambaye cane mu buzima bwacu. (Mat. 6:​19, 24) Uko turushiriza kwegereza iherezo ry’ivy’iyi si, tuzobwirizwa guhitamwo nimba tuzokwizigira Yehova canke ivyo dutunze. w24.09 11 ing. 13-14

Uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe.—1 Kor. 10:12.

Hariho ubugoyagoye bumwebumwe usanga dushobora gutsinda burundu. Ariko rero hariho n’ubundi usanga butubera rutarara. Raba akarorero k’intumwa Petero. Yarihakanye Yezu incuro zitatu zose, kubera gutinya abantu. (Mat. 26:​69-75) Mu nyuma, igihe Petero yarengutswa imbere y’Inama nkuru maze agashinga intahe ikomeye, wamengo yari yaratsinze iyo ngorane yo gutinya abantu. (Ivyak. 5:​27-29) Ariko rero imyaka mikeyi inyuma y’aho, yarahagaritse gatoyi gusangira n’abakirisu b’abanyamahanga «kubera [gu]tinya abagenyerewe.» (Gal. 2:​11, 12) Bwa bwoba bwa Petero bwari bwagarutse. Birashoboka ko atigeze abutsinda burundu. Natwe twoshobora gushikirwa n’ikintu nk’ico. Ariko turashobora kurwanya ingeso iguma ivyura umutwe mu gukurikiza impanuro Yezu yatanze yo ‘kuguma turi maso.’ (Mat. 26:41) N’igihe uba wumva ko ufise ukwizera gukomeye, nubandanye kwirinda ibintu vyotuma ugwa mu nyosha mbi. Nubandanye gukora ibintu vyagufashije gutsinda ubugoyagoye wari ufise.—2 Pet. 3:14. w24.07 18-19 ing. 17-19

Yatanze ingabire zigizwe n’abagabo.Ef. 4:8.

Nta muntu n’umwe yigeze agira umutima wo gutanga nka Yezu. Igihe yari kw’isi, yarakoze ibitangaro kugira ngo afashe abandi. (Luka 9:​12-17) Ingabire iruta izindi yaduhaye ni ubuzima bwiwe yatanze kugira ngo aducungure. (Yoh. 15:13) Kuva inyuma y’izuka ryiwe gushika n’ubu, aracabandanya kudufasha. Nk’uko yabisezeranye, yarasavye Yehova ngo aduhe impwemu nyeranda yiwe kugira ngo itwigishe yongere iduhoze. (Yoh. 14:​16, 17, akajambo k’epfo; 16:13) Vyongeye, Yezu abicishije ku makoraniro twama tugira, arabandanya kuturonsa ivyo dukeneye vyose kugira ngo duhindure abantu abigishwa hirya no hino kw’isi. (Mat. 28:​18-20) Intumwa Pawulo yavuze ko Yezu amaze kuduga mw’ijuru, «yatanze ingabire zigizwe n’abagabo.» (Ef. 4:​7, 8) Pawulo yavuze ko Yezu yatanze abo bagabo kugira ngo bafashe amashengero mu buryo butandukanye. (Ef. 1:​22, 23; 4:​11-13) Ego ni ko abo bagabo ni abanyagasembwa, bakaba rero bakora amakosa. (Yak. 3:2) Naho ari ukwo, Umukama wacu Yezu Kristu arabakoresha kugira ngo badufashe, akaba ari co gituma ari ingabire yaduhaye. w24.10 18 ing. 1-2

Ugutahura . . . [kuzokuzigama].Imig. 2:11.

Dawidi yabwiye umuhungu wiwe Salomo ko yororaniwe ari uko agumye agamburukira Yehova Imana. Ariko ikibabaje, Salomo amaze gusaza yaratanguye gusenga izindi mana. Yehova ntiyabandanije kumushima kandi yaciye ahagarika kumuha ubukerebutsi bwamufasha kuyobora abantu mu buryo bwiza kandi buzira akarenganyo. (1 Abm. 11:​9, 10; 12:4) Twohakura icigwa ikihe? Nitwagamburuka bizotuma Yehova aduhezagira. (Zab. 1:​1-3) Ni ivy’ukuri ko Yehova atadusezeraniye kuduha ubutunzi no kuba ba rurangiranwa nka Salomo. Ariko nitwagamburukira Imana, izotuyobora yongere iduhe ubukerebutsi buzodufasha gufata ingingo nziza. (Imig. 2:​6, 7; Yak. 1:5) Impanuro Yehova aduha zirashobora kudufasha igihe dufata ingingo zijanye n’akazi twokora, amashure twokwiga, ingene twokoresha amahera hamwe n’ingene twohitamwo uburyo bwo kwisamaza. Nitwashira mu ngiro impanuro Imana iduha, tuzogiranira na yo ubucuti bwiza kandi tuzokwironkera ubuzima budahera. (Imig. 2:​10, 11) Tuzoronka abagenzi beza kandi tuzogira agahimbare mu muryango. w24.11 10-11 ing. 11-12

Musuzume ibintu vyose, mwumire ku vyiza.—1 Tes. 5:21.

Abavyeyi barafise uturyo dutandukanye two kuyaga n’abana babo ibijanye na Bibiliya canke ibijanye n’ukwemera Imana. Ivyo boshobora kubigira nk’igihe bagendeye iratiro ry’ivya kera. Woshobora kwereka umwana wawe ibintu bijanye na kahise canke utugenegene twa kera, bishobora gutuma arushiriza kujijuka ko ivyo Bibiliya ivuga ari ukuri. Mbega umwana wawe yoba azi ko izina ry’uruharo ry’Imana riboneka ku gisate c’ibuye kimaze imyaka 3.000 gikunze kwitwa ngo Ibuye ry’i Mowabu (La stèle de Mésha)?Igishushanyo c’iryo buye turagisanga mu gice citwa ngo «Bibiliya be n’izina ry’Imana» co mw’iratiro ryo ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, i Warwick muri New York. Ivyanditse kuri iryo buye birerekana ko umwami Mesha w’i Mowabu yagararije Isirayeli, kandi ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya ivuga. (2 Abm. 3:​4, 5) Umwana wawe niyibonera ibimenyamenya bimujijura ko Bibiliya ivuga ukuri, ukwizera kwiwe kuzorushiriza gukomera. w24.12 14 ing. 4; 15 ing. 6