Ivyahishuriwe Yohani 12:1-17

  • Umugore, umwana w’umuhungu hamwe n’igisato (1-6)

  • Mikayeli arwana na ca gisato (7-12)

    • Ca gisato gikororerwa kw’isi (9)

    • Shetani arazi ko asigaje igihe gito (12)

  • Ca gisato gihama wa mugore (13-17)

12  Maze mbona ikimenyetso gikomeye mw’ijuru: umugore+ yambaye izuba, munsi y’ibirenge vyiwe hari ukwezi, kandi yari afise ku mutwe urugori rw’inyenyeri 12.  Yari yibungenze kandi yariko araboroga cane kubera yariko arababazwa n’ibise.  Mbona ikindi kimenyetso mw’ijuru: igisato kinini c’ibara risa n’umuriro+, gifise imitwe indwi, amahembe cumi n’ingori indwi ku mitwe yaco.  Umurizo w’ico gisato uca ukwega ica gatatu c’inyenyeri+ zo mw’ijuru, uzikororera kw’isi+. Ico gisato kiguma gihagaze imbere y’uwo mugore+ agira yibaruke, kugira ngo yibarutse gice kirotsa umwana wiwe.  Araheza avyara umwana w’umuhungu+ azoragiza amahanga yose inkoni y’icuma+. Ubwo nyene umwana wiwe aca ajanwa ku Mana no ku ntebe y’ubwami yayo.  Uwo mugore na we aca ahungira mu bugaragwa, ahantu Imana yamuteguriye kugira bamugaburire imisi 1.260 ari ng’aho+.  Haca haduka intambara mw’ijuru: Mikayeli*+ n’abamarayika biwe barwana n’ico gisato, ico gisato na co kirwana kiri kumwe n’abamarayika baco.  Ariko ntivyanesheje*, kandi mw’ijuru ntihasubiye kuboneka ikibanza cavyo.  Ca gisato kinini+ rero gikororerwa hasi, ya nzoka yo mu ntango+, iyitwa Mubesheranyi*+ na Shetani+, umwe azimiza isi yose+. Akororerwa kw’isi+, n’abamarayika biwe bakororanwa na we. 10  Nca numva mw’ijuru ijwi rirenga rivuga riti: «Ubu rero harashitse ubukiriro+, ububasha n’Ubwami bw’Imana yacu+ n’ubushobozi bwa Kristu wayo, kuko uwagiriza benewacu yakororewe hasi, umwe abagiriza imbere y’Imana yacu+ ijoro n’umurango! 11  Baramutsinze+ kubera amaraso ya wa Mwagazi w’intama+ n’ijambo ryabo ryo gushinga intahe+, kandi baremeye guheba ubuzima bwabo+ n’igihe baba bahanganye n’urupfu. 12  Nimuhimbarwe rero mwa majuru namwe abayabamwo! Haragowe isi n’ikiyaga+, kuko Shetani* yabamanukiye afise ishavu ryinshi, azi ko asigaje igihe gito+ 13  Ca gisato kibonye yuko gikororewe kw’isi+, gica gihama wa mugore+ yavyara umwana w’umuhungu. 14  Ariko uwo mugore ahabwa amababa abiri y’inkona nini+, kugira aguruke aje mu bugaragwa mu kibanza yateguriwe kure ya ya nzoka+, maze agaburirirweyo igihe n’ibihe n’igice c’igihe*+. 15  Iyo nzoka ica isuka inyuma y’uwo mugore amazi ameze nk’uruzi avuye mu kanwa kayo, kugira atwarwe n’urwo ruzi. 16  Ariko isi itabara uwo mugore, yugurura akanwa kayo, imira rwa ruzi ca gisato casuka. 17  Ico gisato gica gishavurira cane uwo mugore, maze kija kurwanya abasigaye bo mu ruvyaro* rwiwe+ bubahiriza amabwirizwa y’Imana kandi bagakora igikorwa co gushingira intahe Yezu+.

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «ni nde ameze nk’Imana?»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ariko caraneshejwe.» Ni ukuvuga ca gisato.
Mu kigiriki havuga ngo «kuko wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
Ni ukuvuga ibihe bitatu n’igice.
Mu kigiriki havuga ngo «mu rubuto.»